IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka kwica Lt Gen Prime NIYONGABO basubiye kurenguka

Abagirizwa gushaka kwica Lt Gen Prime NIYONGABO basubiye kurenguka

mercredi 15 Ntwarante 2017

Abagirizwa gushaka kwica umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto Lt General Prime NIYONGABO barengutse imbere ya sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura, ishashe mu ntara ya Gitega kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Abarengutse ni batanu, bagizwe n’abasirikare batatu hamwe n’abapolisi bane bose basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva mu mwaka wa 2015.

Abo bagirizwa gushaka kwica umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto basiguriye umucamanza ko ivyo bagirizwa ari ikinyoma kandi ko ari irementanya ryakozwe n’ibiro vy’igendereza mu Burundi.

Kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa Nyakanga, umwaka wa 2015, niho umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto Lt General Prime NIYONGABO yahakwa kugandagurwa igihe imodoka yarimwo yaraswa hafi y’ikiraro ca Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Abasirikare bane bamucungerera umutekano baritavye Imana, harimwo n’umuporisi umwe yaguye muri ico gitero.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.