Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu bagiye kurekurwa
Abagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu bagiye kurekurwa
mardi 10 Nzero 2017
Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine Kanyana amenyesha ko urutonde rw’abanyororo bapfunzwe bazorekurwa kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu rwamaze gutunganywa, kandi ko bagiye kurekurwa vuba.
Umushikiranganji Aimee Laurentine Kanyana amenyesha ko abazorekurwa ari abaciriwe gupfunga imyaka itanu canke iri munsi yayo. Avuga ko ikikiriko kirigwa ,ari ingene bazoshikanwa mu mihana iwabo.
Umushikiranganji w’ubutungane asigura ko bategerezwa kurondera ingene babunguruza gushika mu mihana yabo,kandi bagateguza abajejwe intwaro kugira ngo babakire.
Aimee Laurentine Kanyana amenyesha ko imbere yo gutahukanwa mu mihana iwabo bazoronswa inyigisho zo gukunda igihugu, babahe n’impanuro kugira ngo bashitse mu mihana iwabo bazokwigenze neza.
Umushikiranganji ww’ubutungane amenyesha ko ico gikorwa kizotangurira mu mabohero ya Gitega canke ya Bujumbura,hanyuma kibandanye mu gihugu cose.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze ikigongwe ku baciriwe igihano co gupfungwa imyaka itanu canke iri munsi yayo,mw’ijambo yashikirije yipfuriza abarundi n’abanyamahanga umwaka mushasha wa 2017.
IGIHE
Messages
10 Nzero 2017, 13:35, par murundi
twama tubivuga umukuru wigihugu cacu numunyakigongwe nabariya bamugwanya bariya bampema yuzuye nibatahe prezida wacu ntanzigo agira numu kirisu abushitse iyaba yari kagoma bose aba yabaciriye kubuhomba.
20 Nzero 2017, 19:18, par MAJORO
NIVYIZA CANE MUTAMA AKUNDIGIHUGU CIWE NAKOMERE