IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ONU : Imbonerakure zasubiye kwagirizwa kwitwara nk’igisirikare

ONU : Imbonerakure zasubiye kwagirizwa kwitwara nk’igisirikare

mercredi 10 Ruheshi 2015

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agateka ka zina muntu ruragiriza,umuhari w’imbonerakure wegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD gukora amarorerwa ashobora gutuma igihugu gihungabana.

Umuvugizi w’umurwi urongowe Zeid Ra’ad Al Hussein,Rupert Colville yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko amakuru y’ibikorwa n’imbonerakure bayakura mu bantu batandukanye kandi akaza asa, ibisigura ko ata bubeshi burimwo.

Umuvugizi w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu yavuze ko amakuru ava mu mpunzi z’abarundi zahunze igihugu amenyesha ko, hari urwaruka rw’imbonerakure rushira ibimenyetso ku nzu z’abatavuga rumwe na Reta, ivyo navyo bigatuma abantu baca bagira ubwoba.

Rupert Colville yavuze ko ata bitigiri bitomoye vy’abamaze gupfa bafise,ariko yavuze ko gushika kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi, abantu 40 aribo bari bamaze kumenyekana ko bishwe mu myiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abandi bakaburirwa irengero nabo bagashobora kuba bicwa.

Umuvugizi w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu yavuze ko naho hari bibi vyakozwe n’abari mu myiyerekano,ntivyogwereranwa n’ivyakozwe n’imbonerakure,kuko zitwara nkigisirikare kidakurikije amategeko.

Rupert Colville agasaba abatavugarumwe na Reta gusaba abantu babo gukora imyiyerekano mu mahoro, kuko babifitiye uburenganzira,nayo babishizemwo ubugizi bwa nabi, Rupert Colville avuga ko vyokwonona igihagararo c’abatavuga rumwe na Reta.

Ku ruhande rw’Urwaruka rw’imbonerakure, Denis Karera azirongoye ku rwego rw’igihugu, avuga ko imbonerakure ari abarundi nk’abandi kandi ko ata gikorwa na kimwe kibi bahamagariwe gukora.

Denis Karera avuga ko,nk’indongozi badashobora gushigikira ikintu cose coza giciye inyuma y’amategeko.Agasaba ko icovugwa cose cobanza gutohozwa neza, nayo imbonerakure zikareka gufatirwa mu kivunga.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo ntamutima ugira aho uraja ngaho ukibanza ngo uriko uravuga? Namba mutihenze ,mwarahenwe

  • MBEGA YEMWE IMBONERAKURE ZABARIRIYE IKI?

  • Wewe Vital na Bucumi.ntamuntu numwe aba mugihugu atazi kw’Imbonerakure zikora ibibi biteye isoni.ariko sizose.namwe rero ntimwohakana kwatakibi zikora.ariko mwokwisubirako.kuko ibi bizora dusigarane.

  • ISI IRATUNZE! KANDI USANGA IVYO BIHUHA MUBIHEMBERWA?NIMUREKE GUSAMAZA ABARUNDI N’AMAKUNGU KUKO MWARAHINYUTSE.

  • MBEGA GA YEMWE UHANURA ASIGAYE ATUKWA KANDARIKO ABOGORA IBIGABA?HASHWI ISUBIREKO NAMWE.

  • lzo mbonerakure erega zararenze ihaniro! Ubu ni zo zikubita aba generaux, nizo zikora muri SNR, ni zo zigira isakwa mu mazu. Nizo zihana abagirizwa ivyaha bitandukanye kandi zigashimirwa n’abo hejuru. zitinywa nk’ingwe. zirak ubita, zikica abajejw umutekano barorera. None bagire gute? Nibababuza ni bo bahasigara, baca babasubirira! ahubwo amakungu nahaguruke agire ico akoze. ubu abantu bicirwa mu mazu buri ijoro ntibagira igitigiri. kuko nta n’amaradiyo ahari yo kubivuga. abanyuruzwa nuko nyene. ubu ni ukwitega ic’Imana iri bukore idutabare

  • Ahubwo Burya Imbonerakure Zibazako Ivyozikora Abarundi Batabibona Hazogera Ivyobakoze Bibasubire Kumutwe Bibukeko UBURUNDI BUTAZAMA MUMABOKOYABO

  • MBEGA KO AVUGA BAREKE KUBAFATIRA MUKIVUNGA KO ATAWE TURUMVA NGO BAHANYE AKOSHEJE KANDI UMURYAMBWA UMWE ATUKISHA UMURYANGO

  • MBEGA KO AVUGA BAREKE KUBAFATIRA MUKIVUNGA KO ATAWE TURUMVA NGO BAHANYE AKOSHEJE KANDI UMURYAMBWA UMWE ATUKISHA UMURYANGO

  • MBEGA KO AVUGA BAREKE KUBAFATIRA MUKIVUNGA KO ATAWE TURUMVA NGO BAHANYE AKOSHEJE KANDI UMURYAMBWA UMWE ATUKISHA UMURYANGO KANDI NGO UBIKA IKARA MU MPUZU RIKAGUTURIRA

  • denis karera we!urabaza sobuja nyabenda ijambo yavuze igihe izo mbone zawe zakubagura président cndd fdd buja mairie nibindi uzoce uvyemera aho mwirengagiza ico muzi bizobahindukira icaha ingero y’icaha......

  • IZOMBONERAKURE CANKUWARIWEWESE JEWE NOBAHANURA KOBOKWIHANA BAKIZERA YESU KUGIRABABERE UMWAMI N’UMUKIZA WABO

  • uwubuze ico avuga cose,avuga imbonerakure!mbe harimbnerakure murumva yafatanywe ibigwanisho!!uti nimbonerakure runaka twabifatanye atari ukuvugira mukivunga!!twarabahinyuye sha!yamara ntaho bizobageza!!abirirwa bafatanwa ibigwanisho si msd,fnl nabandi besnhi!shame on you!!

  • Aha ga Vital uriko uratakanyuka aha mutoteza imbonerakure ugirango nuko zikora ibibi gusumba abagira imigumuko aha wewe nturi muri bamwe bica Ndadaye

  • Imbono non ww ukora iki utagura essenc womeny ko yabuz nimurek abo bakora muri onu bababwir inyishu ni twozibaka gut hamaigihugu kib icabos

  • Ntawe ubuza imbwa kumoka. Ukuri kugenda kujya ahabona naho abo birwa bakwiza ibihuha bazagera aho baceceke.

  • nagira nibuts abo bose bariko babihakana ko imbonerakure atari milice ko bokwibuka umusi uwutwara cndd fdd akubitwa,nyabenda yahagaz kuma radio avuga ko bamukosoy atakubisw,ubwa 2 itangazo basohoy bavugako ama radio amwe yaturiw kuko avuga ibitarorany.bagez aho kuduora munkovu

  • Ahubwo imana nidutabare

  • Mutaravye neza imbonerakire ziraba nkinterahamwe ICO zakoze murwanda 94 havyarimana yabashizeho kuberi? None PR nkirunziza nawe yabashzeho kuberiki?!! Mbega imigambwe ifise iyo mihari ikora gisirikare??? Amakungu akwiye kubamaso ntibakore amarorerwa nkayinterahamwe zakoze mrwanda

  • Mutaravye neza imbonerakire ziraba nkinterahamwe ICO zakoze murwanda 94 havyarimana yabashizeho kuberi? None PR nkirunziza nawe yabashzeho kuberiki?!! Mbega imigambwe ifise iyo mihari ikora gisirikare??? Amakungu akwiye kubamaso ntibakore amarorerwa nkayinterahamwe zakoze mrwanda

  • siozote kwatjtmla labda kuna baazi ilakama mibinafsi sizituhumu kwaubaya wowote.

  • emma
    uwo mugabo wa oni ntimwumva kwavuga nivyo atazi ngonibintu babwiwe kuberiki mwabwiwe munyuma ntimuzekuraba ivyomwabwiwe kwarivyo kandi muziko uburundi buri mundyane? imbonerakure mutazikuyemwo mumitwe nugusara muzosara,pita twaramushimye ntawundi.

  • Basha ntimutuvuge nabi kandi tubumva,,imbwa ikosheje habazwa she buja.twe twahawe akazi kwogufasha SNR ariko turi mubikorwa twarabona ko hari ibikorwa igi Polici catinya gukora tuca turasaba ubushobozi bwokugikora ariko tugasaba ko twokwongerezwa agahembo,abohejuru baravyemera,twatanguye ibikorwa vyogukundisha CNDD FDD nokumenya abatavuga rumwe natwe tukabamesha komine,canke uwo twumvise acafuza umugambwe twaba dufise ububasha bwogukosora uwariwewese acafuza CNDD FDD kandi tukamuhana kumugaragaro naho police iraho ntabubasha bafise bwoguhagarika ico gikorwa ahubwo muricogikorwa twebwe tuba dufise ububasha bwoguha igipolici amategeko kandi bakayakurikiza batayakurikije nabo turabakora imbona nkubune kuko igikorwa cabananiye nico caduhaye ububasha hejuru yabo,kenshi tuba turi mumirwi aho uzobona abapoli umunani menyako imbonerakure tuba turi batatu kandi twese tuba twambaye umwambaro umwe,umupolici akoze ikosa ndamuhana ariko jewe nkoze ikosa arikawusha..ibiganisho navyo muvuga nivyo turabifise twabihawe kugira ngo ababanyi tubana muma cartier batubahe ntibatumenyere nkuko bari bamaze iminsi bifatira abapolici mugahanga..twebwe turi inkingi z’umugambwe wacu kandi tuzowurwanira gushika kumwisho w’isi.mbe ndababaze mwebwe mutwamiza mukanwa.muburundi ibishomere vyama biyerera binga gute kandi vyarize??CNDD FDD iradutabaye itwihereye akazi kugirango turonke ivyo tugaburira abana namwe ngo imbonerakure imbonerakure,nimutekereze sha mbe hamwe notonda iwawe nisahani wonshirirako indya ngaburira abana banje??nimudukure mukanwa kanyu sha twebwe turi kukazi.nayo abo bavugako tubatera ubwoba niyamuguruka itubaha amategeko yabarongozi babo.naho ngo kubakubita ahubwo tugiye kuzobamesura ubuhoho tugiye kuronka akazi kagaragara mukiringo camatora,tuzomasa nibara rirwe,ahubwo croix ruge niyagure igire ibitaro binini kuko intumva mu burundi ni nyishi kandi nitwabamesura neza tuzoca tunabagorora

  • Wewe wiyise [email protected] ngaho?aho wiyise umuhinga ngo uri imbonerakure.teshwa ute twarabahinyuye.ivyo muvuze ku mbonerakure biba biri iwanyu.Nagomba ntere akamo imbonera kure bagenzanje murabe maso mwumvise ko mumatora bazotumara.mbere basavye croix rouge kwagura ibigo.IMANA niyo izoca urubanza nayo kubeshera umuntu mumenye ko atawe vyereye mwampene mwe!

  • None igitangaje nikihe? imbonerakure n’abenegihugu b’uburundi kandi ni abarundi, umurundi uwariwe wese afita uburenganzira bwo gukingira no kurinda igihugu ciwe mugihe ari ngombwa ashobora no kurusha umuporisi canke umusirikare abishoboye muguharanira ineza y’igihugu ciwe, sinzi aho abantu badatahura ahariho.

  • @Kina@menge, uwo KAMWEMWE nakureke sha wiyagire ivyo uvuze vyose nukuri mugabo uko nugukunda inda zanyu gusa sugukunda igihugu, nabwo kandi nukuzihaza akanya gatoyi hama amatora aheze muzokwicwa ninzara nkabandi bose, jewe mbona mwakwikebuka barabahenda.

  • mumenyeko bamwe mumpu
    nzi za barundi batifuza gu
    taha kumpamvu zimigambi
    mibi yabanyamigambwe ba
    fite muburyo bwa politiki
    mbere bagitegura kudeta
    banakoresheje amagambo
    menshi yiterabwoba mugi
    hugu, abagizubwoba boni
    miryango yabo bamaze ku
    shikanwa mubuhungiro,ba
    hita batangarizwa kudeta
    kuma fone no kumaradio,
    ibyongi byo bimaze kwu
    mvwa ,bahita bitega icyo
    IMFURA NKURUNZIZA Yar
    Igukora, bamaze kwumva
    nokubona ko byanse bahi
    ta bakorina ma.babwirana
    ngo,tugerageze gukora i
    byo kunaniza Reta Nogu
    sabandi manama kumbure
    byavamo indi nzira yogu
    korindi, mubirebe neza nt
    a indi ndoto bafite, igike
    newe,reta Niyonge Ingufu
    Mukwongerumutekano,mu
    Gihugu,no gutanga ihumur
    e kubahunze no mugihugu
    mubyumutekano habe gufa
    tanya mugipolice nomuba
    turage.no guharira bimwe
    nabimwe kuberako shetan
    i abifitemo uruhare ruko
    meye, umuntu wese kuru
    handerwe agishe inama
    YESU,WE atigeze ahahami
    ra ibyisi,abo yagiriye ina
    ma bakumva baje hamwe
    bayihuze mukwubaka imiti
    ma nokwubaka igihugu,bu
    bahana.OK MURAKOZE,

  • oya bishizemwo ko kwitwa imbonerakure ari kuba umwicanyi,nimuteshwe mute sisi niwashanyakazi kandi uwukosheje aguhanwa ntabwo ari icyaha

  • Imbonerakure n’indongozi zazo zizojanwa i Lahe zicibwe urubanza rwo kwica, gusahura no gusinzikaza ubuzima bw’abanyagihugu. Vyanka bikunda bazokwishura ivyo bakoze kuko nta mvura idahita kandi nta joro ridaca. CNDD-FDD, Imbonerakure zose na Nkurunziza n’abari inyuma yiwe bosi bazobazwa abantu bapfuye, imodokari zaturiwe, amasoko yaturiwe hakoreshejwe acide CNDD-FDD yakuye hanze. Abarundi n’abarundikazi twigumye kuko amakungu na ONU ibiriko biraba barabibona. Imyiyerekano ibandanye ntihagarare kandi ndasavye abariko barayigira ntihagire ico bakora kibi, bubahe agateka ka muntu kandi basenge tuzotsinda!!!!!!!!!!!!!!

  • Je Ndashigikiye Cane Ko Ugufatira Mu Kivunga Imbonerakure Atari Vyiza,umwe Wese N’abazwe Ivyo Yakoze Ku Gatwe Kiwe.Ndabivuze Uko Kuko,mbana N’imbonerakure Nyinshi Ariko Benshi Ntawe Mbona Bahohotera.Gusa Igituma Zifatirwa Mu Kivunga,umukuru Wazo Amenye Ko Ubutege Bubifisemwo Uruhara Mu Gihe Ata Ngingo Zikomeye Bufatirwa Abitwaye Nabi.Erega,amategeko Aguma Ari Amategeko,mu Gihe Umu Civil Agomvye Gusubirira Umu Police Canke Umusoda Hama Ukamengo Ntacabaye Gutryo Bigatera Umutima Mubi Abandi.

  • bîragoye,ivyiwacu
    icombona,nugusengimana.

  • Jewe imbonerakure ndazikunda, kuko kuvazibayeho ntizirigera ziturira abantubabona, ntizirigera ziturira amamodoka, ntizirigera zugara amabarabara ngozibuze abirenganira ngozongere zibasige amazirantoke. Ariko ivyovyose mvuzebibi batarigera bikorwa n’Imbonerakure hariho abarundi bamazekubikora bisubiriza bosebabona, birateyisonirero kwumva ibibi bikorwa nabandibantu kubera batabiyamirije ucawibazako arivyo barikobaraguriza Imbonerakure kukwarizo baciye bashiramumajwi!?.

  • Umviriz Izombonerakur Muvuga Kozohawe Ib4wanisho Ub Twoza Tukajana Ww Wokwerekana Imbonerakure Ifis Ikigwanisho?Bamureka Gutukisha Umuntuntacobimaz Abobavugang Abahunga Bahungishwa Nimbonese Sibamwebaribagomba Gusubiza Igihug Mwihumbibikabananira.Ngobakubis Kudeta Twebw Mugihugu Turitekaniy Kirets Intumva Zomumakaritiy Amwamw Yibujumbura Ahand Turitekaniy Mwogirikibaz Vyizamwokwishikira Muntara Zuburundi Mukirabir Igenetwitekaniy

  • Twaba Imbonerakure Canke Ivyuma Vyindege ,Imbere Yimana Hazohagarara Umuntu Nivyoyakoze!Duhinduke Bigishoboka Twambare Amagunira Nkabamwe Bininiva Turirire Imbere Yurusengero Uwavuze Ngo Vyose Birarangiye Azorangiza Ibibazo Vy’iburundi!

  • uwo numubeshi numusavyi kuberiki abaza uruhande rumwe arivugana ashaka gucanishamwo abarundi turamwiyamirije.

  • Izomboneramwe jewe ndafata nkibikeha bwenge, ntawukwije ubwenge yokora ivyozikora. nuwitwa koyize, bose nibigugu ntancabwenge bafise.

  • Abo bagabo bose nyamba ari umutahe batanze murizo opposition babahenda ngobuca bafata igihugu babungukire nibacire birarura, turabonako igihugu c’uburundi cadandajwe na diaspora( nukuvuga abiyita abarundi bafise ubwene gihugu bubiri) kugira ize kwivomera itunga ryuburundi irishora mumahanga kugaburira imiryango yabo ibayo, nibacire birarura ubuturabona naho batwagiriza ngo turi ibijuju kubera ngo mama wanje tutize mumahanga ngo nukutugenderako, urugamba twararugwanye abarundi banyarucari hutu et tutsi turazi abari baratwishe baduteranya none i gihugu turakibona, izo mwita imbonerakure iyo zitabaho nk’umwana warugoti akarorero nduwima edouard, willy nyamitwe, peter nkurunziza, ....... eka abantu benshi bubwoko bwose tutazi nintara bavamwo ntawuba ari mu bureau bibavyigaramiyemwo diaspoara, tugakora tukicwa namavunja nabo baseha nabana babo bajana mububirigi sagaseseshwa rumuri abo bose bazimbataye mubihugu vyaburaya nabo kuri leta buyoya na bagaza hamwe na micombero abo rero ngonibo bashaka kugaruka kununuza uburundi umuhutu canke umututsi wi karuzi, cendacujuru asubire abakorere. nibacire birarura amase yakera ntagihoma urutaro politique wokwigaramira mubureau gusa ubu yaraheze.

  • heee. buriya onu ivuga ibyo yatohoje kand ifitiye ibyenezo ahorero izombonerakure zitwara nkingabozitagirumwami abazijejwe ntibitezutunyon onu irababona

  • TURABE NTITUVUGE IMBONERAKURE GUSA TURABE N’ABANDI BAGISIBIJE MU MIGUMUKO

  • mwarwaruka mw ntimusubire guhendwa ishamba mwakiz nti mukemer kurisubiramwo,kora imigambi y’iteramber musubir mw’ishure mwige murek kwishinga ababahamagarira mugora ibibi mw’irere abavyeyi babibaruts,imiryango mwashinzw,n’impfuvyi bene so babasigarany abo banyepolitik mw’ishinga ejo biyurira indeg namw musigar murakubitwa iza Yesu kumusalaba,ndavuga simvura kdi havugwa menshi bikumva bene vyo

  • imbonerakure barazibeshera,ntakibazo abarundi bafise kubera imbonerakure

  • imbonerakure barazibeshera,ntakibazo abarundi bafise kubera imbonerakure

  • imbonerakure barazibeshera,ntakibazo abarundi bafise kubera imbonerakure

  • NONE IMBONERAKURE ZOKWIKOSORA KUKO ZAGIRIZWA AMAKOSHA MENSHI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.