Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadandariza mu kibanza ’’Le grenier du Burundi’’ ntibararonka uburenganzira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandariza mu kibanza ’’Le grenier du Burundi’’ ntibararonka uburenganzira (...)

Abadandariza mu kibanza ’’Le grenier du Burundi’’ ntibararonka uburenganzira bwo gutora ibidandazwa

jeudi 6 Mukakaro 2017

Bamwe mu bahora badandariza muri ico kibanza, bavuga ko bari bamenyeshejwe ko ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2017, babugururira kugira batore ibidandazwa vyari vyugaraniwe mu kibanza ‘’Le grenier du Burundi’’ kuva mu masaha y’igitondo.

Ikibanza “ le grenier du Burundi “ cugawe kuva mu gatondo ko ku wa gatatu, inyuma yaho ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Mukakaro umuyobozi w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA asabiye abadandaza gukura ibidandazwa muri ico kibanza.

Abadandaza bagumye basigura ko bavuye muri ico kibanza bazoba basubiye gukorera mw’ibarabara,kuko ata bibanza bafise mu masoko mashasha basabwa kwimukiramwo,kuko hasanzwe hari abahafise ibibanza.

Abo bahora badandariza mu kibanza ’’Le grenier du Burundi’’ basaba ko ikibanza co kwugururwa kugira batore ibidandazwa,kuko bafise ubwoba ko hari ivyo bazosanga vyononekaye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.