IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umunywanyi ayoboka Rwasa Agathon yagandaguwe arashwe amasasu mu (...)

Umunywanyi ayoboka Rwasa Agathon yagandaguwe arashwe amasasu mu mutwe

lundi 12 Rusama 2014

Datus Nshimirimana, umunywanyi w’umugambwe FNL ishami riyobowe na Agathon Rwasa yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha. Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko biteye agahinda kubona umuntu agandagurwa kubera ivyiyumviro vyiwe vya poritike.

Nshimirimana Datus yari umunywanyi wa FNL, ishami riyobowe na Rwasa Agathon. Amakuru atangwa na Aimé Magera, umuvugizi w’iryo shami rya FNL avuga ko uwo munywanyi yabonanye na Rwasa Agathon ku rugo iwe, bakaba bavanye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine. Urupfu rwiwe rwameyekanye nk’isaha zibiri z’ijoro, bikavugwa ko yoba yanyurujwe n’abantu bamutegereye avuye aho ku rugo rwa Rwasa Agathon, bakamujana aho muri muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha, ari naho yagandaguriwe n’abantu bataramenyekana, bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet bamurasishije mu mutwe.

JPEG - 27.4 ko
Rwasa Agathon avuga ko kumwicira abanywanyi bitamuca intege

Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yari yamanye n’uwo munywanyi Datus Nshimirimana amenyesha ko ata nkeka urupfu rwiwe rufise intumbero ya poritike kuko atari umudandaza, abamugandaguye nabo bakaba ata kintu na kimwe bamwivye yaba imodoka, canke amafaranga yari afise. Rwasa Agathon avuga ko bibabaje kwumva abantu bagandagurwa bahorwa ivyiyumviro vya poritike. N’aho abayoboke biwe badasiba gukubagurwa canke kwicwa, Rwasa Agathon avuga ko bitazomuca intege, ko azobandanya urugamba yatanguye rw’uguharanira ko Uburundi buba umurima y’isangi, abarundi bose bahabwe agaciro mu gihugu cabibarutse. Ku makenga ko nawe ubwiwe ashobora kugandagurwa, Rwasa Agathon amenyesha ko naho hazosigara umwe, ukuri kuzoteba kugatsinda, agasaba abo basesa amaraso ya benewabo ko bokwikebuka, akagira ati : "Abamaze gupfa baramaze, ntihagire uwundi asubira."

Datus Nshimirimana yahora aba muri komine Kanyosha, akaba yatwawe kwicirwa muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha. Asize abana babiri n’umupfakazi nyina w’izo mpfuvyi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Shame,ntakundi "Abarundi bokwihangaa ariko n’intwaro ya Michel na Simbananiye Arthemond" yarahavuye iragenda!!Ariko DD yo naho bigira aba Pasteur ivyabo sinzi kweli!!

  • BARIHENDA ABA FNL TURI HANZE TUZOMUGWA INYUMA.
    UYO MUPFAKAZI YIGUMYE NIKO BIGENDA KUKO NKURUNZIZA YARIYEMEJE KUTUMARA
    ARIKO ARIHENDA UWO SIWO MUTI KUKO NAWE NYENE URUPFU ARUGENDANA

  • Aho wihendeye, nuko wanditse ayamakuru,hama hakagare aho, wandika ngo Rwasa Agathon avugako bibabaje kumva ko abantu bagandagurwa bahorwa ivyiyumviro vya politike. none iryojambo ryogaruka guke kandi yamaze gupfa. Subira kwishuri

  • ruriyabandi rutabibagiye.gusa Imana ibafashe ntibizobashikire bobo,na petero arakwiye kwiyumvira kwagendana umubiri icutagomba kobakugirira ntukakigirire abandi,amaroso yaba FNL amaze guseseka arahaye nibagezaho

  • Abanamarimwe Bo hanze y’uburundi turahojeje umuryango wabuze twongera twiyemeza ko ubwononyi nk’ubwo bwongereza inguvu twari dufise kugira ahubwo twikureko abagomba kutumara.

  • Abanamarimwe bo hanze y’uburundi turahojeje umuryango wabuze kandi tukaba twifatanirije hamwe nawo muri uyu mubababaro w’uwo tubuze tutari twanka. Ivyo ntibituma abantu basubira inyuma ahubwo bitanga inguvu mugukora kugira abantu nk’abo ntibabandanye bitwa abahagarire /abarongoye abandi

  • Ndaramukije abarundi bose imana niyo irema umuntu kandi niyo izigihe ciwe uko nukwihora ubusa hapha umwe havuka ijana ikibabaje numuvyeyi asigaye areze ibindo inzira karengane zaramye imana iriho umusi wabo uriho kandi buraca bugana ayandi

  • Rwose birababaje kwica inzirakarengane uyihoye umugabwe.me imana izobahana kandi ntibibaze ko itabibona.iruhukire mumahoro.cuti yacu.

  • Abariko baricwa bose bazobazwa Jacques Bigirimana.Ntawarazi ko umuhutu yosubiye kwicwa urwagashinyaguro hitwa ngo nibo batwara. Imitego y,Abatutsi mwaramaze kuyigwamwo bizobagora kuyivamwo.ariko mwibuke amahano abahutu bakorewe kuva 94 abatutsi babirukako impfuvyi,abapfakazi,mu makambi y,impunzi none ubu vyose mwaravyibagiye .ubu umuhutu niwe agitotezwa,acicwa,afungwa yarementanirijwe,abatutsi bitwengera.murambabaje,iyi message yiba President yayibona narikuryoherwa cane.raba izo mpfuvyi mwumve ikigongwe.

  • Ncuti z’Uburundi banamarimwe b’umugambwe FNL ndabasabe kwihangana kuko uyu mugambi wa Nkurunziza na Adolph ugiye gushira kuko ntibaruta Micombero,Havyarimana wo mu Rwanda,Iddi amini wo mu Buganda ndababaze ubu barihehe?ico novuga Buyoya yicishije nyakwigendera GAHUTU Remy ngo ndakomesheje FNL ngo ndayimaze yibagira ko hafuye Remy hadapfuye aba fnl,hamaNDADAYE ngo ndakomesheje abahutu yibagira no mumuryango wiwe harimwo abahutu Mandela abazungu baramupfunze ngo bararangije ikibazo bibagira ko ahubwo bavyiteye None kwica Datus niwo muti wogutsinda 2015 ahubwo barihenda kandi nababaha iyo migambi arabasuka pe ,bavuga ngo abantu bahunguke hama abahungutse bakica hama ngo bakeneye abahunuka bokwica Jw ico nobahanura novuga duti nibihanure bagezaho kuko baravye nabi bizobakurikirana gushika kuruvyaro gwabo nibabandanya bica kandi nigihugu kizokwama mubwicanyi butagira izina bwokwihorana Aba FNL bamazwe kwicwa bari kugatwe ka PETER NKURU NA ADOLPH bitegurire ilahe gufungwa Murakoze

  • Ncuti z’Uburundi banamarimwe b’umugambwe FNL ndabasabe kwihangana kuko uyu mugambi wa Nkurunziza na Adolph ugiye gushira kuko ntibaruta Micombero,Havyarimana wo mu Rwanda,Iddi amini wo mu Buganda ndababaze ubu barihehe?ico novuga Buyoya yicishije nyakwigendera GAHUTU Remy ngo ndakomesheje FNL ngo ndayimaze yibagira ko hafuye Remy hadapfuye aba fnl,hamaNDADAYE ngo ndakomesheje abahutu yibagira no mumuryango wiwe harimwo abahutu Mandela abazungu baramupfunze ngo bararangije ikibazo bibagira ko ahubwo bavyiteye None kwica Datus niwo muti wogutsinda 2015 ahubwo barihenda kandi nababaha iyo migambi arabasuka pe ,bavuga ngo abantu bahunguke hama abahungutse bakica hama ngo bakeneye abahunuka bokwica Jw ico nobahanura novuga duti nibihanure bagezaho kuko baravye nabi bizobakurikirana gushika kuruvyaro gwabo nibabandanya bica kandi nigihugu kizokwama mubwicanyi butagira izina bwokwihorana Aba FNL bamazwe kwicwa bari kugatwe ka PETER NKURU NA ADOLPH bitegurire ilahe gufungwa Murakoze

  • BIRATEYE AGAHINDA NAHOBIMEZE UKO ARIKO UKURI KUZOTEBA KUGENDE AHABONA KANDI NABABIKORA NABO BRYE BABARA.

  • mbe aho bavuga ngo Democratie irimuburundi ko amaraso aguma aseseka kandi umuntu arekuriwe nokwinjira mumugambwe ashaka? Eka twarambiwe nimwaro yagahotoro.

  • ubwambe twebwe abarundi turi i south africa turahojeje abarundi bose numuryango wiwe kandi turahojeje izegozose zumugambwe fnl tukanabibutsa ko batokwibagira igihe turimwo ko ari cagihe cawamutwe ugira gatatu wintambara yumuhutu kuyundi rero nimwibuke iragi ryanyakubahwa yirenganiye gahutu remy reronobasaba ko mutocika intege kuko nabonyene twarabatsinze byaraheze ndasabe munkundire ahomurihose dufate iminota ibiri yokumwibuka mubikorwavyose yaranguye nokumusezera tumusabire kumana yoyamuremye, hamanatwe tugumedufatanye munda kandintiducike intege nkuko nyakubahwa umukuru wumugambwe wabarundi agathon rwasa yabidusavye imana imwakire mubwami bwayo kandinatwebwe ibandanye kutuzigama murikigihe gito gisigaye ngo dushike kuri ryasezerano twasezeraniwe nimana data rugira vyose ,amen.imana ihezagire ubrundi nabarundi bose.

  • Tura hojeje abarundi benewacu nacanecane umuryango wihangane Imana niyonkuru mbumwe yita Mama kataragasakurura?sinama namubwiye uyuwe nuwamenyekanye ntajororyijana hadatowe ikiziga ngaho ibuja bicwa na bakozi bo mwiperereza usanga bari mumodoka zitabona zitwa prado zamafime kandi ntanimero zibaziriko kimw baribesha abamaze gufa bose barazwi abakozi biperreza barazw nibonye ne bazagirizanya ngona basenzi iyo niyoya Mana mwirirwa mutarika muhayagiza?ijomboryimana riti uwudakunda mwenewabo yokunda Imana atabona?

  • Mbega Kwica ukaruha akareza harimwo inyungu ?!!mutama rwasa komera bashaka kukugira umusazi babanje kukumarako icuti nabagezi ndagusabe ube umugabo abushitse kuko amageragezwa yo muracarikumwe umwanya DD ikiriho komeraaaaaa

  • Si ndi umu FNL kandi si ndi n’umuhutu (cane cane ko umenga uwaturogeye muri ayo mafuti ngo ni amoko atakaravye!). Nagomba gusa guhoza uwo muryango wa Datus (que je ne connais pas). Ni ibara kumva ko muri 2014 umurundi yicwa kubera des idees. Nsubiremwo: kwicwa kubera des idees. Un tueur akava muhira n,inkoho yuzuye amasase, akaja kwica uwundi murundi nkawe kubera des idees. Abana bakaba impfuvyi kubera des idees. Umupfasoni agacika umupfakazi (murumva icarico?) kubera des idees, et cela le 19 Mai, jour de la Fete des Meres. Hanyuma ngo Commission Verite Reconciliation; pour des actes aussi laches, aussi dégoûtants. Oya! Cher Rwasa (sindakuzi si ce n,est que sur des photos), je voudrais simplement te dire: Courage! (ceci n,a rien de politique, et je ne suis meme pas electeur potentiel). Un ami vient te rendre visite un dimanche apres la messe. Vous passez un agreable apres-midi ensemble. Il rentre le soir et n,arrive pas chez lui! Kidnappé, il est assassiné en pleine ville. Chers sympathisants du FNL aho muri hose, egera abandi barundi mubana, mutegure igiteramo (vigile/veillée) kugira duherekeze dignement ce compatriote (le nôtre a nous tous) fauché pour rien. Hanyuma, mutubwire ukugene twofasha umuryango asize. Nous voudrions aider, en gardant l,anonymat, pour ne pas trop exposer nos familles aux represailles de ces hors-la-loi. Mwigumye!

  • Mwa ba FNL mwe,
    Il est temps de stopper cette machine qui vous extermine sans broncher. Arretez de pleurer indefiniment vos morts. Vous faites face a une chaine de crimes d’Etat. Changez de tactique. Entrez en guerilla urbaine. Ces DDs qui vous tuent ne sont pas des extra-terrestres. Organisez des enlevements ciblés (mais ne tuez personne). Le jour où cete clique DD saura que leurs enfants, leurs femmes, leurs parentés peuvent etre enlevés de leur lieu de travail, de leur ecole, a leur retour du marché ou de l,ecole, ce jour-la, ils vont stopper a jamais leur machine a tuer. C,est comme ca qu’on arrete le crime organisé. Partout au monde. Oeil pour oeil, et c,est la paix des braves.
    Sinon, taisez-vous, arretez de pleurnicher.

  • Ndahojeje umuryango wabuze, Rwasa Agathon kuva ahoyisokoreye muvyogukorana na ADC Ikibiri bamwe bomururwo runani basigaye batakimwiyumvamwo, mberebigeze ahavugiye kwazokwitoza kugatwekiwe abarakuyeho nakariho, kukoburya Rwasa mumatora yomuri 2010 nabatamutoye bagatora CNDD FDD sukuvugako kwarukumwaka nuko aringombwako umuntu atora rimwegusa, harihuwavuzeko iyobadahenda Rwasa ngo murikazoza abarundi bogiye barakurakuranya mugutora mumigambwe ibiri ariyo CNDD FDD na FNL ngo nkakurya bikunzekuba mugihugu ca Amerika, ugiraguti ukumva uyumusi hatsinze amatora aba Democratic ikindigihe hagatsinda aba republinain. Agathon rero uyumusi kubayarabahinyuye abomuri ADC akanagirako akabibereka koyabahinyuye mukuvugako azokwitoza kugatwekiwe muri ADC riraniga. Iyaba arivyontegeka nonwanisha kumusumwe Agathon na Yakobo,maze abamaramara bakamaramara nkareba, Umva Agathon yitoje kugatwekiwe abobose bomuri ADC nabo bagatora uwuzokwitoza umwe Rwasa niweyoronka amajwi menshi kubasumvya, nayo Rwasa bumvikanye na Yakobo FNL mumatora azokurikira ayayomuri 2015 nukuvuga muri 2020 FNL na CNDD FDD rwosizurana. Rwasa Agathon na Jack Bigirimana gerageza mushingiryinyo kurindi mwiyunge Ndabibasavye, mazemwereke ababahenze muri 2010 komwabahinyuye.Jewe simvuze abishe uwomuhisi ariko murarebera muribamwe baherutse kwandikira ONU! kuko muraziko batanguye nogushiraho commite mu Bulayi yokugira yige ivyotuma amatora atoba, bariyarero bomu Bulaya bacabagira abobakorana kugira bashiremungiro ivyobababwiye! nguwobaramuhitanye.

  • Nukwihana intwa ninkizindizahavuye kandi ninkizizoza raba abobagabo hobafyuriye amaso ubona arugukunda igihugu bose nibamwe ega intwaro nizasatani hose

  • WE SHA ADORPHE, NKURU,NAKAGWI KAWE ENDA NIWONGERE WICE NUMWE URABE UKO BIGENDA NTIWISHIMIREIZO MBONERAKURE TURIKO TWIHWEZA IVYO UGIRA GUSA NTIWIBAZE KO TUTABIBONA TURIKUMWE NGAHA NYENE KANDI TURIRIGWANA MBERE TURARARANA MU GIHUGU . ICO WOMENYA NUKO UTAZOTUMARA TWESE

  • nibakore amatohoza harinaho gwasayoba abifisemwo uruhara canke ikibiri siasa nihatari

  • ndahojeje umuryango wabuze. tubwire neza, abo bamunyuruje gushika aho bamujana muri gisandema2 yarabuze aho yotabaza? ko 20h haba hakiri kare kdi aho yaciye imodoka barayibonye irimwo 3personnes ko atakomye induru canke ngo ahagarike imodoka ageze mubantu ngo yemere gupfira aho bamubona? kuko amatwi ansumira, abo bantu bari kumwe bamuhindutse bagenze ahatari hake kdi niwe yari kuri volant. urwo rupfu rero rurateye amakenga, ntakuntu woha lift abantu utazi kdi utamenyereye. none uwo nyakwigendera aba mu gisandema? ni muduhe umuco basha ivya politique na dd tubishire a part. muri Gisandema niyo nzira yiwe yo gutaha avuye kwa Rwasa, ko numva ngo yaba muri sud du pays. nukuraba neza ko nizo ndongozi za fnl rwasa zitabifisemwo uruhara, ntituje ngaho ngo duhendane.

  • Ntibi baze ko nabonyene batazopfa kandi imana ihora ihoze kandi bamenye ko aho bari ezobundi hazobaharabandi kandi ingwe ntoyarizi gufatira kwizosiyarigisizwe ezo nabonyene. bazoraswa mumutwe murakoze

  • TUTAHOJEJE ABARAYE BABUZE UMUVUKANYI WACU NAHO BIBABAJE ABA FNL AHOMURI HOSE MWIHANGANE KWISI NIKO BIMEZE KANDI NTANVURA IDAHITA MUTAMA AGATHON KOMEZA URUGAMBA GWA POLITIKE VYANKA BIKUNDA UBURUNDI BUZOTUGANA AGACINYIZO KAZOHERA KUB9NA UMUNTU AZIRA IVYIYUVIRO VYIWE VYA POLITIKE NUMUBABARO NINTUNTU

  • Komera Ndongozi yacu Nyakubahwa A.Rwasa,kandi ndahojeje umuryango wacu w’aba Fnl wabuze indongozi nkiyo Imana imwakire mu bwami bwayo,nayo aba dd ivyo Ni ukugira badutere ubwoba babesha kko aho bukera turabashengeza kandi bamenye ko aho gucika inguvu ahubwo bitwongerereza ishaka kugira twikure mu buja,nnkurunziza na Adolph wawe umenye ko ayo maraso y’inzirakarengane nkizo Ari Ku gatwe kanyu,ibisigaye banarimwe namwe ndongozi tubandanye dufatane mu nda imisi tumaze mu buja siyo dusigaje.Dukomere Ku muheto

  • Komera Ndongozi yacu Nyakubahwa A.Rwasa,kandi ndahojeje umuryango wacu w’aba Fnl wabuze indongozi nkiyo Imana imwakire mu bwami bwayo,nayo aba dd ivyo Ni ukugira badutere ubwoba babesha kko aho bukera turabashengeza kandi bamenye ko aho gucika inguvu ahubwo bitwongerereza ishaka kugira twikure mu buja,nnkurunziza na Adolph wawe umenye ko ayo maraso y’inzirakarengane nkizo Ari Ku gatwe kanyu,ibisigaye banarimwe namwe ndongozi tubandanye dufatane mu nda imisi tumaze mu buja siyo dusigaje.Dukomere Ku muheto

  • Komera Gwasa, Ukuri guca mu ziko ntigusha. Uhagarare bwuma.

  • Komera Gwasa, Ukuri guca mu ziko ntigusha. Uhagarare bwuma.

  • HEEE BARUNDI NIMUBONE KO I BURUNDI HARI IIKIBAZO GIKOMEYE KO DD IDASHAKA KUMVA KO YOVA KU BUTEGETSI ,,!!!!!nNONE SI ABAHUTU KU BANDI NTEYE AKAMO ABANYA KIRUNDO BAKUNDA GUSHUHA MU MOKO KO BOBONA AKO KARORERO!!!MURAGABE NTIMUHENDWE..

  • EWE JACQUES IYO NUMVISE CANKE NAWE UKUMVA IZINA MICOMBERE UMENGO RYORENGA UTASAMUYE.UBURERO BA MICOMBERO MWABAYE BENSHI SINIRIRWA NDABADONDAGURA.AMARONKO UZORONKA KUBERA URIKO UTOTEZA UMWENE GIHUNGU NTAKAMARO.REKA TUZE TURAGE ABANA BACU URUKUNDO UGUHARIRANA NA KAZOZA KEZA K’igihugu .URAVYE INGENE ATAMUNTU NUMWE YAKURABARYIZA BOSE BAKURABA BARYANA INZARA!IKEBUKE JACQUES USIGIRE ABANA N’umuryango iragi ry’IZA KUKO TWESE AHA KWISI TURI ABATSI B’INDARO.NAYO DATUS IMANA IMWAKIRE AZIZE UBUHUZA UBUGWANEZA KURAZWA ISHINGA NUKUMVIKANA KWA BANAMARIMWE IMANA IZE IBIGUHEMBERE

  • NDIZE KO NAHO BADUHOTERA AMATORA TUZOYATSINDA

  • Agathon rwasa,yoco uta ururimi agubwo raba utune hamwe n’aband utekereze,vyose waravyishe ngaho ntaco uriko urashikakoi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.