IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi w’igipolisi arabeshuza ko ata binogo bihambwemwo abantu (...)

Umuvugizi w’igipolisi arabeshuza ko ata binogo bihambwemwo abantu bihari

mercredi 30 Kigarama 2015

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye arabeshuza amakuru avuga ko hari abantu bahambwe n’igipolisi mu kinogo kimwe inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Inyuma yaho hari abanyagihugu bakorera hafi y’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda babwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko hari abantu bahambwe mu binogo bimwe n’abapolisi,umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko ari ikinyoma kuko igikorwa co guhamba mu bihe nkivyo gikorwa n’abajejwe intwaro.

Pierre Nkurikiye yavuze ko bidashoboka ko hoba ibinogo bihambwemwo abantu benshi abajejwe umutekano batabizi.Yabasavye ko bobabwira aho ivyo binogo biri gutyo bakaja kuraba ko biriho vy’ukuri.

Inyuma y’ibitero vyabaye mu makambi atatu ya gisirikare umuvugizi w’igisirikare yamenyesheje ko abateye 79 aribo bapfuye,mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH ryamenyesheje ko abashika 154 aribo bapfuye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.