Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandariza mw’isoko «kwa Siyoni» bagiye kuriha ibibanza hisunzwe (...)
Abadandariza mw’isoko «kwa Siyoni» bagiye kuriha ibibanza hisunzwe amasezerano
mercredi 28 Ruheshi 2017
Mu nama yahuje ubuyobozi bw’isoko hamwe n’abadandaza bo muri Block A na Block B kuwa gatanu igenekerezo rya 23 ruheshi 2017, abo badandaza basabwe gukorera mu bibanza bahawe mu gihe c’amasezerano yo gukotesha aho bakorera.
Muri iyo nama haafashwe ingingo ko abipfuza gutereka ibidandazwa imbere y’amazu badandarizamwo bazotegerezwa kuhubaka imbere yuko bahakorera.
Guillain IRABAGANJE aserukira abadandaza bo muri Block « A » yavuze ko ivyavuye mu nama yabahuje n’ubuyobozi bw’isoko ari ingingo izotorera umuti ingorane yariho, kuko umudandaza wese azohitamwo ico yipfuza.
IRABAGANJE Guillain yavuze ati : « Twasabwe ko umudandaza yipfuza gushira imeza imbere y’ikibanza adandarizamwo abwirizwa kuhubaka gutyo akabona kugikoreramwo no kukirihira amafaranga, uwutakoze uko nawe azodandariza mu kibanza asanze akotesheje.»
Bamwe mu badandaza bakorera muma Block A na Block B bamenyesha ko ivyavuye muri iyo nama gushika ubu bitaraja mu ngiro, kuko umugwi uzokurikirana ivyapfundikiwe muri iyo nama utarajaho.
Vianney BIKORIMANA