Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ABUCO isaba Reta gukurikiranira hafi iduzwa ry’ibiciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > ABUCO isaba Reta gukurikiranira hafi iduzwa ry’ibiciro

ABUCO isaba Reta gukurikiranira hafi iduzwa ry’ibiciro

vendredi 20 Nzero 2017

Ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO rimenyesha ko kubona ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa vyaraduze, ari ingaruka y’itegeko ryemejewe rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2017.

Noel NKURUNZIZA arongoye ishirahamwe ABUCO,amenyesha ko mw’ishirahamwe ABUCO batewe impungenge n’iduzwa ry’amatagisi ritegekanywa n’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO asaba Reta gukurikiranira hafi ingaruka zishobora kuva kuri iryo duzwa ry’ibiciro ,kugira ifate ingingo zikenewe mu maguru masha ibintu bitaraba nabi gusumba.

Noel NKURUNZIZA ahamagarira abadandaza kutikika mu kiza mu kuduza ibiciro ata mvo n’ibitadugijweko amatagisi,agasaba abaguzi kumenyera iyo ibintu bihindutse kw’isoko


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.