IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwarungitse uduhanga tw’abantu yafashwe n’igipolisi

Uwarungitse uduhanga tw’abantu yafashwe n’igipolisi

mercredi 30 Gitugutu 2013

Giuseppe Favaro w’ubwenegihugu bw’Ubutaliyano yafashwe n’abajejwe umutekano inyuma y’aho aciye murya humye abakozi ba Posita y’i Bujumbura arungika uduhanga tubiri tw’abantu. Utwo duhanga tw’abantu twari turungitswe mu gihugu ca Tayirande twafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura ku munsi w’ejo kuwa kabiri.

Ubuyobozi bukuru bwa Posita i Bujumbura bumenyesha ko bwaguye mu gahundwe bumenyeshejwe n’abajejwe kugenzura ibisohoka n’ivyinjira ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ko hafashwe uduhanga tw’abantu dutekewe neza mu dufuko twa posita. Baciye batangura amatohoza, babifashijwemwo n’abajejwe umutekano bari kumwe n’igendereza. Ku murango wo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Gitugutu 2013 niho hafatwa uwari yarungitse utwo duhanga bivugwa ko twari tugiye mu gihugu ca Tayirande.

Uwafashwe yari umunywanyi akomeye wa Posita y’i Bujumbura

Giuseppe Favaro, ni umunyegihugu wo mu Butaliyano. Asanzwe yiyita Kassim Abdoulgan, izina ry’ikiyisiramu yafashe kubera umugore wo muri iryo dini bubakanye. Giuseppe Favaro "Kassim Abdoulgan" yatanguye kurungika ivyo akeneye ko bija mu mihingo yose y’isi abicishije kuri Posita kuva mu mwaka w’1999. Yari amaze kuba umunywanyi wa Posita ku buryo n’iyo bagize iminsi mikuru yahora yama atumirwa.

JPEG - 40.6 ko
Giuseppe Favaro (i buryo) ari mu rubanza yari yatumiwemwo na Posita

Kuva iyo myaka yose cumi n’ine, yahora yama avuga ko ivyo arungika ari ibikoresho vy’utugenegene, kuko yasigura ko ariwo mwuga umutunze.

Amayeri yakoreshejwe yatumye ababijejwe batamuca n’ikanda

Uwo nyene kurungitse utwo duhanga, nk’uko twabisiguriwe na Nizigiyimana Salvator, umuyobozi mukuru wa Posita, yabanje kuzana ivyo yashaka kurungika, abonye ababijejwe muri Posita bagira barabe ivyarivyo, aca amenyesha ko asanze ata mahera akwiye yo kubirungika afise. Yaciye asubira inyuma, hama agaruka afise utwo yatekeye, dusa n’utuntu duke, ariho harimwo utwo duhanga tubiri tw’abantu twarungitswe hama dufatirwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Mu gihe ibintu vyose bitegerezwa kugenzurwa imbere y’uko birungikwa kiretse ikete, Nizigiyimana Salvator, umuyobozi mukuru wa Posita aremeza ko uwo mukozi wa Posita atakoze akazi kiwe uko bitegerezwa ari mu makosa, ko bamusavye kwisigura. Nibasanga vy’ukuri yarakoranye n’uwo mubisha, Salvator Nizigiyimana umuyobozi wa Posita amenyesha ko azohanwa hisunzwe amategeko. Mwomenya ko mukudondora ivyo arungitse, Giuseppe Favaro "Kassim Abdoulgan" yabwiye ababijejwe muri Posita ko arungitse mu gihugu ca Tayirande ivyuma bifata amasanamu.

JPEG - 38 ko
Umuyobozi w’ikibuga c’indege ca Bujumbura ahafatiwe utwo duhanga tw’abantu, Maniratunga Albert (i bubamfu) ari kumwe na Nizigiyimana Salvator, umuyobozi mukuru wa Posita

Ubuyobozi bukuru bwa Posita bumenyesha ko bagiye gukomeza umutekano mu kugenzura ibirungikwa, kugira n’imbere y’uko bishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bizobe vyagenzuwe neza (Scanning) ku buryo atawosubira kubaca muryahumye, agateza urubwa Posita, ikibuga c’indege n’igihugu cose muri rusangi.

Giuseppe Favaro "Kassim Abdoulgan" yafashwe isaha indwi n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura. Igipolisi kiriko kiramwumviriza kugira kimenye aho yari atwaye utwo duhanga tw’abantu, n’ico twari tugiye gukora. Urugo rwiwe ruri mu Kajaga igipolisi kiriko kirarusaka kugira barabe ko ata bindi vyoba binyegejeyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • nibabice ingero yicaha nurupfu.

  • haaaaaaaaaaaaa. ababarundi korabicanyigamwa? musigaye mugurisha uduhanga ngewe ndumiwe. imana izobibaza

  • ndabaramukije.jewe ico novuga kuruwo mugabo nukuri nahanwe bikwiye bataravye isura.kuko bibonekana ko nibihimba vyabantu yahora abishora.nibaza nacagihe bakura amenyo yabantu ko ariwe yabanga mission.

  • @bosco ndagushigikiye!! Ahubwo bamufunge ubuzima bwose..kuko arabikwiye hama ace avug nabandi..murakoze kuriyo nkuru

  • Hahaaa hahah...biratwengeje peut! Ubirundi naho bugeze????

  • c gravement grave. nukumubaza naho utwo duhanga yari yadukuye no kuva ryari akora ayo "matransactions"? navyo nyene biratey ubwoba kandi n’ibibazo vyinshi.

  • oya ivyo birarengeye ubwenge bw’umuntu pe.leta nigire amatohoza yose ashoboka kugira bene abo bantu bamenyekane , bafubane ababo iteka .oya si ivya kusema. ca depasse l’entendement. que justice soit faite pour une eradication effective de ce fleau.on croyait que la traite des personnes est a present termine.navuge abo bose bakorana ayo mahano bafatwe bumvirizwe , bongre bacirwe urujanye n’ivyaha bene ivyo

  • ndabaramukije bene wacu babarundi iyo nkuru mbi y’uyo munyamahanga ariko arasevya igihugu canyu catureze neza aho tugeze ubu dukesha u BURUNDI n’ukuvuga ngo s’ubwambere abikoze urumva ko yabizanye mbere abona ko bagiye kubirabamwo imbere ko babirungika agaca abisubiza inyuma n’ukuva ngo ivyo yarungitse mbere bikagenda haimwo amaguru, ikindi gihe amaboko ikindi gihe umutumba etc....nibamuhane bakurikije amategeko bamubaze n’abo bantu yishe bene wabo abahe impoza marira jewe kubwanje mbona ko bamupfunga imyaka mirongo itanu.

  • Mbaye ndashimira cane bimvuye ku mutima abakozi ba aeroport bashoboye gutuma uwo mubisha Giuseppe Favaro, alias "Kassim Abdoulgan". Kumva yahora arungika ibintu vyiwe par la poste kuva kera, bisigira ko hari n’ibindi bintu vy’agahomerabunwa yagum’arungika. Certainement ko afise abantu babimufasha mwo ng’aho muri poste. Imana ishimwe kumva yafashwe. Muzosanga yatoye kuba mu Burundi ariko asanzwe yakora uwo mwuga ugayitse mu bihugu vyinshi cane cane, Tanzania, RDC Congo, Rwanda, Kenya, Ouganda. U Burundi rero, yabonye ko abantu twari dusinziriye kandi dukenye Cette mauvaise entente de nos politiciens, na yo nyene, iha akaryo kanini abantu nk’abo kuguma bigira akamararuganda mu gutikiza benewacu. Iri ni ibara ryo ku mutemere ata muntu ashobora kuryihanganira. N’abo ba nyamwema bahora baronderwa, muzohava musanga uwo mugabo abiri mwo. Rero, nibagire neza investigation batore abo bikorana n’ivyo amaze kurungika ivyo ari vyo. Ba kaboko ntimubashiremwo. Nkasaba ko OLUCOM n’ayandi ma societes civiles dont APRODH ainsi que les journalistes botubera ijisho n’ugutwi, benegihugu twame twamenye uko biriko biragenda. Biheze, l’Etat burundais ice imushengeza inamenyeshe toute l’Europe et surtout son pays, l’Italie, amarorerwa yiwe. Ibihugu bibanyi na vyo bibwirizwa kubimenya eka n’abahatuye kugire ababuze irengero ry’ababo baronk’akaryo k’aho babariza no kurondera. N’uwo mutambukanyi wiwe, ni ukuraba ko atabifise mwo uruhara. Biheze, ace apfungwa ubuzima bwiwe bwose.

  • Ntako iyi nkuru ari yo abamenyeshamakuru bacu bashatse ko tugir’ico dutereye, nibaza ko imbere yo gushikiriza inkuru canke amajambo twobanza kwisuzuma. Mbivuze mpereye ku vyanditswe munsi y’isanamu bikurikira: "Umuyobozi w’ikibuga c’indege ca Bujumbura ahafatiwe utwo duhanga tw’abantu, Maniratunga Albert (i bubamfu) ari kumwe na Nizigiyimana Salvator, umuyobozi mukuru wa Posita". Ko havurwa cet italien agurisha uduhanga, none umuyobozi w’ikibuga c’indege we yabigiye mwo gute kugire na we afatanwo utwo duhanga? Sinzi ko ari akaciyemwo umumenyeshamakuru, mbona akwiye kwikebuka. Nayo ivyerekeye uyo mu Taliano, Giuseppe Favaro "Kassim Abdoulgan", aratukishije igihugu cacu. Nizeye ko abajejw’amatohoza n’abacamanza bazovyifata mwo runtu.

  • AKATIGWE URUMUKWIYE KABISA,

  • Erega Gerard, namba wewe utakurikiranye neza iyo nkuru! Utwo duhanga twafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, kandi twari dutekewe mu mifuko ya posita. Nico gituma abo bayobozi bompi bagiriye ikiganiro hamwe bashima ko uwo yagira abateshe urubwa yafashwe

  • Heheeee muburundi ni hatari

  • Heheeee muburundi ni hatari

  • Albert DG wa Aeroport arakwiye agashimwe nkumukozi akora ico azi,jewe ndamuzi twarakoranye abahora bamwihendako mukumwambika ibira gushikaho amara iminsi mu mpimba araberetse ko adasanzwe tukamusabaabandanye akorera igihugu ciwe. Yime amatwi abashaka kumuyovya.MASHOKE CAPA KAZI

  • Ababicanyi bashyikirizwe. sentare????????????????????

  • ahubwo nibamubaze abobantu ni bande banyene ubuhanga?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.