IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’ibohero rya Mpimba n’icegera ciwe batawe muri yompi

Umukuru w’ibohero rya Mpimba n’icegera ciwe batawe muri yompi

mardi 9 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Gregoire NIMPAGARITSE, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba hamwe n’icegera ciwe Sandrine KANYAMUNEZA batawe muri yompi, bakurikiranwa kubera umunyororo yahawe uruhusha rw’ukuja kwivuza, ariko mu nyuma agahava atoroka ntagaruke mw’ibohero.

Uwo munyororo umuyobozi wa Mpimba n’icegera ciwe bazira yafashwe yagirizwa kwinjiza ibirwanisho ku butaka bw’Uburundi, abikuye mu gihugu c’Urwanda. Yatorotse ibohero ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, akaba yari yahawe uruhusha rw’ukuja kwivuza hanze y’ibohero, kandi ntiryari ribaye irya mbere. Ariko ntiyabaye akigaruka.

Abo bayobozi ba Mpimba ntibafashwe bonyene

N’umukuru w’ivuriro ryo muri iryo bohero rikuru rya Mpimba, ariwe Angleberthe VYAMUNGU, nawe nyene yatawe muri yompi, azira itoroka ry’uwo munyororo n’ubu akironderwa..

Bose ukwo ari batatu bapfungiwe mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.