IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umupfasoni wa Bamvuginyumvira amenyesha ko atawe yatumye kumucungira (...)

Umupfasoni wa Bamvuginyumvira amenyesha ko atawe yatumye kumucungira umugabo

mercredi 11 Kigarama 2013

Umupfasoni wa Ferederiko Bamvuginyumvira asaba ko umushingantahe wiwe yorekurwa ataco barinze gusaba, kuko ariko azira irementanya ry’abamufitiye agashavu. Gloriose Kubwimana, umutambukanyi wa Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha kandi ko atawe yigeze atuma kumucungira umugabo wiwe ko arenga ibigo.

Kuva aho Ferederiko Bamvuginyumvira aterewe muri yompi yagirizwa gufatirwa mu busambanyi n’ugushaka gutanga igiturire, abari bake, harimwo n’umuryango wiwe barabandanya kwiyamiriza ivyo bita irementanya, kuko ivyagiriji bamwegetseko bidafashe. Gloriose Kubwimana, umupfasoni wa Ferederiko Bamvunginyumvira amenyesha ko yaguye mu gahundwe yumvise ko umugabo wiwe yafatanwe uwundi mugore mu nzu y’uburaro iri mu Kajaga, kandi bari bavuganye ko ajanye na Josephine Nzeyimana gusuhuza umurwayi, ari nawe nyene yategerezwa guca yunguruza mu gutaha uwo mukenyezi bivugwa ko bafatanywe.

JPEG - 77.3 ko
Bamvuginyumvira Ferederiko, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU

Gloriose Kubwimana amenyesha ko ari ikinyoma kuko iyo ngeso atayo azi ku mugabo wiwe, mbere noneho ko atigeze anamwitwarira amwagiriza kurenga ibigo. Mu gihe kandi atawe yigeze yitura kugira amufashe kurereka ko umugabo wiwe arenga ibigo, uwo mupfasoni asaba ko umugabo wiwe yorekurwa, bakareka kumwambika iceyi. Asaba kandi ko umuryango wiwe yosubizwa n’amafaranga ibihumbi amajana abiri bivugwa ko ariyo Bamvuginyumvira yagira atangemwo igiturire, kuko nka hamwe batoyamuha ataho vyoba bitandukaniye n’ubunyonyezi.

Ku ruhande rw’umugambwe CNDD (Conseil National de Défense de la Démocratie), babona ko ifatwa rya Ferederiko Bamvuginyumvira ririmwo agashavu n’intumbero yo gushaka kumwegeza inyuma mu bikorwa vyiwe vya poritike. François Bizimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD amenyesha ko uburyo Ferederiko Bamvuginyumvira yafashwemwo butuma haba igipfungu cinshi gituma bigora gutahura namba kwoba ari ukuri canke irementanya.Kubwa François Bizimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD, abavuga ko bafatiye Ferederiko Bamvuginyumvira mu busambanyi mu nzu y’uburaro, ntibari guca bihutira kumujana mu nyamiramabi. Bari guca bazinguriza ico kibanza, bagategeka ko umuduga wiwe wogumizwa muri ico kibanza kugira ivyagiriji vyose bije ahabona. Bikenewe, n’umushikirizamanza mukuru wa Repuburika yari kuhishikira, kuko Bamvuginyumvira asanzwe ari umuntu adasanzwe (uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Nk’uko François Bizimana abandanya abimenyesha, n’icegeranyo cari guca gikorwa aho nyene kugira ntihagire uwiyumvira ko ryabaye irementanya.

JPEG - 28.4 ko
François Bizimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD

François Bizimana ahanura abajejwe umutekano n’ubutungane kuraba neza ntibazohave batabwa mu makosa, mu gukoreshwa n’akarwi k’abanyeporitike bamwe bariko barondera inyungu zabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.