Accueil > Amakuru > u Burundi > 2012: Ububirigi burashima imigambi yakozwe mu Burundi
2012: Ububirigi burashima imigambi yakozwe mu Burundi
mercredi 12 Ruheshi 2013
Ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi barashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe n’ingoma y’Ububirigi mu Burundi mu kiringo c’umwaka umwe w’2012.
Marc Guedopt, uwuserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi yamenyesheje ko igihugu ciwe gikenguruka ibikorwa vyaranguwe mu Burundi n’ingoma y’Ububirigi mu migambi y’iterambere ry’abanyagihugu.
Muri ako kanya nyene kw’ihoteli « Club du Lac Tanganyika », haratunganijwe inama y’urwego nyobozi rw’ibisata bifata mu mugongo iterambere mu Burundi. Iyo nama ikaba yari ifise ahanini intumbero yo kurabira hamwe ivyaranguwe n’Ububirigi mu Burundi.
Inyuma y’iyo nama, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye mu Burundi, Issa Ngendakumana yaruguruye icese ihayanishwa ry’amasanamu agaragaza ibikorwa vy’ingoma y’Ububirigi mu Burundi.
Egide Nduwimana