IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwiyemerera ko yakoreshejwe mu kwica ababikira batatu ashobora gushikanwa (...)

Uwiyemerera ko yakoreshejwe mu kwica ababikira batatu ashobora gushikanwa mu Burundi

vendredi 3 Ndamukiza 2015

Juvent Nduwimana aheruka kuvuga ko ari mu bagandaguye ababikira batatu bo muri paruwasi ya Kamenge, bitegekanijwe ko agarukanwa mu Burundi, kuri uyu wa 3 Ndamukiza uwu mwaka.

Juvent Nduwimana rero akaba yaheruka kubwira abamenyeshamakuru uko vyateguwe mu kugandagura ababikira Olga, Bernadette na Lucia bose bava mu gihugu c’Ubutariyano. Ariko rero nk’uko amakuru atandukanye abandanya gushikira ibinyamakuru bitandukanye vyo mu Burundi, Juvent Nduwimana sanzwe ari mu rwego rwa AMISSOM ,mu gihugu ca Somaliya, ashobora n’ukugandagurwa, mu ntumbero yo kunyegeza ukuri, kuri iryo gandagurwa ry’abo babikira.

Naho biri uko, umuryango w’Ubumwe bwa Buraya umenyesha ko utazigera uheba gukurikiranira hagufi amatohozwa ku bw’icanyi bwakorewe ababikira batatu. Cecile Kyenge, umwe mu bashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya, avuga ko bazohemuka abishe ababikira Olga,Bernadetta na Lucia bamenyekanye, mbere banakubitwe inkoni mu gahanga.

Eka mwomenya ko n’amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe n’ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu Burundi, nabo nyene bamenyesha ko bazobandanya urugamba rwo kuronderera ubutungane abo batamakazi batatu bishwe urw’agashinyaguro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.