IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umunyeshure afise ivyigwa indwi yananiwe yoba ubu agiye kumenya

Umunyeshure afise ivyigwa indwi yananiwe yoba ubu agiye kumenya

mardi 8 Mukakaro 2014

Inyigisho mu Burundi zigiye gusubira inyuma bimwe bikomeye, nk’uko bivugwa na Arsène Arakaza arongoye ishirahamwe CREDEJ ryishinze guteza imbere inyigisho, aho ni mu gihe ubushikiranganji bw’amashure y’intango bwasohoye urwandiko rumenyesha ko umunyeshure yananiwe ivyigwa indwi ashobora gukurirwamwo bine agasubiramwo bitatu gusa.

Mu rwandiko rwo kuwa 17 Ruheshi 2014 (note circulaire numero 620/Cab.min), ubushikiranganji bwarandikiye amashure yisumbuye amenyesha ibizofatirwako mu gutanga amanota y’impera z’umwaka. Icatangaje abatari bake n’uko mu ngingo ya 90 y’iryo tegeko ry’umushikiranganji ivuga ko mu gice ca mbere c’amashure yisumbuye (cycle inférieur) hamwe no mu gisata c’indimi n’ic’ibiharuro uko ari ibisata bibiri (Science) A na B, umunyeshure afise ivyigwa yananiwe, n’ugufatira kuri bitandatu yananiwe hama agacakurirwamwo iya 4, iya 5, iya 6 z’amanota make. Mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye naho, mu bisata vya "Normale, Pédagogique, Economique hamwe n’ubuhinga (technique) bazorabira ku vyigwa 7 vyananiye umunyeshure, bace bamukuriramwo icigwa ca kane, ca gatanu n’ica gatandatu camunaniye afisemwo igihengeri gito.

Mw’ishirahamwe CREDEJ (Centre pour le Renforcement de l’Education et du Développement de la Jeunesse) baranegura iyo ngingo kuko iza isubiza inyuma inyigisho mu Burundi. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Mukakaro, Arsène Arakaza arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko bitabaho ko bofatira ku vyigwa vyananiye umunyeshure indwi vyose. Agira ati : "Mu majambo make kugira umwana arinde ananirwa ivyigwa indwi vyose, aba yatoye vya vyirwa bito bito gusa ivyo navyo ni nk’icigwa c’ukwinonora imitsi, indero, ibikorwa vyo gusukura (Travaux pratiques agricoles : TPA) hamwe n’icigwa co gucapa (Dessin artistique), ugasanga ivyigwa bikuru bikuru ntanakimwe yatoye. Mw’ishirahamwe CREDEJ bavuga ko aho ari hahandi uzosanga umunyeshure aheza amashure, akaronka impamyabushobozi ariko ata bumenyi afise.

Arsène Arakaza arongoye iryo shirahamwe CREDEJ asaba ubushikiranganji bujejwe amashure y’intango n’ayisumbuye guhagarika iyo ngingo kuko iza isubiza inyuma inyigisho mu Burundi. Mu gihe naho ubwo bushikiranganji ku bwabwo bubona ko hari akarusho yoba izaniye abanyeshure, naho nyene bobanza kubisigurira abo vyega bose kugira bafate ingingo zibanje guhurizwako na bose. Abavyeyi bokurikiranira hafi bakaraba ko izo mpinduka zose ziguma ziba zitaza zisubiza ubumenyi bw’abana inyuma.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.