Accueil > Amakuru > Ubudandaji > ABUCO isaba Reta gukurikiranira hafi iduzwa ry’ibiciro
ABUCO isaba Reta gukurikiranira hafi iduzwa ry’ibiciro
vendredi 20 Nzero 2017
Ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO rimenyesha ko kubona ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa vyaraduze, ari ingaruka y’itegeko ryemejewe rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2017.
Noel NKURUNZIZA arongoye ishirahamwe ABUCO,amenyesha ko mw’ishirahamwe ABUCO batewe impungenge n’iduzwa ry’amatagisi ritegekanywa n’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha.
Umukuru w’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO asaba Reta gukurikiranira hafi ingaruka zishobora kuva kuri iryo duzwa ry’ibiciro ,kugira ifate ingingo zikenewe mu maguru masha ibintu bitaraba nabi gusumba.
Noel NKURUNZIZA ahamagarira abadandaza kutikika mu kiza mu kuduza ibiciro ata mvo n’ibitadugijweko amatagisi,agasaba abaguzi kumenyera iyo ibintu bihindutse kw’isoko
IGIHE
Messages
20 Nzero 2017, 11:42, par Tuyubahe
Mwabamukoze Mubikurikiranyehafi Kokotwebwedusuma Turibwacane
22 Nzero 2017, 18:42, par Gregoire Wizeyimana
Egome Intuvyaraduze Cane Vyasabwako Nkumukene We Ntagisuma.Kuko Bikwiye Kubankuko Vyaribimeze Mumyaka Iheze Vyari Neza,Ubu Namayobera!!!