IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza bakuru batandatu bemejwe n’inama nkenguzamateka

Abacamanza bakuru batandatu bemejwe n’inama nkenguzamateka

lundi 14 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bemejwe ni Havyarimana Fidele, umututsi avuka mu ntara ya Gitega, yahora akorera muri sentare nkuru y’igihugu, ubu akaba agiye kuba umuhanuzi wo muri sentare ntahinyuzwa.

Nsengiyumva Aristide, umututsi avuka mu ntara ya Bururi yahora ari umushikirizamanza mukuru wa Repuburika mu ntara ya Karusi yemejwe kuba icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare ntahinyuzwa.

BANDEREMBAKO Alphonse, umuhutu avuka mu ntara ya Gitega, yahora ari umuhanuzi muri sentare isubiramwo imanza y’i Ngozi yagenwe kuba umushikirizamanza mukuru wa Repuburika mu ntara ya Gitega.

Habimana Jean Claude umuhutu avuka mu gisagara ca Bujumbura yahora akora muri sentare y’akazi mu ntara ya Gitega, ubu akaba agiye kuba umushikirizamanza mukuru wa Repuburika mu ntara ya Muramvya.

Irakoze Thierry, umututsi avuka mu ntara ya Muyinga yahora ari umukuru wa sentare nkuru y’intara ya Muyinga yemejwe kuba umukuru wa sentare nkuru y’intara ya Kirundo.

Harerimana François umuhutu avuka mu ntara ya Karusi yemejwe kuba umushikirizamanza mukuru wa Repuburika w’intara ya Karusi.

Abo bacamanza bakuru bose bemejwe ijana kw’ijana ku majwi 36 kuri 36. Abakenguzamateka 32 bari bitavye ico gikorwa bose babemeje, hamwe n’abandi bane bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Izimbonerakure zigiye kubandanya wamugambi mubi wa Leta y’icaduka yugupfungirabantu ubusa nuguca izangondagonde ngo zarose amategeko avuye hejuru! Zizokwama zitamikwa ijambo ariko nazo nyene zizopfa zangara nkagahini! Basebuja rindira intahe buce izokera aho CPI buca ibatwara mw’ibuye kumabi birirwa barakorera abarundi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.