Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagabo batatu bagirizwa gushaka kwica umuntu n’umupanga baciriwe gupfungwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagabo batatu bagirizwa gushaka kwica umuntu n’umupanga baciriwe gupfungwa (...)

Abagabo batatu bagirizwa gushaka kwica umuntu n’umupanga baciriwe gupfungwa imyaka 15

mercredi 24 janvier 2018

Abo bagabo batatu ni BUKURU Fidel, Emmanuel MBABARIRE bava muri komine Mbuye, intara ya Muramvya, hamwe na Charles MANIRAKIZA ava muri komine Giheta, intara ya Gitega.

Nkuko bishikirizwa na Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa,ingingo ya sentare nkuru muri komine Muha yasohotse, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018.

Abo bagabo batatu bagirizwa gutema umuntu bakoresheje imipanga bari barumvirijwe mu rubanza rw’ikibiriraho, inyuma y’umutaga kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018, umushikirizamanza yari yabasabiye gupfungwa imyaka 15.

Uko ari batatu bose, bagirizwa gutema umugabo azwi kw ‘izina rya NDUWIMANA Jean Baptiste mu Kibenga, zone Kinindo, komine Muha.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.