IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukozi w’igendereza yemeza ko yakoreshejwe mu bwicanyi bw’Ababikira (...)

Umukozi w’igendereza yemeza ko yakoreshejwe mu bwicanyi bw’Ababikira b’Abatariyanokazi

lundi 30 Ntwarante 2015, par Egide N

Inyuma y’umuporisi azwi kw’izina rya "Mwalabu" aheruka kwiyemerera ko ari mubishe ba babikira b’Abatariyanokazi, hari uwundi uwundi agira kabiri yiyemereye ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi bwakorerwa Ababikira batatu b’Abatariyanokazi ko kuri Paruwasi Guido Maria Conforti mu Kamenge.

Juvent NDUWIMANA yahoze mw’ishamba, inyuma y’amasezerano y’uguhagarika intambara akaba yarasubijwe mu buzima busanzwe, mu nyuma akaba yahavuye asubizwa mu gisoda, ariko kubera amakosa akaba yahavuye yirukanwa, yemeza ko asigaye akorera urwego rw’igendereza ry’Uburundi, akaba yiyemerera ko yakoreshejwe mu bwa bwicanyi bwakorerwa ababikira batatu b’Abatariyanokazi. Uwo avyiyemerera akaba yari yaranavuzwe n’umwe "Mwalabu", uwari yahaye ikiganiro RPA avuga uko ubwo bwicanyi bwateguwe n’ingene bwashizwe mu ngiro.

JPEG - 165 ko
Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75

Juvent NDUWIMANA avuka muri TEZA mu Kamenge, nk’uko avyivugira, amenyesha ko we n’umuporisi "Mwalabu" batanguye kumutumako mu ntango z’ukwezi burya bwicanyi bwabereyemwo, akaba yitavye Major Joseph Niyonzima batazira "Kazungu", bajana ari babiri n’uwo "Mwalabu" kuko ari nawe yamubwiye ko bamutumyeko, hari ico bamukenereye.
Bompi basanze Major Joseph Niyonzima batazira "Kazungu" aho yariko arubakisha inzu, inyuma ya Sokariti, bavugana ari batatu gusa, ababwira ko mu masaha aza kuza, ahava abarondera, ariko ntibabwirwa igikorwa bahava bahabwa. Bagumanye amakenga, ariko umwe muribo (Mwalabu) akaba yari yamaze kubwirwa na "Kazungu" ko ivyo bashaka gutumwa bifitaniye isano n’ababikira b’abazungukazi boba bafise ivyo bazi mu bikorerwa muri Congo.

Inama ya mbere ya bose yabaye igenekerezo rya 6 Nyakanga 2014, ikaba yabereye mu bunywero "Iwabo w’abantu" bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, nawe nyene yari muri iyo nama. Abandi bari bayitavye akaba ari Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge, umuporisi Ayubu, hamwe n’umuzungu azwi kw’izina rya Claudio Marano yahora arongoye ikigo Centre Jeunes Kamenge, ariko uwo avuga ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi akemeza ko Claudio Marano atamaze umwanya munini muri iyo nama.

JPEG - 33.1 ko
Guillaume Harushimana (i bubamfu), ari kumwe na Claudio Marano (i buryo), izina rishasha ryavuzwe muri ubwo bwicanyi

Juvent NDUWIMANA amenyesha ko iyo nama yabaye we na "Mwalabu" bari ukwa bonyene ku ruhande, mu nyuma "Kazungu" ari kumwe na Guillaume Harushimana baca barabahamagara bababwira ko igikorwa bagira bahabwe ari ico kugandagura ababikira Lucia, Olga na Bernadetta.

Tubamenyeshe ko uwo Juvent NDUWIMANA yahoze mw’ishamba. Naho inyuma y’amasezerano y’uguhagarika intambara yasubijwe mu buzima busanzwe, mu nyuma yahavuye asubizwa mu gisirikare c’Uburundi, ariko kubera amakosa akaba yahavuye yirukanwa mu gisirikare. Juvent NDUWIMANA abandanya avuga ko yaciye aguma akoreshwa mu bindi bikorwa yita ama "Missions", nk’iyo hari nk’ibikorwa vy’ubwicanyi bakaba bamwikorako. Mu bakunda kumutumako bamuha ibikorwa akavuga Général Adolphe Nshimirimana, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira "Ndakugarika". Juvent NDUWIMANA akaba ubu ari muri muri AMISOM, mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro muri gihugu ca Somaliya.


IGIHE

Messages

  • NABANDIBAZIVUGADUKOMEZE.IROZARI.NARABABWIYEKOAMARASOAHUMA

  • mbe baribazi ko Imana yapfu canke baribaziko biremye Imana irahari kandi ntamusi Imana iheba uwayo kirazira.nibarindire Imana igombe yisure abasenzi hama murabeko nabandi biswe bagiyekumenyekana ababise nabarase umutambukanyi wa Rwasa igiye kwivuga ubunyene atamisi iheje muzombwira .

  • KURA IYO REMENTANYA RUGURIKA AMAHERA UHERUKA KURIRA MURI PRISON ARATANGUYE KUGABANUKA NONE UBU UGOMBE UFONDE IBINDI ABATABIZI BAGIRE NGO SI IMITWE WATOYE YO KWIRIRA IKASHI...ARIKO TWARAGUHINYUYE.
    AYO MA REMENTANYA TURAYANSE GOSE UREKE KUDUCAFURIZA ABO BATAMA ABCU SHA.

  • Twese iyotuba tudafise Ubuntu ibibitubatubikora duhawakasi numukuru wibibi Satani nabodukoresha mubibi ntibabuze kandisabogusa mwibasiye muhoramuririmba nabamwe murabi bigira abagororotsi uwutazobirinda azogiraguti asange bamuhayakazi kogukora amabi,ariko uragowe wewe wemera ugahabwa akazinkako ukagakora maze waheza kugakora ugaca ujakwigamba ngonijewe batumwe kwica abanabariya iyabavyukuri warumuntu uduhinkuru zamahoro ubutubwirango barantumye kwica bantuze ndabankira atubu iyonavyemera ntibababakiriho , nonemuza kudushinyagurira mwarahejeje kuduhekura canke mwarahejeje gukoribara! Ivyovyokudondagura ngomwahuriye nabariya ngomwi restura nahobubaka nahandi mushoboraguhurirayo atarimvo yokwicana ivyontabwo twobifata kwaribimenyetso simusinga, ahubwo ibimenyetso simusiga kukowewe urumwicanyi ruharwa mbere sabogusawishe wuzuye amaraso yabeshi, ndarangizandababwirako gukoreshwa nantuze ukemera ugakora ibibi canke ivyiza birahezabigaharurwa kuriwewe kandi igihe abemera gukoreshwa bozabarabanza gushiramungiro ivyobatumwe hanyuma bakabona kuzakuvuga ababatumye twobatugowe! Ivyiza bogutuma ukabihakana, ariko ndaziko bagutuma kuberabababaziko urumwicanyiruharwa. Hanyuma kurindakuvuga koyahoze mwishamba ntibikenewe kuvugakoyahozemugisirikare vyaribitosheje kiretse nimbamushaka kutesha icubahiro abahoze mw’ishamba nukuvuga uwowese yigeze mwishamba kandi numvarivyo mwashatse kwerekana kuko simbona kurindakuvugako yahoramw’ishamba icobishaka gusigura.

  • Baratuza arabizi na gaciyubwenge barabizi twarabonye mu kiganiro ingene yishuranye agahemo ngo abafise amakosa bazokorera mu burundi none bazonigagura abarundi ko ari abicanyi nibabazwe ingene bamurungitse hariya

  • ewe yemwe ndasubiye kubona uwapfuye? HARUSHIMANA? Kuko abo babikira barasinziriye

  • hahahahah bariyindya yomurugombeko nabado Imana izobandanya ibagaragaza mumisi mikeyi na Adolphe azishikana mwisi rya Yesu

  • Apu iyo n inzara iriko ibavugisha aya muhe ivyo sivyo utwo nutwo yaterewe mukanwa

  • Reka ONU yivugire ko basigaye barungika abicanyi muri Somalia, ntibitangaje kwumva bagirizwa gufata ku nguvu abagore.Mwe munyumvira vyumvikana umuntu yirukanywe mu gisirikare ashobora kurungikwa mu mahanga kugarukana umutekano?Peter sikudanganyi utatoka vibaya! Iyo mana usenga tuzoyibona.

  • nabadoooooooooooo les DD VONT moURRIR mutaharisha narababwiye ko namaze kurondera umwino wokwina aba DD Bbabicanyi

  • uzobonibara wamuntu wagirizwa amaraso yutacumuy?umve imana ntikina mwemurindire abagotomera amaraso yabandi nkukunywisosi yaho iwabo n’abantu ukobanywayabandi’ndetsembere ahobanywera ayabandi nihoyabo azonywererwa.mwibuke ivya ezeberi na naboti

  • uzobonibara wamuntu wagirizwa amaraso yutacumuy?umve imana ntikina mwemurindire abagotomera amaraso yabandi nkukunywisosi yaho iwabo n’abantu ukobanywayabandi’ndetsembere ahobanywera ayabandi nihoyabo azonywererwa.mwibuke ivya ezeberi na naboti

  • None ko hamaze kuboneka abemanga ico caha kuki batabakorerako ngo bafatwe?iyo biriko biravugwa womenga si abantu bapfuye ahubwo hapfuye utuyabu natwo nyene tutagira shebuja.ubucamanza nibukore igikorwa cabwo.

  • muzogeza ryari kwa muremtanya ago mafaranga muguma musesagura muha abantu NGO mpaka mutabaye babashirwa beguye ntimuzoruhuka nimuyafashishe abanyagihugu bariko baricwa nizara emwee mwarakenyeye ziraguma kwisi nihe mwabonye umuntu yaduka NGO narishe atawamubonye atanubutungane buriko buramukwirikirana iyo ninkina mico mwarabonye koturi ibijuju kabisa

  • muzogeza ryari kwa muremtanya ago mafaranga muguma musesagura muha abantu NGO mpaka mutabaye babashirwa beguye ntimuzoruhuka nimuyafashishe abanyagihugu bariko baricwa nizara emwee mwarakenyeye ziraguma kwisi nihe mwabonye umuntu yaduka NGO narishe atawamubonye atanubutungane buriko buramukwirikirana iyo ninkina mico mwarabonye koturi ibijuju kabisa

  • Ukubabara, ugupfa n’ukuzuka vya Yezu bitwigisha iki muri kino gihe kitoroshe mu Burundi ?
    Twinjiye mu ndwi nyeranda, aho Yezu Kristu Nkurunziza (Mariko 1,1) yinjira mu bubabare, agatukwa, agacirwa urubanza n’imice itari mike y’abantu. Jewe rero ngire nibande ku bantu bavurwa mu bubare bwa Yezu. Aba mbere tubona ni abatumwa biwe, muribo hari uwuza kumugurisha ariwe Yuda Isikariyoti. Naho abagirira umusi mukuru bagasangira, ingingo yafashwe yokumugurisha. Ariko uwo muntu aza gutuma Umwana w’umuntu agurishwa aragowe (Mariko 14,21). Yezu aguma akora n’aho azi ibiriko biramushikira, agira ukaristiya (Mariko 14,22-25) bishobotse agaceceka gushika naho agacerere kiwe kababaza abatari bake (Mariko 15,4-5). Arazi kandi ko bamwe mubo bagendana bamwihakana (Mariko 14,26-31). Yuda yifatanije n’abitwaje ibirwanisho bahawe n’abaherezankuka bakuru. Benshi baramubeshera bikemerwa naho ivyo bamwagiriza bitahura (Mariko 14,56). Ariko umwe mu begereye Yezu yasohoye inkota yiwe aca ugutwi umwe mubari barungitswe n’abaherezankuka bakuru. Uruhigi rwari ruhindukiye iyo Yezu adaca asukamwo mabisi : « Subiza inkota mu rwubati » (Yohani 17,11).
    Abakabiri ni Abaherezankuka bakuru baciriye urubanza Yezu naho basanze batabifitiye ububasha. Ikimenyamenya ni uko baciye bamushorera kwa Pilato (Mariko 15,1). Bavuga kandi ko bamushengeje kwa Pilato kubera ishari (Mariko 15,10) banakoresha nabi ubusha bafise bosha ishengero ngo baremere umucamanza Pilato abashirire aho bashaka (Mariko 11-15).
    Abagatatu bagize uruhara mw’iyicwa rya Yezu ni abasirikare. Barazwi mu kahise k’Uburundi sinirirwa ndabavuga ko vyinshi. Uwubishaka arabaza ababonye ayagowe Umwami w’Uburundi n’abogeje ikiziga ca Ndadaye Melchior. Bamwe baramaze n’ukwerekana aho bahagaze muri izi ngorane Uburundi burimwo. Hari n’abandi babigiyemwo kandi barihitira nk’Umunyasireni yitwa Simoni (Mariko 15,21) canke barya bagenda baramutuka, bazunguza umutwe (Mariko 15,29). Sinokwibagira abari babambanywe na Yezu, ababirabira kure nk’abagore hamwe n’abandi bashingantahe nka Yozefu w’i Aremateya yasavye Pilato ikiziga ca Yezu. Novuga iki ku makungu yabimenye kuko yasomye ivya Yezu mu gihebereyi, mu kiratini no mu kigiriki ? (Yohani 19,20) None muri ibi biriko birashikira Uburundi bwacu woba uri Yezu atukwa, abesherwa ? woba uriko uraca imanza kandi utabifitiye ububasha ? woba uri Yuda ? woba uzogera aho wiyahura ?(Matayo 27,3-10) woba uri Petero yihakana Yezu ? woba uriko urumira kuri Yezu ? woba ubabazwa n’agacerere ka Yezu ? woba uriko urarementanya ibitagira umutwe n’amaguru ?... Nsozere ndakwipfuriza indwi nyeranda kandi ndirimbana nawe kano karirimbo ka Pasika : « Bari bagize ngo napfe napfe, bagahimbarwa agandaguwe, barabe bashirwe yarapfuye none yizuye mu bapfuye ».

  • RUGURIKA RERO NIBAMWAMBIKE IZERA.ARIKO SINZI KO BIZOKWOROHA MBONA NA MBONIMPA BATARABIMUKORERA KANDI IVYO YAVUZE VYARIGARAGA BAMWE BARI KIRIBA BARAJE TUKABABONA.MBE GA BASHA UBU RETA NTIYOKWIKUBITA AGASHI?

  • Ni muvuge make mureke kurementaniriza abantu. Mbe ivyo muvuga mubeshera abantu uwo muntu ko mutamuzana ngo tumubone. Mama muja no kubeshera BUYENGERO ngo yarimwo nawe kuko yipfiriye. None ubu naho mwadukanye Claudio. Canke nuko adashigikiye ivyo ikibiri gikora? mugabo murundi yarafashije kugira amahoro agaruke muri Quartier NORD. Yafasha bose ntiyacagura. Mbe NDADAYE yishwe nande ko abo bose muvuga ko batari ngaho nawe ko ataco muvuga. Aho numva mwokwitonda kandi ivyo ntimubifatanye n’intwaro yaba DDs kuko ntibijanye.

  • Jewe ndumva bisigubwenge bwumuntu ariko turindire itohoza rya ICT

  • IBI NAJYE N’UBWO NTARI UMURUNDI NDABIBONAMO AMAHINYU,UMUNTU ARIFATA AKEMERA KO YISHE ABANTU ATANUMUBAJIJE KANDI ARI MUKAZI RETA YAMURUNGITSEMO MUMAKUNGU!!!???, WABONA HARI AMAHERA ATUBUTSE BAMWEMEREYE N’UTUNDI TURUSHO NTAZI, UZIKO AVUGA NKUWIGAMBA KANDI ASHINYAGURA. IYINKURU IHISHE BYINSHI CYANE CYANE MURI IBIBIHE AMATORA YEGEREJE. NIHAKORWE ITOHOZA RIGARAGAZE UKURI NAHO IBIBYO BIRIMO IGIFUNGU.

  • Amatohozo N’abandanye Hama Abazofatwa Bazoshengezwe Bongere Bahanwe Hisunzwe Amategeko Kuko N’akamuna Kugandagura Abantu Boteje Imbere Igihugu N’abakimwo!

  • aba DD imitima yanyu sinziko novuga komwayikuyemwo!!!aho ntanisoni yokuvuga ngo muriko muraharirira abicanyi gusa!!ivyanyu bizobatekurukana

  • ivyo vyos nivy twokwita systeme zanyu zo kurwany ret muciy kumaradiyo nibimenyesh amakuru. Ivy muvuga hob bikang ab nyagihug twob twarahunze twese. Nimwihan iy mandat yirwanyu.

  • hamwe abo bantu bavugwa kubwo bwicanyi batofatwa igihugu twoba dukwiye kugihunga kuko twoba dusigaye tugowe kuko twoba dusigaye dukeregwa nkinka

  • @Niyonkuru Amani, banzurebe ahuri imbereyokuvugango igihugu dukwiye kugihunga, wewe ubwawe urumurindi ariko murikugihe ntubamuburundi nonengwigihu turakwiye kugihunga nawe ukishiramwo kandi usabzwe utakirimwo!

  • Nukuribirababaje Abantu baka abandi ubuzimabatarabubahaye bamenye iherezoryabanyakibi ririhafi

  • Jewe ndumva ubutungane bw’uburundi bufise abobwokorerako mugutohoza mbere nuguhana abagirizwa burya bwicanyi bwagahomera bunwa.abo bavuzw na Wwalabu nuwo Juvent ari Adolphe Nshimiriman,Gervais Ndirakobuca,nibarengutswe mubutungane,ninaho imyimenyerezo yomuri congo yomenyekana ico yarigamij!mbonimpa yapfunzwe abizira yezwe mbese yuhagirwe!Ariko mfise amakenga ko Juvent agira atahukanwe ubutarariye kubera yemeyeko yakoreshejwe muriburya bwicanyi ashobora #kwicwa nka #nzarabu!aba #ambassadeurs batarikanuye,uwishwe ni #juvent.erega abo bavuzwe baramaze kuba ibinywamaraso!nivyo abaseseye agatabiho!muzoba mumbwira!

  • Dusabak niyaz umutekan wiw uzokubahirizw, Niyagir ikibaz nib bazobibazw ku gatw kab

  • uwo mugore wuwo mwicanyi niwe agomba gutwara inama shingamateka?emwe abakozi b’imana nibakomeze gusenga. ariko bitebe bitebuke ukuri kuzotsinda ikibi gusa abwire uwo mugabo wiwe abe aritegura kuja mukaneke,uwo Mutama uti ntugire ubwoba abarundi beshi turagushigikiye.

  • Imana irafis ico izobaz abant bene abo

  • Amatohozantaraher.kubishe.ababiramukameng

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.