Accueil > Amakuru > u Burundi > 1963, umwaka w’intibagiranwa hagati y’Uburundi na Vaticano
1963, umwaka w’intibagiranwa hagati y’Uburundi na Vaticano
lundi 17 Ruheshi 2013
Leta y’Uburundi na Vaticano bazohimbaza kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi 2013 imyaka 50 ihaciye umwami Mwambutsa IV Bangiricenge aronse amakete y’uwuserukira nyenubweranda mu Burundi.
Uwamusubiriye, Musenyeri Francos Coppola akaba yabimenyesheje Salvator Kadende akorera ku kinyamakuru « Le Renouveau » igihe bari mu nyubaka y’uwuserukira Uburusiya mu Burundi bari kumwe n’abakora muvy’ubuserukizi hamwe n’abandi bamenyeshamakuru. Aho hari kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013, mu gihe bariko barahimbaza umunsi mukuru w’abarusiya wama uhimbazwa iminsi yose kuri iryo genekerezo nyene.
Uwuserukira Nyenubweranda papa mu Burundi yamenyesheje ko kuri uwo munsi bazoba bibuka iyo myaka 50 ihaciye. Harategekanijwe imisa idasanzwe kugira bahimbaze imigenderanire myiza yamyeho hagati y’Uburundi na Vaticano.
Ariko ikibabaje n’ivyabaye hagati y’imyaka y’1976 n’1987, kuri Republika ya kabiri hatwara umukuru w’igihugu Yohani Batisita Bagaza, kuko kuri iyo ntwaro, ekleziya Catorika itahatoreye akoyokwe. uwaramutswa igihugu muri iyo myaka, Bagaza yaragerageje kuburabuza ekreziya, ariko Imana irakinga.
Egide Nduwimana