IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira Ubumwe bwa Afrika nawe yoba yazize ikiringo ca gatatu c’umukuru (...)

Uwuserukira Ubumwe bwa Afrika nawe yoba yazize ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

lundi 6 Ndamukiza 2015

Uwahora aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu Burundi no karere k’ibiyaga binini intebe yiwe yari i Bujumbura yoba yirukanywe kubera kudashigikira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Nk’uko ayamakuru tuyakesha ibinyamakuru bitandukanye harimwo na RFI,
Boubacar Diarra yari asanzwe aserukira Ubumwe bwa Afrika mu Burundi, yahamagawe mu nama i Addis-Abeba yerekeranye n’akarere k’ibiyaga Binini, kuri uyu wa 3 Ndamukiza, ariko rero uwo asanzwe aserukira Ubumwe bwa Afrika akaba ashobora n’ukutagaruka guserukira iryo shirahamwe mu Burundi, kuko yoba yagirizwa n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ko ari ku murongo umwe n’ibihugu vya Rutura mu kwankira Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, niwe ubwiwe yoba yarasavye umupfasoni Nkosazana Dlamini Zuma igihe yari mu rugendo rwiwe i Bujumbura, ko uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika hamwe n’akarere k’ibiyaga binini icicaro ciwe kiri i Bujumbura ,yohagarikwa muri ayo mabanga, nk’uko vyandikwa na RFI. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Laurent Kavakure aremeza ko Boubacar Diarra yahamagawe, ariko akavuga ko ihamagarwa ryiwe , ari intumbero yasabzwe na Reta y’Uburundi, hamwe n’Ubumwe bw’Afrika mu kwiheweza ibikorwa vyiwe.

Boubacar Diarra asanzwe avuka mu gihugu ca Malie, akaba ari umwe mu bantu batarya umunwa, bimwe mu vyoba bitanezera ubutegetsi bw’i Bujumbura, mu gihe bwabona ko ari intambamyi ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru RFI.

Ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, kikaba kimaze gusa n’igicanishamwo zimwe mu nzego z’igihugu. Aha tukavuga nk’ingendo za bamwe mu bategetsi zasivye kubera ko boba baterekwa ico kiringo. Aha twobibutsa nk’urugendo rw’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma rwasibijwe mu Bubirigi, hamwe n’uw’umukuru w’ianama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana aho yaja mu gihugu ca Senegal.


Aristide Nizigire

Messages

  • EMWE RETA YIBUJUMBURA NUKUYISENGERA ABARUNDI BENEWABO YABAMAZE ABANGAZA NONE UBUNAHO ATANDUKIYE ABANYAMAHANGA EREGA MURARABA WAMUNTU YAVUGA ATI ARABA NABI YARI YABIBONYE NIMVO YOGUSARA MURAMWIGIZAYO UWUTARYA UMUNWAWESE NUKUMWANGAZA EMWE NIHO NKIBONA KO IGIHUGU KIRYOSHE NONE AHO BWABU EPESI NIBWO BURIKO BURAMUSAZA HARABIZE IVYIRWA BISUMBIVYO NIYIGIRE NEZA HATARAVUGWAVYISHI YAMANA YASENGA NIYOYAMUBWIYE KO AGUMAHO?

  • Ce mandat de la mort! et de la honte ,ce tsunami de president qui humilie tout le monde y compris les sages,les hommes intègres ,qui tue et vole ! les barundais attendent impatiemment sa decheance et celebreront avec joie cette heureuse evenement,il ya des hutu honnetes et intelligents qui ont soif de la paix et qui peuvent renverser ce dictateur.

  • BIT NTAKUNDI NIYIHANGANE BUJOCA

  • Nyakubahwa. Piere Nk nimba unyumva canke nimba usoma ibi nanditse ndagusaba ufante Bible yawe. Usubire usome neza apana kiryagihe wanbuhenda nguza mubikorane kumbe urumunyavya. Ubworero nimba utagombako Imana ikugabura kuko wayishavuje ndaguhanura. Hagarika ahandiho ugomba ubone ko Imana ya Barundi. Ibaho urakoze ubwo butumwa ntubukengere. Nuwundi abusoma abuvuge hose mugihugu. Amen

  • Yabumurundi kugatwekiwe canke umurundi akorana numunyamahanga ekambere nunyamahanga kugatwekiwe abobose ntagahengwe canke kubihanganira tuzosubira kubaha mugihe bakomeje gufata igihugu cacu nkakantu katazi icamategeko avuga ivyorero vyokwifatira igihugucacu nindongozizaco ukobishakiye sivyubu kuvaturonse intahe yokwijukira harabarundi bonyenivyabo bakomeje gukorarana nabakavamahanga mukugambanira igihugucabo nindongozi zaco rekandabibutse kimwe ndashaka kubabwirako mwiyicwa ryumuganwa atarunugani Rudoviko Rwagasore hariho abarundi babigizemwo uruhara, nunomysi murabibonako hakiruho abarundi babonye umuntu wumukavamahanga avuzikintu kidatezimbere igihuguzabo bacabamushigikira ahubwobagatangura kuririmbango akabarundi karashitse ngwibihuguvyarutura birakataje! Mucenwibuka abagadaguye Rwagasore nabonyene bomubihugu vyarutura, nagombakubabwirareroko ivyuwoyirukanwe nubwomwinomisi ikibayecose aruguca mushiramwo ivyamatora mumisi muzomenyako mwihenze. Hanyuma rero uburundi nabarundi murikikinjana ca 21 tugombakwandikisha ikintu gishasha, abantubabahabwe kuvuga ivyizanibibi vyose ariko uwuzanye ikirwanisho tuzobanze duhagarike ivyotwarimwo tubanze tumujosore ekayemwe yabintumva yumurundi canke ikindigihugu, abobose dutegerezwa kubarwanya munguvuzosezishoboka ntakujenjeka kubera ntacotuma tutibazako atari vyavyihebe vyatugabisha vyobabiteye uburundi nabarundi ningenzi zirimugihugucacu, nugujubuta bimwebirenze guhaaha. Ndabasubiriremwo abakoresha akarinwi urubuga nurwabo cankumwanya nuwabo bazovuga kugeza yaho nabataribake bazobona amajambo bakoresha arinkanasasu bahebebahunge.

  • Emw nibagum hamw imvug kur niziz muburund vyotum buter imber, ntituzomwemerer koyitoz mandat3 nagend atarabon ingoran ntmuryang wiw, imbonerakur naz zizokwibonerak amahan nibagum bahedw nibisubirek hakir kar

  • vyanka bikunda iyintwaro isa niya nimurodi izosenyuka kazima indimi zimaze kuba zibiri

  • Ivyo mibimaramare yarataye umutwe mugsbo nukuruhira ubusa umurundi yarasibwe kumutima nubunywa maraso bwawe ntigukeneye imigambi yawe ntiya tunyuzr nutembe ntutembane abene burundi.

  • IVYO VYOSE BIRIKO BIRABA NDAZI NEZA YUKO IMANA IBIZI KANDI IMANA IRANKA ABARENGANYA ABONDI REKA UBWOKO BW’IMANA BUBEHO VYOSE IGIYE KUBITANGIRA INYISHU.

  • bacumuni bti kanarabagabo ntiyimye kandi ati agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona rero niyunve impanuro bamuha

  • NUKURI IGIHE TUGEZEMWO MUGIHUGU CACU CIZA, KUBASENZI NAHO GUSENGA UBUGOMBE BW’IMANA BUKORE KUK TWINJIYE MUGIHE CUMWIJIMA MUGIHE NKIKI SATANI AKORA CANE AMAREMENTANYA AKABA MENSHI AKARENGANYO KO NTIKAVUGWA ARIKO YESU ARABIBONA AZOZA GUCA IMANZA NIWE ACA IZIBEREYE NTATEGEKWA NTARYA IGITURIRE AMEN.

  • Mbega nobabwiriki intwari zirih kand zizamaho ntabwoba zo zitegwa nibibanza zirimwo ndetse naho wozica birakuraba zo ziharura ineza yababa basigayeeee

  • komera kuri volant turikumwe mutama.

  • CNDD.F.D.D NIVE NTIREHEJURU YA MATEGEKO

  • Nuwera, turarambiwe ibintu wandika bidasomeka. Ba witonda ureke kwandika nk’uwahahamutse. hari uwi muba muriko urahiganwa??
    Izo Nyabusorongo zawe ube ugerageza gushiramwo Ponctuation. (virgule: Agakwabu, Point:akaburungu, double points:utuburungu tubiri, pint-virgule, espace:umwanya hagati y’amajambo etc....). Kandi gerageza gutandukanya amungane adahuje iciyumviro.

  • @ Nkunduburundi, urakwiye kujamwishuri kugira ushobore kuzurasoma ivyandikwa nabantu babajanja nkanje, erega nkabigira kabizi kary,imboga karitse, ishinge kumbwira ngongende kwiga kwandika twakaburungu natwagakwabu uburegusoma msg nanditse uzosanga abandi baragutanze kumenya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.