IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu amenyesha ko bagiye kwitaho gusumba ibikorwa (...)

Umukuru w’igihugu amenyesha ko bagiye kwitaho gusumba ibikorwa rusangi

jeudi 31 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko atanze ikigongwe ku bapfunzwe bose bamaze guciribwa imanza havuyemwo abagirizwa gufata ku nguvu,abakoze ubusuma bakoresheje inirwanisho,abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha hamwe n’abahungabanije umutekano.

Mw’ijambo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije abarundi ku munsi wo guhimbaza umwaka mushashaw’2016,umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta izobandanya ibiganiro bihuza abarundi bose,gutanga inyigisho zo gukunda igihugu,gutunganya neza ubutungane,guhuza amategeko n’ibihr turimwo,gukurikirana hafi ibikorwa vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,no kwitaho gusumba ibikorwa rusangi.

Muri iryo jambo,umukuru w’igihugu yasavye abakozi ba Reta kuguma ku kazi kuko imishahara izobandanya kuboneka,aca ashimira ikigo gitoza amakori OBR kuko ku mafaranga bategekanya gutoza barengejeko imiriyaridi 9.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta ishigikiye ubwigenge bw’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru,aca asaba ubutungane gukora mu maguru masha kugira ibimenyeshamakuru vyera bizotangure gukora mu minsi ya vuba.

Ku bijanye n’umutekano,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abajejwe umutekano kubandanya no kunyarutsa igikorwa co gukura ibirwanisho mu banyagihugu,abarundi nabo bitwararike kandi bakingire ibidukikije.

Umukuru w’igihugu yasavye abahunze gutaha mu gihugu c’amavukiro kugira baterere mu biganiro bihuza abarundi bose.

Umukuru w’igihugu yarangije amenyesha abarundi n’amakungu ko ata bikorwa vy’ubwicanyi n’ihonyabwoko biriko biraba mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Komera mutama, uwukwanka azokwandureko.

  • Komera mutama, abakwanka bakwandureko pee.

  • Komera mutama ndagushikiye kwi jambo ushikirije abarundi nabo aho Bari ndaba saba gukunda ababatwara ni gihugu cabo cabibarutse Kandi mwese mugire happy new year.

  • Ivyo ndavyemey mugabo leta ikwiy gukor uko bishobok ikagarukana impunz mugihugu.kuk ntakunt yotwar igihugu aband bakiri inyuma.urumv namakungu yokwikeka ibind.

  • irambire mutama ushaka kumva yumve utabishaka nawe nibimuraba. isinzi ryabanyagihugu rikurinyuma mpaka.

  • Umwaka mushyashya mwiza gusa ibyo umukuru w’ igihugu cy’ Uburundi yakoze abohora abari mumabohero nigikorwa kiza. ariko nagabanye imfu zabantu binzirakarengane zikomeje kuzira ubusa.Ibyo kuvuga ngo abahunze bose batahe ataravanaho ikibazo cyamoko ( ubwoko) nubundi bazongera batane mu mitwe.Nakureho ivangura abanyagihugu bose ababone kimwe .ashyireho nd, Umurundi nkuko mu Rwanda hariho ndi umunya Rwanda Uburundi buzona amahoro.

  • Ntitwararike Ibikogwarusangigusa Arabenabenegihugubirigwabarafa Arabeko Umutekano Ucungereweneza Dutanguranenabishasha

  • Nyen’icubahiro nakomere k’umuheto turamushigikiye.

  • Mutama Shimshikara Utuyobore.Tunabasaba Kuturonderera Umutekano Mugihugu Cose.Tunabasaba Komwokwigisha Abanyagihugu Kwitaho Umutekano.Ivyo Bikigisha Abanyagihugu Bose.

  • mutama ivyo umaze gukora ivyishi turabishim ukivug rimwe twumva 100% mumwak itanu tuzob tuhonyor hamw nabo batutsi biburay komera kwibanga wahaw nabarund imana inguhaz mubo yakuragije ok

  • Ibikogwa Rusangi Nivyiza Nuko Bikogwa Habanje Kurengwa Itegeko Ryakane Ry’Imana Bigakorwa Kw’isabato.

  • AMAHORO NAYO. MUGA NABANZE ADUHE UMUSHAHARA YEMEYE AHO TUZOCA DUSUBIRA KUMUTORA.

  • Ibikorwa rusangi got kumesa

  • non wunvis mutama niw yabajan barek gashiga yabajanye buca ibagarukan ubutarariy kazima wumvis uk yaray avuz haragez ko...,.

  • nyakubahwa. petero nkurunziza umukuru. wigihugu. cuburundi. ukaba numukozi. wimana ndabakeje cane kumigambi. idasanzwe mufitiye icogihugu. cacu cuburundi kandi ndabifurij. umwakamwiza.

    nyakubahwa. jwe ndavye uko ibintu. vyagiye biragenda mugihugu guhera mukwezi 4/2015. gushika unomusi ukaba ukirikungoma. vyukuri nibakureke. wiyoborere

    kuba. iryanama rukokoma yariyakozwe nibihugu. bimwebime vyibihangange kwisi. yokukuvanaho kunguvu. nkuko bagize kadafi hari ibihugu. vyishi cane vyibihangange vyaciye bikuvugira. mbere bitako biratanga gasopo idasanzwe yokudahirahira ngo bakugwanye kuva icogihe ibihugu Vyinshi cane vyahise bitinya cdd fdd . nukuri jw ndemerako wimitswe nimana.

    mugabonaho mbona mwakajije icyumutekano mugihugu cose raba vm mugwize ubuzi mugihu kugirango. ivyobishomeri vyize bironke icobikora vyitunge kandi nababahenda ntibazaronka. ahobamenera.

    tahukanavuba. izompuzizose. bagaruke twubake igihu geregeza m ushire kumurongo abobose umurengwe wafashe basigaye bitwara mkivyihebe ekambere nabahungiyehanze bafite umurengwe wokugaruka kudurumbanya. umutekano mubasangeyo mubacure mukoresheje inzira zose murekuriwe namategeko

    iyo ufise Ababa cumin 10 hakavamwo 2 bacika ibirara nivyizako ivyobirara 2 ubikura mwabo 8 beza kugirango ukingir abataraba ibirara.

    hanyuma mutama tangura mushire mungiro imigambi yanyu mwiyemeje kudukorera mutibagiye cakibuga mpuzamakungu cindege cibugendana hamwe naryabarabara ryindarayi mwatwemerera. mwiyimyaka itanu hanyuma we we nareta urongoye mukurikize icivugo ngo:" DUKORA DUSENGA DUSENGA DUKORA": :"mwirinde amajambo menshi . mugwize ibikogwa kuko. abakeba nabatovyi bazoguma bashaka kwonona imigambi yanyu nokubasamaza kugira mute success kuri bene burundi namakungu murakoze.

  • YAVUZE UKURI NYAKWUBAHWA KUKO IBIKORWA RUSANGI NINGENZI MWITERAMBERE

  • nyenicubahiro pierre nkurunziza,ndamwipfurije umwaka mwiza canee,nokutuyobora neza muri uyumwaka naho hariho abatovyi,reka tubihereze imana imuhe ishaka nkiryo yatanguranye agitorwa nabanyagihugu,nimba ukunda igihugu nu ugitwara nabanyagihugu ndusenge tuvuge amen,,

  • Nonese ko perezida asaba abarundi gutaha abandi akabizeza ibitangaza kandi ko twumva ubwicanyi bugikorwa muburundi aho ibyo avuga nuku ese petero nkurunziza aremerako ziriya ngabo bazohereza muburundi gucunga umutekano

  • Jewe mbona atanyungu nimwe ivyo bikorwa vyiwe biriko biratuzanira atari ingorane za kazoza,kugwiza amashure abayizemwo baheza ngo ntakazi bazobaha nukwirirwa akoresha abanyagihugu kunguvu,ewe farawo reka kwicisha ubwoko bw’Imana umuruho ,inzara n’ubukene ubicishije ntivyari bikwiye

  • ese .umukuruwigihuguyoreste .abandibagatwarajewendayinibereyekenya ,arikoumukuruwigihugu yisubirekononeabarundibazohungakugezakumperayisi?.

  • nanje icyombona nuko yorekura igihugu

  • None,kubonabarengejeko,amafaranga,meshi,nibwobutunzi;canke,urumva,atarubugome,bukabije,mbegareta;yuburundi;ha_birambembone

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.