Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umurwi w’Ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye
Abagize umurwi w’Ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye
mardi 6 février 2018
Mu kurahira abo bagize uwo murwi,ukuboko kwabo kw’ibubamfu kwaba gufashe ibendera ry’igihugu n’iry’ubumwe bw’abarundi ,barahira bavuga ko bazorangura imirimo bajejwe ata guhengama,badashize imbere inyungu y’umuntu n’umwe,kwitanga kugira batsimbataze ubumwe no kunywanisha abarundi,bubahirije ibwirizwa shingiro ry’Uburundi amasezerano y’ubumwe bw’abarundi hamwe n’ayandi mategeko.
Abo bagize uwo murwi w’ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye ni Ambassadeur Guillaume RUZOVIYO,Alice NZOMUKUNDA,Musenyeri Justin NZOYISABA,Adolphe RUKENKANYA,Alphonse BAZONYICA,Zenon BIGIRIMANA hamwe na Mediatrice BIZABISHAKA.
Abagize umurwi w’Ubumwe no gusubiza hamwe bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017.
- Umukuru w’igihugu mu birori vyo kurahiza abagize umurwi
- Abagize ibiro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka
- Alice NZOMUKUNDA, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ariko ararahira
BIKORIMANA Vianney
Messages
7 février 2018, 16:12, par Musabyimana Jozian
Andika hano IyoNama Nyakubahwa Nkurunziza Umukuru wigihugu Wu burundi Yafashe Niyo