IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Zimwe mu Mbonerakure nazo mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca (...)

Zimwe mu Mbonerakure nazo mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu

mercredi 13 Rusama 2015

Muri komine ya Kanyosha, imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yitabiriwe na bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD nk’uko umwe yabitwiganiye.

Muri iyo myiyerekano yitabiriwe n’urwaruka, abagore n’abagabo bo muri iyo komine, bazindutse kuva igihe c’isaha imwe y’igitondo, amafirimbi avuga, abandi nabo bariko bavyura umuhana ku muhana. Muri iyo komine rero bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD bitabiriye iyo myiyerekano, bavuze ko mukuza binyegeza bagenzi babo, kuko batinya ko bogirirwa nabi.

Bamenyesha ko bipfuza kumva umukuru w’igihugu yarekeye abandi bagumyabanga bo muri uyo mugambwe babishoboye, bakiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu. Abo banyagihugu bo muri komine ya Kanyosha, bagerageje gushaka kwinjira hagati mw’ibarabara rija mu Rumonge, ariko Imbonerakure zishigikiye Petero Nkurunziza hamwe n’abaporisi baca baratangira, abari mu myiyerekano, baca baja ku Musaga kwakira abandi bari bavuye mu makomine amwe amwe y’intara ya Bujumbura Rural, bari baje mu myiyerekano mu gisagara ca Bujumbura.

Tukabamenyesha ko muri iyo myiyerekano, abaporisi bari kumwe n’abasirikare bari bacungereye ikiraro ca Kanyosha kigabura Musaga na Kanyosha, bacungereye umutekano w’abari mu myiyerekano, mu kuzibira utuyira twose twinjira mw’ibarabara rikuru, kugira ntihagire uwohava abahungabanya umutekano w’abagira imyiyerekano. Abariko biyamiriza ico kiringo, tukaba twabonye ko bagerageje kwubahiriza ibintu vy’abandi, aha tukavuga nko mw’isoko, aho bahaciye ntibibe ikintu na kimwe, eka n’ingoro ya CNDD FDD yo mu Kanyosha, abari bayicungereye ntibakomwakomwe, naho twabonye ibiyo vyayo vyamaze kumenagurwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.