IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Yozefu Butore yishuye ku bibazo bitandukanye vy’abakenguzamateka

Yozefu Butore yishuye ku bibazo bitandukanye vy’abakenguzamateka

mercredi 30 Mukakaro 2014

Umushikiranganji Yozefu Butore yarishuye ku bibazo bitandukanye vy’abakenguzamateka. Ibibazo vyari bishimikiye ahanini ku vyerekeye itangura ry’umwaka mushasha hamwe, n’ukungene umwaka w’ishure muri kaminuza y’ Uburundi wama uba muremure.

Haraheze imyaka itari mike kaminuza y’ Uburundi yugarijwe n’ibibazo bitandukanye yaba ukuntu itunganijwe, ibibazo bijanye na yegereyere z’urutavanako yaba iz’abanyeshure canke iz’abigisha. Ivyo rero bigatuma imyaka y’ishure iba miremire cane ,abahejeje amashure yisumbuye nabo bikaba ngombwa ko barindira uwundi mwaka, kugira bamenye ibisata baba barungitswemwo kwiga (orientations). Ninaco igituma abakenguzamateka b’Uburundi basavye umuco kuri ivyo bibazo vyose vyugarije iyo kaminuza.

Mu gihe yararamutse yishura ku bibazo vy’abakenguzamateka kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 29 Mukakaro, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore akaba atanga n’umuco ku bibazo bitari bike. Ku kibazo co kumenya igituma ivyo kumenyesha abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye ibisata bazokwigamwo vyama biteba cane, umushikiranganji yamenyesheje ko ico kibazo co kubarungika mu bisata bitandukanye kiba gikorerwa mu murwi uhurikiyemwo bamwe bo mu bushikiranganji bw’amashure yisumbuye hamwe na bamwe bo mu bushikiranganji bw’amahure ya kaminuza n’ubushakashatsi. Uwo murwi nawo, ukorera ku ntonde zivuye mu bushikiranganji bw’amashure yisumbuye.

Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi amenyesha ko mu gihe intonde ziba zitararungikwa mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, ntaba afise uburenganzira bwo gutanga itegeko ryo gutangura igikorwa co kubashira mu bisata bazigamwo. Abo bakenguzamateka kandi bashatse kumenya icoba kiriko kirakorwa mu gutunganya imyaka iguma ihura bivanye n’uko gucerwa mu kumenyesha abanyeshure ibisata bazokwigamwo hamwe n’iyo ngorane y’ubukene bw’abigisha.

Umushikiranganji Yozefu Butore yamenyesheje ko iyo myaka ihurirana bivanye n’amayegereyegere y’urutavanako, hamwe n’ubukene bw’amashure, abigisha bake hamwe n’ibitigiri vy’abanyeshure ari vyinshi. Ivyo rero bigatuma bigorana na rirya abavyeyi b’abarundi abenshi bugarijwe n’ubukene budasanzwe bigatuma badashobora kurungika abana babo mu ma kaminuza y’abigenga.

Ikindi kibazo babajije umushikiranganji yozefu Butore cerekeye ingene agafashanyo gahabwa abanyeshure biga muma kaminuza y’abigenga kama gateba, umushikiranganji Yozefu Butore yamenyesheje ko ingorane iri ahanini ku bayobozi b’ayo ma kaminuza bama batanga intonde batevye.


Floxella Karire

Messages

  • Ariko nkuyo avuga iki??jewe nibaza ko diplome afise niyo yivye??nyibishoboka imyaka atwaye abura niikintu 1aragura nibara akabandanya avuga DD muri ibimeneke mubwenge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.