IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Abagirizwa ubwicanyi bw’1972 bategerezwa kurenguka imbere y’ubutungane’’

’’Abagirizwa ubwicanyi bw’1972 bategerezwa kurenguka imbere y’ubutungane’’

vendredi 6 avril 2018

Mu gihe kur’uno wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018 hibukwa imyaka 46 iheze habaye ubwicanyi bw’abahutu, Francois Xavier NSABIMANA yavuze ko abahutu 300.000 aribo boba barishwe na cane cane, mu ntara za Ngozi, Kirundo hamwe n’igisagara ca Bujumbura.

Francois Xavier NSABIMANA,yavuze ko mw’ihuriro aserukira bihaye umugambi wo kutabandanya bahoze imbere y’ayo mabi yakorewe abahutu, ndetse hakaboneka uburenganzira bwo kwibuka abahutu bagandaguwe.

Umukuru w’ihuriro ry’abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwo mu mwaka wa 1972, avuga kandi ko hagiye kwubakwa ivyibutso mu ntara zose, ariko icihutiwe kiriko cubakwa mu ntara ya Gitega I Nyambeho.

Francois Xavier NSABIMANA, amenyesha ko ikindi cibutso kizokwubakwa muri Buterere, mu gisagara ca Bujumbura.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

  • Ariko mwabahutu mwe murazi gushinyagura,abatutsi mwarabahoneje none ngo mugiye kubaka inzibutso.koko burya akabi gasekwa nkakeza.izonzibutso muzubake tuzisenya

  • Ahubwo vyaratevye kuko niho bagumana ubwibone kuko kubona batumariye abacu, ivyari kuba imyandu yacu abavyeyi bari baraturondereye amazu, ibidandazwa, amafaranga vyose bagatwara bagaca baguma biraramiye bagenda baneze izosi ata nkomanzi, n’ubundi iyo ngeso ntiyohera.

  • Mbanje guhoza Ababuriye Ababo murakokabi kabishe kabaye muricogihe Nsaba ko inyuma yiburanishwa ry’Abazoba bagiriwe nicaha bakihana ko ikigongwe kizokora.

  • Ariko noneho dukomeje kumirwa ?! aba bayobozi b’uburundi ni bwoko ki ?!ariko muzi droit international ra ??!nonese mwe mufite uburenganzira bwo kwicara mukemeza ko ibikorwa ibi nibi bibyitwa Genocide ?! hari procedure ikurikizwa ndetse hagakorwa nanjye amaperereza adafite aho abagamiye mwa baswa mwe ?! ibyo mwe muvuga rero muri beshya cyane .

  • Kwibuka abacu nivyiza uwo arongoye urwego bwabacotse kwocumu abo muzi bakoze amahano mubahanure kandi baze nokwigaya imbere yabarundi bizosumba aho muzobata mumunyororo nyakubahwa urongoye urwo rwego komera kwobanga ushayure abo babaye ibikoko bica bene wabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.