IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango

Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango

dimanche 14 Mukakaro 2013

Abungruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bakoresha imiduga mito mito (Taxi), baragirizwa ko harimwo abahora biba abo bunguruje, bakabatwara ivyo baba bafise, abo nabo ngo babangamira amasaho y’abakenyezi, terefone ngendanwa, imigufu n’ibindi bintu vy’agaciro.

Abapfasoni co kimwe n’abandi bantu, kenshi iyo bafashe mwene izo modokari baca basaba umuntu barikumwe ko yoca yandika inomero ndanga muduga kugira nihagira ico aba, aze ashobora kumenya uwo yitwarira mu butungane. Ivyo rero vyo kugirira amakenga abo badereva bizo modokari ngo vyagiye birakomera muri iyi myaka, aho ukwunguruje akujana maze agushikanye ahantu hatabona agaca ahagarara, akagutera ubwoba kugira agutware ivyo ufise vyose.

Kuri ivyo rero abagendesha izo modokari bagirizwa, bavuga ko bitokwagirizwa bose kuko intungane arizo nyinshi. Ariko kandi, ngo umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango. Abadereva bavuga ko abo bantu bariho ariko rero abunguruzwa muri izo modokari ko bobanza bakandikira ubutumwa bugufi abari muhira iwabo, canke bakabaterefona bakabamenyesha imodokari ibinguruje, gurtyo vyotuma uwumwunguruje n’aho yoba afise ako gatima yoheza agatinya kugira ayo makosa.

Ariko kandi n’abafata izo modoka baragirizwa ko hari aho babunguruza hanyuma ugasanga ntibarishe, hageze kuriha ukaja ubona avuye mu muduga arirutse, uwamwunguruje agahomba ukwo. Abandi bavuga ko bishika ndetse bakanakomeretswa n’abo bungurujwe. Yaba uwungurujwe, uwunguruza, bose basabwa kwubahirizanya, gurtyo bigatuma agateka kabiyunguruza muri izo modoka kubahirizwa, co kimwe kandi n’akabunguruza.


Floxella Karire

Messages

  • None niwatelephona uyo akwunguruje yumva akaba afise umugambi wo kukwiba ntashobora guca akwica kugira ntamenyekane?
    Ico mbona wokwandika plck yiyo ngendeshwa ukayisigira uwaguherekeje hama ugeze iyo ugiye ukabimumenyesha kare.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.