Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka kwica Lt Gen Prime NIYONGABO basubiye kurenguka
Abagirizwa gushaka kwica Lt Gen Prime NIYONGABO basubiye kurenguka
mercredi 15 Ntwarante 2017
Abagirizwa gushaka kwica umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto Lt General Prime NIYONGABO barengutse imbere ya sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura, ishashe mu ntara ya Gitega kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Abarengutse ni batanu, bagizwe n’abasirikare batatu hamwe n’abapolisi bane bose basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva mu mwaka wa 2015.
Abo bagirizwa gushaka kwica umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto basiguriye umucamanza ko ivyo bagirizwa ari ikinyoma kandi ko ari irementanya ryakozwe n’ibiro vy’igendereza mu Burundi.
Kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa Nyakanga, umwaka wa 2015, niho umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto Lt General Prime NIYONGABO yahakwa kugandagurwa igihe imodoka yarimwo yaraswa hafi y’ikiraro ca Muha mu gisagara ca Bujumbura.
Abasirikare bane bamucungerera umutekano baritavye Imana, harimwo n’umuporisi umwe yaguye muri ico gitero.
IGIHE
Messages
15 Ntwarante 2017, 17:03, par NYABENDA Egide
Ariko Ngo Ni Irementanya?Ziryangabo Z’igihugu Zahasizubuzima,abakenyezi Bazo Bagapfakara,abana Bakabimpfuvyi,ntacobivuga?Ubutungane Nibubakubitintahe Mugahanga.
15 Ntwarante 2017, 19:52, par KARIKUNZIRA
ABO BANTU MURARABA NTI BABE BARENGANWA
15 Ntwarante 2017, 22:30, par mani
none ntiyarimisiyo bita amwagiriza ngoyarimwo murikudeta abafungiriki kandi ariwabatuma
16 Ntwarante 2017, 09:50, par mahoro
heheh caporal yagize umugambi wokugandagura indongozi heheheh, ngonone bamukatiye imyaka yigifungo, heheheh, cpl akora amategeko, akoze ibitarivyo caporal ahanishwa 15 jours cachot uko bivugwa mugisirikare. abo bararenganwaaaaa caaaane, nimba arivyo koko nabone nibavuhe uwabahaye mission hama uwabatumye ahagarikwe, afatwe.