IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarishikiye kuraba ivyashitse kw’isoko nkuru ya (...)

Umukuru w’igihugu yarishikiye kuraba ivyashitse kw’isoko nkuru ya Bujumbura

lundi 28 Nzero 2013

Mu gihe isanganya ry’umuriro ryadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura ryabaye umukuru w’igihugu ari mu rugendo, mu nama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Ethiopie,amaze kuvyumva yaciye ahagarika urugendo rwiwe aratahuka mu gihugu ,akaba yaciye ashika ahabereye iryo sanganya.

Umuriro wadutse mu gitondo,ntiwari bwazime wose gushika ku mugoroba aho umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, yashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura.Aho ashikiye ,yavuze yuko uko abarundi bavyifashemwo vyerekana ko bashoboye kurengera ingorane,yaranamenyesheje kandi ko atari ubwa mbere u Burundi bugira ingorane ,ko bwaciye no mu bibazo bikomeye kuruta ivyo.

JPEG - 68.4 ko

Igikenewe rero ngo ni uko abarundi boshira inguvu hamwe kugirango bashobore kurengera ivyabaye kandi bubakire hamwe igihigu.Ati:« Dutanguye urugendo rurerure kandi rurimwo ingorane nyinshi,ariko dushize inguvu hamwe,turashobora kuva muri bino bibazo.»

Umukuru w’igihiugu yarashimiye inzego z’igihugu ko bitanze kugira bashobore gutabara no kuzimya umuriro ahereye ku nzego z’igipolisi, n’igisirikare n’abategetsi batandukanye,n’abanyamigambwe bagumyeho kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.

JPEG - 68.8 ko

Pierre Nkurunziza kandi yarashimiye igihugu c’u Rwanda abicishije ku mukuru w’igihugu Paul Kagame,we yumvise ibihejeje kuba agaca asaba ko barungika indege ngo ize gufasha kuzimya.yaranashimiye abakuru b’ibihugu bari kumwe mu nama i Addis Abeba,ngo kuko bakiranye umubabaro ibihejeje gushikira u Burundi bakemera no gufasha.

Yamenyesheje kandi ko u Burundi buhahombeye vyinshi,ati ubutunzi bw’igihugu burahahombeye,ariko umukuru w’igihugu akaba yizeye ko ivyo abarundi batakaje muri iryo sanganya bashobora gusubira kubironka mu mwaka canke mu myaka ibiri.

foto:iwacu-burundi


Marie Claire Ingabire

Messages

  • ngo sibwambere baciyemwo uko niko wohumuriza umuntu wumupfakazi yarareze impfuvyi wenyene atanakimwe yakuyemwo kubwamafuti yigipolisi na leta yuburundi???je hariho amajambo andengera adakwiye kuvugwa bivuye kugihe abantu baba barimwo!!ntiwobwira nkumuntu yabuze umuntu ngo nibisazwe nokwanaka hariho uwapfuye cnke ngo subwambere ubura!!!muga abo bakuru bobo ntanzara izica abana babo baramenyerey kurya abanyagihugu barivye menshi hagowe umunyagihugu mutomuto ibintu vyibaye urudubi!!

  • Ewe burundi uragasimba imanga, ako ni akaririmbo Peter NKURUNZIZA yavuze ari i gitega muri meeting!!yavuze ko nimbeba iri mugihugu,inkoko,inkwavu,ihene,n,inbwa namavocats byose abishinzwe, ubwo rero na ririya soko ararishinzwe. kura amaboko mu mpuzu nyakubahwa umukuru w igihugu, ukorere igihugu warwaniye urwanye ubusuma nakarengane kari mu gihugu naho ubundi nawe bazakugira nkuko wagize ba kadege, nabandi. jewe umutama RUDOVIKO ndavuga simvura, umwongereza niwe yavuze ngo TIME WILL TELL, tuzoraba muri 2020

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.