IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Welcome Home, ireresi ya mbere ku rwego rw’igihugu

Welcome Home, ireresi ya mbere ku rwego rw’igihugu

samedi 15 Ruheshi 2013

Inyuma y’indwi yose bariko barerekana amareresi ari mw’ihiganwa, ibikorwa vy’isabukuru y’amareresi mu Burundi ku ncuro ya gatanu vyaraye bisozerewe n’ugutanga udushimwe ku berekanye ubuhinga kurusha abandi.

Mu majambo yagiye arashikirizwa haba ku mukuru w’isabukuru ry’amareresi mu Burundi, abari mu mirwi yahitamwo amareresi yabaye aya mbere, barakengurutse intambwe ubuhinga bugezeko bakizera ko imyaka iri imbere imikangara y’abarundi izoba ishobora no guhiganwa n’abandi.

Ireresi “Welcome Home” niyo yabaye iya mbere mu mahiganwa y’amareresi yo mu Burundi ikaba ari nayo yatahukanye udushimwe twinshi mu twariko turahiganirwa.
Leonce Ngabo, n’umunezero mwinshi yarashimiye abashoboye gufata mu mugongo iyo sabukuru, atibagiye n’abashoboye kwitanga mu bikorwa kugira isango ry’ejo ryo gusozera rishobore kuba iry’akarorero.

Twobibutsa ko kuri iyi ncuro ya gatanu, FESTICAB yashoboye kwunga ubucuti na FESPACO yo mu gihugu ca Burkina Fasso, aho bazohora bazohora bungurana ubumenyi mu ntumbero yo gutezana imbere no gufashanya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.