IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugomero rw’umuyagankuba ruzokwakiriza ibihugu bitatu vya AEC

Urugomero rw’umuyagankuba ruzokwakiriza ibihugu bitatu vya AEC

jeudi 11 Nyakanga 2014

Urugomero rw’umuyagankuba rwo ku Rusomo rugiye kwubakwa, urwo narwo rukazohuza ibihugu bitatu, Tanzaniya, Urwanda n’Uburundi.

Abashikiranganji bajejwe umuyagankuba n’amazi bo muri iyo bihugu uko ari bitatu niho bugurura inama yo gutanguza ivyo bikorwa vyo kwubaka urwo rugomero. Urugomero rw’umuyagankuba rwo ku Rusomo rukaba ruzofasha muri ivyo bihugu kimwe kimwe cose kironka Mega Watts 30, urwo rugomero rukaba ruri mu migambi iriko irakorwa mu bihugu bihurira kuruzi Nil. Itegurwa hamwe n’iyubakwa ry’urwo rugomero rw’umuyagankuba ukaba uzotwara imyaka 5 rukaba ruzohera kwubakwa mu mwaka w’2015.

Umuntu aravye ubukene bw’ umuyagankuba buguma bwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, ntaworeka kwibaza aho iyo myaka izoherera uwo muyagankuba uboneke, canke kw’ikibazo c’uwo muyagankuba kizotorerwa inyishu, ingomero ziriko zirubakwa zitanguye gukora.


Anitha Bizimana

Messages

  • NAKAMUNA ntawuvyitayeho kubera iwabo mungozabo atabura abasigaye nibanyagupfa .iyamatora ageze babiruka inyuma ...iwe burundi

  • Kumbure twokwiruhutsa ku migambi itari mike kiretse amahinguriro maninimanini.

  • Biranezereje. Ariko ibikorwa nyamukuru bishika nka 90% bizobavyaheze muri 2018 ikindi nukongaha mwavuze 30 MWTS burigihugu kandi mengo burigihugu kizotwara 80 MWTS Ikindi kinezereza igihe urworugomero rwokorwa rugahera kuruhande rwu Burundi ruzotuma haronkakazi abenegihugu bataribake, abarwizatunganabo biziyongera uhereye kubarundi nabavuye hanze yuburundi harimwo nabazozana inganda zikomakomeye ivyonavyo bitutuma abarundibataribake baronka akazi koroheje nagahambaye, kiandi uburundi bushobora kuzoca rwunguka ibindi bisagara bikomeye mugihugu nkakarorero ahonkunzeguca mvuye Tanzania bita Kobero hashobora kuzoba igisagara gikomeye nahandi nkahobita Bwambarangwe muri Kirundo kuko mwiriya micungararo barasigaye inyumayamajambere kandimuvyukuri atakwobatagira kugirababeho buryanatwe ngaha Bujumbura nubwo umuyagankuba wirirwa uraducikirako bawukuyeho agaheriheri igisagara nticosubira kwitwa igisagara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.