Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igenekerezo rya 27 Nzero rikwiye kuba umunsi wahariwe umudandaza mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Igenekerezo rya 27 Nzero rikwiye kuba umunsi wahariwe umudandaza mu (...)

Igenekerezo rya 27 Nzero rikwiye kuba umunsi wahariwe umudandaza mu Burundi

lundi 27 Nzero 2014

Umudandaza mu gihugu akwiye guhabwa agaciro, kuko niwe ubuzima bw’igihugu buzungurukako. Abadandaza nibo bazana imiduga ikoreshwa ,nibo bazana ibidandazwa bitandukanye yaba imfungurwa, impuzu, inyobwa, ibikoresho vyo kwubaka ariko ikibabaje n’uko ariko arafatwa nabi muri kino gihe, nk’uko bivugwa na Pacifique Ninihazwe mu ruganda rwari rwateguwe na Sendika SYGECO (Syndicat Général des commerçants).

Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE yibutsa ko umudadandaza ari kirumara cane mw’iterambere ry’igihugu. Agira ati : "Mu bindi bihugu biteye imbere, umukuru w’igihugu iyo afashe urugendo agenda ari kumwe n’abarwizatunga kuko hari ingingo zimwe zimwe ziba zikwiye gufatwa bari kumwe, kuko ku bwiwe igihugu si poritike ahubwo ni ubutunzi (économie) ubwa mbere na mbere.
Nk’uko bibandanywa bivugwa na Pacifique arongoye ishirahamwe FOCODE, birababaje cane kubona gushika ino saha Reta itigeze iha ikiganiro ababuriye ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ivyo bikerekana ko bafata minenerwe ikibazo c’umudadandaza. Abandanya avuga ko abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi baba bakwiye gufata umwanya ukwiye bakiyumvira ico bokora kugira bateze imbere abadandaza bo mu makomine barongoye.

Pacifique Nininahazwe akaba yarangije asaba ko igenekerezo rya 27 Nzero 2013, umunsi igihugu cibuka igihe isoko nkuru ya Bujumbura isha yose igahera, Reta yoraba ikawugira umunsi wahariwe umudandaza kugira kazokwame ari akaryo ko kurabira hamwe icokorwa kugira umudandaza w’umurundi atere imbere. Ivyo rero akaba yabishikirije mu ruganda rwari rwateguwe na sendika SYGECO ku munsi wa gatanu w’indwi twaraye dusozereye, igenekerezo rya 23 Nzero mu gihe yari umutumire muri iyo nama.


Floxella Karire

Messages

  • Pacifique Nininahazwe,wibagiyehubwo nabashoferi kukonabo nikirumara kukobatabonetse ivyovyose wavuze ntivyoshika iyobija. Oya uruwamberekw’Isi burigihe urazwinshinga nogushakaguteranya abenegihugu na reta yabo! Ahorero usimbiye mubarwizatunga ngubankanishe numukuru wigihugu canke reta ngontabatwara iyabagiye mubindibihugu? Nonehariho umurwizatunga yakubwiye koyasavye perezida ngobajane akanka? Erega bariyabarwizatunga wavuze bomubihuguvyateyimbere bababafise ibintu bashaka kuronderera isoko bababasanzwe bafise, hanyuma bakicara bakarondera uburyo boronderera amasoko ibintuvyabo nonehobakagira inama mazebakavuganako bosaba retayigihugu cabo ikabatwara kurondera isokoyibintuvyabo nibobaryabarwizatunga mubona bazabazanaye nabategetsi bibihugu iyobaje gutemberera ibindibihugu, mwebwerero nimubemwirinda gupfakuvuga ibintu mubamutazi ukobipanze ivyondababwiye nukuri sinabikozemwo ariko naragiye munama ikomeye imwe murivyobihugu bikomeyemuvuga yokwigisha abikorera utwabo ukuntu bashobora gusohokana nabategetsi bigihugu nabobakigira kwironderera amasoko yibintuvyabo. Murakoze uwuzoshaka kumbazavyishi kurivyo niyandike ahanyene ndabimufashamwo ndanamwereke uburyoyoshikira abategetsi bigihuguciwe kandibazomwakirana urweze, nubu ibindikondavyandika ndikumwe ninzobere isanzwe arivyo ikoreramwo arikontazikirundi arikodukunzekubaturihamwe ndaheza iyombonye ibintunkibi nkabimusobanurira nawakacambarira ukobipangwa ubureromwizoncabwenge zivugisha ibintuvyamafuti tuzokwama twazimaramaje ryaka uwoshaka yokoresha ubwengebwiye neza murakaramba barundi bavukanyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.