Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Aba Scout mu Burundi barifatanya n’abo kw’isi kwibuka Baden Powell yatanguje (...)
Aba Scout mu Burundi barifatanya n’abo kw’isi kwibuka Baden Powell yatanguje umuhari
jeudi 22 février 2018
Valerie MBONIMPA (Guepe Humble) arongoye umuhari w’aba Scout mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, hatunganijwe imisa iza kubera ku maparuwase atandukanye, ikurikirwe n’igicaniro c’umunezero (Feu de joie).
Kubwa Valerie MBONIMPA, ibizokorwa mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi ntibizogarukira gusa mu masengesho, kuko bizoherekezwa n’ibikorwa vyo kugira isuku, mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura, harimwo n’ikigo ndangakaranga Musee Vivant, i Bujumbura.
Ibirori nyezina bitegekanijwe ko bizoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, bikazobera mu kigo ndangamico, ahazohurira imirwi itandukanye y’aba Scout mu gisagara ca Bujumbura.
Baden Powell yavutse kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 1857, mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza,yitaba Imana kw’igenekerezo rya 8 Nzero 1941 i Nyeri, mu gihugu ca Kenya.
MUGISHA Van Naris