Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagize CNARED babandanya gusaba isubirizwa rya Benjamin MKAPA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abagize CNARED babandanya gusaba isubirizwa rya Benjamin MKAPA

Abagize CNARED babandanya gusaba isubirizwa rya Benjamin MKAPA

vendredi 6 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko bagiye kuvugana n’umuhuza Kaguta Yoweri Museveni hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, basabe ko Benjamin William Mkapa umwunganirizi w’umuhuza yosubirizwa, kugira hashirweho uwizewe na bose kandi afashanya n’abahinga b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu nama yabereye mu gisagara ca Bruxelles mu Bubirigi, yahuje abagize urwo runani, basavye kandi vyihutirwa uwo mwunganirizi w’umuhuza yoca atunganya ibiganiro kugira ibibazo vya poritike biri mu Burundi bitorerwe inyishu.

Muri CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de Droit au Burundi) bibutsa ko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene izozanira amahoro Abarundi n’Uburundi. Mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru muri urwo runani bavuga ariko ko bamaze kubona ko Reta y’Uburundi ata biganiro ikeneye, ari naco gituma muri urwo runani basavye amakungu ko yofatira ibihano ruhasha (Embargo) Reta y’Uburundi. Urwo runani rusaba kandi amakungu ko ibihano bitandukanye vyafatiwe Uburundi vyogumizwaho, n’abegwa n’ivyaha bikorwa mu Burundi bagafatirwa ibihano.

JPEG - 67.1 ko
Jeremie MINANI, ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED

CNARED isaba kandi amakungu ko Abasirikare b’Uburundi barungitswe kugarukana amahoro mu bindi bihugu ko botahukanwa.

Inyuma y’urugendo Benjamin William Mkapa aheruka kugira mu Burundi, aho yamenyesheje ko abatemera ubutegesi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari "Abasazi", mu runani CNARED baciye basohora itangazo aho biyamirije ivyo vyashikirijwe n’umwunganirizi w’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, mbere bamukurako icizere mu kumwagiriza ko acuditse n’ubutegetsi bw’ Bujumbura.


IGIHE

Messages

  • Nimumusabire nibirenzeko kandibizokunda none ko atarenga iremboyokwireguye?murabuburakutavuga ivyomwishakiye

  • Nukuri,CENARED,n’ibijuju pe! Basabira Ibihano,uburundi?Imana,irakunda Uburundi N’abarundi.Barihenda,kabisa!!!

  • ABO BACNARED BASABIRA ABAND’IBIHANO ,KUBERIKI UBURUNDI BUTOBAFATIR,IBIHANO MUVUGA NGW’ABATAMA NTITUGIR’UBWENGE ; ! CNARED NISHIRAHAMW RY,INKOZI ZIBIBI IBIRWANISH BIFATIRWA MUGIHUGU CACU BIZANWA N’ABAYOBOYE CNARED, ARIBO BA BUYOY,SINDUHIJE NA RAJABU....@@ NYANGOMA NA NIYOMBARE KUMWE NA NDAYIZEZE NIBIKORESHO VYA CNARED @ BAZOBAGIRA NKUKO KAGAME YAGIZE RWIGEMA MU1995

  • Abo bongeza ibihano canke basaba ngo bongez boba arabarundi?

  • Barababaje Kwumva Umuntu Avuga Ko Arwanira Abanyagihugu Yiyemezako Ata Mutekano Azoha Abarundi Mugihe Leta Itamuhaye Ivyo Yipfuza.Mbega Ibihano Bifatirwa Leta Bigira Ingaruka Mbi Kuri Leta Canke Abanyagihugu?Wovuga Gute Kurwanira Abanyagihugu Ubasabira Ibihano?Ndemerako Impande Zihanganye Rumwe Rwose Rufise Amakosa.Mu Vyukuri Barananiwe Gushikira Ivyo Bipfuza Nibareke Kumara Abanyagihugu.

  • Abageze CNARED barabaye uwobavugutira umwahwa,nibabandanye bakirimbire murubwo Bubiligi.Ko bataza ngaha muri Amerika,mu Bwongereza,Ubudage,Australia ngo tubanze tubahire,abo basazi babona bomarira iki bene Burundi. Niba bakunda abarundi basaba ibihano vyiki ko arivyo kubabaza bene Burundi.

  • Arko basha leta ntiyo duha ivya ngombwa tukagera aho aba bansi bigihugu bihishe tukabucumagura nimbugita ivyo bihuka sabantu aba barafuy.

  • Igihugu gifiswe muntoke n’umugabo wijunja nijambo,yifadikanije natwebwe abanyagihugu,ntanumwe atifuriza igihugu amahoro azodutambukana umutaru,mwebwe mwese muzohera nki fu y’imijira,muzomagwa n’umuyaga.mukuru w’igihugu cacu komera kwibanga turagushigikiye abane gihugu,nomuri2020-2030 ntawundi,mpaka tubemeze,bemere,kwamase yakera atagihoma urutaro.

  • Abobantu Basimurunani CNARED Ntibagira Iheroryimiti Nibatureke Nibareke Umuhuza Yivugire Uwuvuga Ukuri Baramuryanya?

  • Nagomba ndabasabeko mwokoresha inguvu mukareka ivyobiganiro abobagabo ndabazineza nintumva abobo babarica ninzoya mwishamba ntanikinya bagira muracisha imugani abanye nyanza-lac ahitwa mukiderege bababwire mukwica nabambere ariko mugutinya urusase nabambere kandi,basukemwamasase muzobamumbwira abaribazurugamba bose babamaze kamwekamwe impamvu ngo nabanyangoma igihe bicamwo kabiri abasigayenabo babatoye bagiye gushora amarobe mukabumburi.nabubona mugiporisi nigiririkare batazi n’amategeko aribo bariko barica batongora

  • abagize CNARD none mwunva muzotwarabande muriko musabira abanyagihugu ibihano.Ahubwo murinkozizibibi mukwiye gufatwa mugaciribwa imanza.amakungu ntakwiye nokubunviriza kuko ntanico mwomarira abenegihugu uretse kubica.

  • abagize CNARD none mwunva muzotwarabande muriko musabira abanyagihugu ibihano.Ahubwo murinkozizibibi mukwiye gufatwa mugaciribwa imanza.amakungu ntakwiye nokubunviriza kuko ntanico mwomarira abenegihugu uretse kubica.

  • Abo Ba C N A R E D Boba Bemera Imana Ko Bashira Imbere Kwica Bene Wabo Mu Kubasabira Ibihano? Canke Ni Abapagani? Yesu Yavuze Ati Ntukihore Kandi Ntukifurize Mugenzawe Inabi.None Vyukuri Mwumva Boba Bakunda Uburundi Canke Barikunda Bakabwanka. Impanuro: Ahubwo Ni Batahuke Nka Ntiba Syl Kubaka Igihugu Bongere Bagisabire Amahoro

  • Ewe Senared Muzopfa Murushe Naho Musaba Ko Bodukura Somariya Ntimuzodukorak Ubu Umusoda Wanyuma Afis Uburaro Bwiz Nimuje Kurubuga Tubavugutire Mukey Nayotwebwe Abarundi Muzoduriga Ngah Mbe Babahenze Ngo Iburaya Nih Harimfashanyo Honyen Tuzobaho

  • Ewe sha wiyita Iyumenya, ivyobihugu wadondaguye ntanahamwe badashika, nsanze ukirumwana akiri kwibere nyanyina niwe ataco yigera atahura!. Nayuwo Mkapa nasubirizwe kuko ntagikwije ibisabwa namategeko!,CNARED nayo nikomere kurugamba yiyemeje, ariko gikuru, mwebwe mugize CNARED mubandanye gufatana munda nogushiramwe niho muzotsinda umwansi wu Burundi. Abarundi turinyuma yanyu, ibihano navyo murushirizeho kubisaba vyongerezwe cane, ibiganiro nibitashobokaa hazoba hasigaye ahumututu gusa, kandi igihe gishitse nuguhera muhira kwankurunziza, kuko niwe mwansi wuburundi dufise abandibose bahabwa inguvu nawe.

  • Barata umutwe cane gose.Nibatahuke mugihugu.Basabe ikigongwe.Naho ngobahindure Umuhuza vyabataye kuwamazi.Hariho abantu bitangiye umugambwe uri kubutegetsi hama barihenda.Nibasabe ikigongwe basubire muruhongore.Naho kurondera ubutegetsi utabuhawe nabene gihugu biragoye benshi vyatumye baza mwibohero.Nibatahe bategure amatora ahandiho barosazira mubuhungiro nka BANYANGOMA nabandi kandi bahunga amahoro.

  • Mwishizemwo naboi uwo mubona KO adahagaze neza muvyo murimwo bishobokako ahindurwa mwomuhinduza.

  • cnard abayigize na barundi canke naba nyamahanga ? ngo bafatire ibihano uburundi ? emwe nibasabe ikigongwe abarundi kweri !

  • cnard abayigize na barundi canke naba nyamahanga ? ngo bafatire ibihano uburundi ? emwe nibasabe ikigongwe abarundi kweri !

  • Ngaho Da Mufashe Abarundi Musunikira Mumyiyerekano Bonona Vyinsh None Murik Murabasabira Ibihano Vyukugira Bicw Ninzara Nibind?Mbe Mwabay Gut?Barundi Duce Ubwenge Ntituzoz Turahendwa Kuk Abanyepolitique Nkabo Ntaho Batandukaniy Nabicanyi

  • Ndibaza yuko CNRED ata vyiza musha Kira uburundi nabarundi. Kuko munvugo mushika imbere ibihano muburundi. Ivyo vyabaye bizana ingaruka mbi kubanyagihugu bari. Rero niba mukunda uburundi iyo nvugo sinziza kuritwe abanyagihugu.

  • CNAREC ni agatsiko k’amabandi....

  • Tekereza ukuntu CNAREC isabira uburundi ibihano kugira twe abanyagihugu twicwe n’inzara!!!! Kubwange CNAREC =Inyangaburundi.

  • CNAREC ni ibyihebe mujeri-sindumuja....Boko Haram.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.