IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugendo Saidi Juma yari yabujije rwabaye mu mutekano

Urugendo Saidi Juma yari yabujije rwabaye mu mutekano

mardi 3 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yatunganije kuri uwu wa kabiri urugendo rwo gusaba irekurwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA. Ayo mashirahamwe amenyesha ko azokwama atunganya urwo rugendo ku minsi yose ya kabiri yitiriwe iy’urwatsi rubisi "Mardi Vert, gushika uwo mumenyeshamakuru arekuwe"

Naho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi yari yabujije urugendo rwo gushigikira Bob Rugurika, rwari rwateguwe n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2015, agasigura ko arubujije ku mvo z’umutekano, amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ari uburenganzira bwabo, kandi ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura adashobora kwanka urwo rugendo kuko amategeko avuga ko arumenyeshwa gusa, ariko adasabwa uruhusha.

Abamenyeshamakuru bahuriye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri mu kibanza "Place de la Révolution", baca bagira urugendo rwavuye hagati y’ahakorera ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, rusubira kubashikana ahakorera sentare nkuru y’igihugu. Bamwe mu bamenyeshamakuru bari bambaye impuzu z’urwatsi rubisi, abandi bambaye imipira yera iriko isanamu ya Bob Rugurika. Inzandiko bari bitwaje zikaba zasaba irekurwa r’uwo muyobozi wa RPA apfunzwe azira amatohoza yakoze ku bwicanyi bwakorewe Ababikira batatu b’abatariyanokazi. Bari bitwaje n’amabuji yakije, ikimenyetso c’ukurondeza aho ubutungane bwagiye.

Maragarita Barankitse arongoye ikigo "Maison Shalom", akaba ari mubari baje kwifadikanya n’abamenyeshamakuru muri urwo rugendo, yamenyesheje ko abarundi bose bakwiye guhaguruka, bagahakana ko igihugu c’Uburundi cosubira gutembamwo amaraso. Yasavye ko ukuri kwomenyekana ku bagandaguye Ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 bo kuri paruwasi Guido Maria Conforti bita "Kwa Buyengero". Nk’uko yabimwibwiriye umunsi aja kumuraba aho apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya, Maragarita Barankitse yasubiriye gushikiriza Bob Rugurika ubutumwa bw’ukumuremesha.

JPEG - 30.6 ko
Maragarita Barankitse, umwe mubari baje gushigikira abamenyeshamakuru

Muri uwo mwanya wose abamenyeshamakuru bamaze muri urwo rugendo, igiporisi nticigeze kihaboneka, urugendo rukaba rwabaye mu mutekano ntangere, ariko ruheze akaba ariho uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura yahashika ari kumwe n’abamugendanira, yikebukanya Innocent Muhozi, umuyobozi w’imboneshakure Rennaissance. Bavuganye akanya gato, aca aragenda, n’abamenyeshamakuru bahejeje baca basubira ku mirimo yabo.
Bamwe mubari muri urwo rugendo bakavuga ko igiporisi cari kuza gucungera umutekano w’abari mu rugendo, kuko ari nayo mpamvu bimenyeshwa imbere y’uko ruba.

JPEG - 22.3 ko
Innocent Muhozi ariko avugana n’uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura

Egide Nduwimana

Messages

  • turashimye ko baretse bagashikiriza iciyunviro cabo none atari UBUJUJU BWA BA DD hapfuye iki?Iyo barungika Abaporisi na vyavyuka vyobo bakabitera biba bigeze he? harya aba dd ntibazi gutwara nagato bibaza ko bakiri mwishamba .

  • hahahahaaaaaaaaaaa Maggy waritukishije utukisha nizina dryawe; aho wisukiye muvya politike ukifatira petero buyoya mugahanga hihihihihi reka turindire ico uzovamwo; kuko ubunaho wifadikanije nabarondera reta nfatakibanza ngo vyanse bagire revolisiyo rurya rwaruka utunze hasigaye ko ruzotangura kuzibira amabarabara abantu baduze yayayayayaaaaa

  • MATANA ; ABA CNDD FDD BARAGIYE MWISHAMBA BARARIVAMWO; ARIKO ABARIKO BATEGURA KURYINJIRA NSINZI KO BAZORISOHOKA PAPAPAPAPAPAAAAA AKARORERO WARAYE UKABONYE MUCIBITOKE.

  • ndishwe nagatwengo; ikirikumutima wanyu ngira cururutse ariko ntimuzosubira. none mwiteze iki kuvyo mwashikirije. NIBATAMUREKURA MUZOBA MWASURIYE MUMUYAGA MUZOCE MWICARA MUTEKEREZE.

  • Abo bantu batatu banditse aho hejuru ni ibirofa, ntibagira umutima ni ibikoko vyo mw’ishamba!!! Ahubwo bategerezwa kuba bari mu bicanyi!!! Bob apfunzwe kubera yerekanye ukuri kubishe bunyamaswa barya babikira, none murubahuka kwandika ibintu nk’ivyo kubijanye n’abariko baramushigikira harimwo Maggy!!!!Muvyanka mubikunda, vuba abakoze rirya bara barafatwa!!! Kandi bazovyishura!!! Barazwi, RPA yarabavuze,

  • MOISE NA LEVIS ATARI JUIF (LUKO LEVIS NI NOM JUIF)NI ABICANYI RUHEBWA NIMBA MUSHIGIKIRA ABICANYI BA ADOPLHE NA PETER BANDANYA NAMWE MUZOSHIKIRWA KUKO KWICA IVYABONA BAHERA KUBABASHIGIKIYE NTA KIBUZA ..NAMA MBONA IVYO LEVIS YANDIKA NKASANGA ARWANIRA ABA DD AHUMIRIJE...QUI VIVRA VERRA

  • Ubujuju canke ubwenge bg’umuntu bubonekera kuvyo avuga canke kuvyo yandika,reka nkebure uyu yiyise SIHONDI Levis,nawe Moise,sinibagiye nawe wiyita Democrate reka kwerekaho abo muribo erega nuwunumye aba afise ico avuze ahuko wiyambika ubusa.Amajambo mwanditse mubona haricot yofasha abayasomye? mbe hoho muri iki ko mbona ataniciyumviro mwoterera umugambwe wanyu uretse gusambura gusa,mbega umunyu avuze ukuri bisobanura gufata muruhanga uwundi?(Levis),mbeho batamurekuye wibaza ko azowuheramwo?(Moise).Iyo twandika tugerageze kwandika ivyubaka,ibiduhuza,ibitunywanisha nibituzanira amahoro.Hari umuntu yoba zi ubwenge Atari igipfu yoba acifuriza mugenzi we gusubira mukibira;uwuvyifuriza mugenzi we uwo ni ikijuju(Democrate) nta mvura igwa ngwireke guhita,utazi kuvuga ntiwomenya no kwandika.Levis,Moise,Democrate.Murakoze.

  • @sihondi levis : birakugoye ugasangwa ugeze aho wurira kw’isimbo ry’inuma! ivyo uvuze kuri Maggy, ubona bitumbereye? kubona yafashije abamenyeshamakuru kugira urugendo, nta nabi irimwo na gato. Ikindi naco, jewe sinigeze mbona Maggy yisuka muri politique n’umusi n’umwe. Ico nzi, afise ico bita "le franc parler" niwaba wumva ico bisigura. Umwicanyi ntatinya kuvuga ko ari umwicanyi, niwaba arico cagutumye wandika ivyo wandika. Iyo politique uvuga nayo, kuri we ni umucafu utemembera. Ajejwe agateka k’abana, reka ndakubwire ikimuraza ishinga. Wumvise? Canke mbandanye???

  • Elvis reka kuba mwerekana ko mushigikiye ubwicanyi! Ejo uwishe barya harigiye yokwica wewe canke uwawe. Abo bose bashaka kumenya ukuri Aho kuri. Abicanyi bamenyekane. Ariko urazi abantu babuze ababo nimba wewe bitagushikiye canke wari mubwicanyi ivyo ni wewe ubizi. Muga abantu bose ntibameze nkawe. Kubona umuntu afata abantu akica akagenda birababaje abarundi namakungu. Isonere wewe ushigikiye ubwicanyi niwibereho hariho iyarugira ikubona ivyo wakoze. Iyo yari impanuro

  • Elvis reka kuba mwerekana ko mushigikiye ubwicanyi! Ejo uwishe barya harigiye yokwica wewe canke uwawe. Abo bose bashaka kumenya ukuri Aho kuri. Abicanyi bamenyekane. Ariko urazi abantu babuze ababo nimba wewe bitagushikiye canke wari mubwicanyi ivyo ni wewe ubizi. Muga abantu bose ntibameze nkawe. Kubona umuntu afata abantu akica akagenda birababaje abarundi namakungu. Isonere wewe ushigikiye ubwicanyi niwibereho hariho iyarugira ikubona ivyo wakoze. Iyo yari impanuro

  • Elvis reka kuba mwerekana ko mushigikiye ubwicanyi! Ejo uwishe barya harigiye yokwica wewe canke uwawe. Abo bose bashaka kumenya ukuri Aho kuri. Abicanyi bamenyekane. Ariko urazi abantu babuze ababo nimba wewe bitagushikiye canke wari mubwicanyi ivyo ni wewe ubizi. Muga abantu bose ntibameze nkawe. Kubona umuntu afata abantu akica akagenda birababaje abarundi namakungu. Isonere wewe ushigikiye ubwicanyi niwibereho hariho iyarugira ikubona ivyo wakoze. Iyo yari impanuro

  • Jewe uwo Maggy sinarinziko nawe arimwihomirwi!. Niyabavykuri ibibanditsengaha ariweyabivuze ndakuyeyo amaso.

  • Sha,harabantubamwebamwe banteyagahindakeri!umuntatarabonahigihugu gitera kija,uwomuntu nawenyenentazi ahari.gusiconomubwira,Bob ni umushingantahe.Kandi twofise ba Bobnki1000mu burundi,ntangoranigihugu cogize.Noningorane dufise,abenshi ni bansumirinda,bandayamutaye,Bandayuha urume.Arikukuri kuzotsi.Witwaziterabwoba wareka nigihegitogisigayivyawebikajahabona.Kazoza katwigishe.huu,sikershomursho??

  • Muncamake Jewe ntuye mugisagara ca New York Ariko duhaye Dukwirikirana ivyiyumviro canke amajambo urwaruka gwa Abarundi rushikiriza kumaradiyo Biraboneka ko ugwaruka ruvuga ibitagenda neza mugihugu ruriko ruraramiriza mungendo nziza ariko kandi nugwaruka rushigikiye ivyubutegetsi bukora nabwo nyene Bwagerageza kuko uravye Amahano ariko akoregwa muburundi nukuri none ubona ugwaruka ruri kuruhande gwa Reta gwoheza rukabingezagute nicogituma nabonyene atawobatako ikuvyo barundi Bagerageza Ariko nimba Abarundi barahinduye ibintu mugi 1962 Uburundi Bukaronka Ukwikukira hanyuma bakaba baribarongeye bakihweza mugi 1993 bagahindura ibintu Uburundi bukinjira muri Democrassi Nubu harihageze ko bahindura ibintu ntibagume Bavuga ngo Pitar Ntiyizoze oya none aho ibintu vyahinduka 1962 Abazungu ntibari bakiri mugihugu aho bahindura ibintu 1993 Buyoya ntiyari yitoje None ko Satani Agikora uzoheza uvuge ngo uzoja mwijuru Aruko Satani Atagikora? Ntaryo Uzobona umuperezida Ababikira Bakeregwa amazosi yibereye kubibero vyumudamu wiwe arabira mukadirisha murindiye ko ibintu bizohintuka yagiye he? No zanje 13475895297

  • HAHAHAHAAAAAA LETA ZUNZE UBUMWE ZAMERIKA ZAHUNGIWEMWO NABARUNDI BIBIGOBOGOBO; WEWE WIYISE MAMESI TITUS NGO URI NEW YORK KO UVUZE NGO BISHE ABABIKIRA NGO NKURUNZIZA YIBEREYE KUBIBERO VYUMWAMIKAZI WIWE HEHEHEHEEE ARIKO NTIWIRENGAGIZE KO NKURUNZIZA YAFASHE; ABABITSE CANKE ABATOROKESHEJE ABISHE BARYA BABIKIRA KANDI BAVYIYEMEREYE. NONE NKUBAZE KO URI MURI AMERIKA WOMBARIZA BARACK ABAMA AHO YARARI; KO KU WAMBERE BISHE UMUPASITERI WUMUGANDE NUMUGORE WIWE NUMWANA WIWE MURI TEXAS NABAKOZE UBWO BUBISHA BAKABA BATARAMENYEKANA. NDAVYE UKO UVUGA UZOGWA MUBUHUNGIRO

  • MAGGY POLE SANA; KUKO WAMAZE KUVANGIRWA HAHAHAHAHAHAHA HIRYAYEJO WATUTSE BUYOYA NGO NTAMUJENOSIDERE YO TWARA FRANCOPHONIE YAYAYAYAYAAAA EJO NAHO NGO UTEYE IVYATSI NKURUNZIZA KURI MANDANT YA GATATU HIHIHIHIHIHIIIIIIII HEWE KOMEZA GUSENGA NIMBA UKIMENYA GUKUBITA IGISHABISHO; BITEWE NUKO POLITIKE YAMAZE KUKUNYENGETERA. UMUGANI UVYARA NABI UGATUKWA NABAKWE; WARERA NABI UGATUKWA NA BAKWE. NZOBA MBONA IHEREZO RYARURYA RUVYARO RWAWE KO UTANGUYE KURUSHORA MURI POLITIKE.

  • @MVUGUSI : biraboneka ko ushigikiye abo ba "petero" babiri, ariko ko ushigikiye abicanyi, urabaga wifasha. Maggy yarabivuze, kandi warabonye ko "buyobe" atatowe ngo atware francophonie; ubu naho ntashigikiye 3e mandant ya "nkurumbi" naho nyene Imana niyo ibizi. DESOLE !!! ijwi rya OMA rishika kure, urabaza neza ababizi. OMA amaze gukiza ubuzima bw’abana benshi, ariko asaba ko atosubira kurera izindi mfyuvyi zivuye mu bwicanyi. None kuri wewe yavuze nabi? DONC, TU FERAIS MIEUX DE LA BOUCLER !!!

  • @ Milucha, nonekuba Maggy yaratesheje amahirwe Buyoya ukavugako Maggy yabigizemwo uruhara mugutuma Buyoya atatowe wibazamuvyukuri kotwebwe abarundi twungutsiki kuba Buyoya atatowe kombonamengo muriko murishimira ngokuko atatowe!? Jewe abishimirabose Ko atatowe nabavuze kwadakwiye gutorwa kandarabarundi ndabagereranya nababinye abasirikare buburundi barwanije umwasi baramutsinda muri province Cibitoke bacabasimbira kuma radio bavugango uburundi burakwiye gufaturwibihano namakungu ngokuko abasirikare batewe numwasi ngohanyuma bakamwakiranabi.

  • BA MUREKA GUTUKA ABAVUGA UKURI NONE MAGY SI COTOYENNE NKA BANDI???ABO BA PAYSANS BAHUNGIYE MURI USA SWEDE NORVEGE BACIRA UMURIRO W AMACAKUBIRI YATAYE IGIHE ..EREGA NI ABA PAYSANS BA RUKOTI BAJANYWE NA ONU BAVUYE MU NKAMBI TANZANIYA!!!!NTACO BAFISE MU MUTWE NDABAZI ATARI ICAKUBIRI BAKUYE MU NKAMBI!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.