Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi w’igipolisi arabeshuza ko ata binogo bihambwemwo abantu (...)
Umuvugizi w’igipolisi arabeshuza ko ata binogo bihambwemwo abantu bihari
mercredi 30 Kigarama 2015
Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye arabeshuza amakuru avuga ko hari abantu bahambwe n’igipolisi mu kinogo kimwe inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.
Inyuma yaho hari abanyagihugu bakorera hafi y’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda babwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko hari abantu bahambwe mu binogo bimwe n’abapolisi,umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko ari ikinyoma kuko igikorwa co guhamba mu bihe nkivyo gikorwa n’abajejwe intwaro.
Pierre Nkurikiye yavuze ko bidashoboka ko hoba ibinogo bihambwemwo abantu benshi abajejwe umutekano batabizi.Yabasavye ko bobabwira aho ivyo binogo biri gutyo bakaja kuraba ko biriho vy’ukuri.
Inyuma y’ibitero vyabaye mu makambi atatu ya gisirikare umuvugizi w’igisirikare yamenyesheje ko abateye 79 aribo bapfuye,mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH ryamenyesheje ko abashika 154 aribo bapfuye.
IGIHE
Messages
30 Kigarama 2015, 09:56, par impunzi
komera n kurikiye ntuzi kuwugutuka atagutorera. bariguhi ga motif yivyobavuga vyububeshi mwebwe none ntimuzi ubuhumvyi bwabo.
30 Kigarama 2015, 09:57, par impunzi
komera n kurikiye ntuzi kuwugutuka atagutorera. bariguhi ga motif yivyobavuga vyububeshi mwebwe none ntimuzi ubuhumvyi bwabo.
30 Kigarama 2015, 10:14, par yaya
Ivyo mugira vyose amakungu arabibo wewe ngira ivugivyutazi mugabo ubigirankana ariko ico nzokubwira vibuzimu ujibuntu kubona muhendwa numuntu umwe akabakoresha makosa mukemera canke nawe ushaka bakurungike muri mission hanze ariko ngo iryincuti ukinovorintuntu muzokwicuza hanyuma
30 Kigarama 2015, 16:14, par Niyogora Benjamin
Nibarabe Bagende Aho Kumpanda Batohoze Iyo Nkuru Neza
30 Kigarama 2015, 16:35, par Muzobibazwa
Ivyo urabikora nanje ngahora ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose ariko nzoguhana mbishire imbere y’amaso yawe uko bikurikirana iryo niryahumetswe n’umuremyi : zaburi 50 : 21
30 Kigarama 2015, 17:11, par amaraso y uburundi
nubandanye ibinyoma umutsi abawe nawewe bazoshikigwa nayo maraso yabene burundi harigihe uzocumenya ko barabantu bavamaraso ukayanywa.arko gusa uzubeshe impumyi zitabona ngurube imanirakubona.