Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaganga bemeje ko amagara ya Hillary Clinton yifashe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abaganga bemeje ko amagara ya Hillary Clinton yifashe neza

Abaganga bemeje ko amagara ya Hillary Clinton yifashe neza

jeudi 15 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuganga wa Hillary Clinton yemeje ko uwo ahiganirwa gutwara Reta zunze ubumwe za Amerika afise amagara meza, kandi ashobora amabanga y’umukuru w’igihugu. Uwo muganga yabishikirije igihe herekanwa urupapuro rwiwe rwo kwa muganga.

Iryo tangazo rivuga ko amagara y’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’abademokarate, abandanya kuba meza, inyuma y’ingwara y’umusonga yari yamufashe.

Ivyo vyerekanywe inyuma y’aho uwo bahanganye Donald Trump yerekaniye urupapuro rwerekana uko amagara yiwe yifashe.

JPEG - 27 ko
Hillary Clinton

Abafasha b’umupfasoni Clinton bavuga ko bazosubira mu myiyamamazo ku munsi wa kane, inyuma y’aho afatiwe n’ingwara imbere y’isinzi ry’abantu mu mpera z’indwi iheze.

Abakandida bose, harimwo n’uwufise imyaka myinshi kurusha abandi bose bari bamaze kwitoza kurongora Amerika, bari bamaze imisi bahatirwa kwerekana ivyerekeye amagara yabo.

BBC ivuga ko ikibazo c’amagara caragarutse mu myiyamamazo y’amatora yimirije mu kwezi kwa cumi na rimwe, kuva aho umupfasoni Clinton w’imyaka 68 agwariye, ari mu myiyamamazo kw’igenekerezo rya 11 z’ukwezi kw’icenda, i New York.
Docteur Lisa Bardack yavuze ko umupfasoni Clinton ariko aratora mitende, akaba ariko arafata imiti ya "antibiotique" yongera aruhuka.


IGIHE

Messages

  • Ariko Ntabona Ko Imyaka Iriko Iramubera Nabi. Narekere Abagishobora Kwiyamamaza,bobo Bagifise n’akayabagu Kukurya N’utwo Barondeye.Nakare! " Akamuga Ntigatorora Kuko Niyo Gasumye Ntikikorera ".

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.