Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Kenya batanze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Kenya batanze (...)

Abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Kenya batanze imihoho

jeudi 6 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu cumi bagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya batanze imihoho bose n’umuyobozi wabo, mu gihe muri ico gihugu bariko bitegurira amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’umunani kw’umwaka w’2017.

Iyo ngingo y’ugutanga imihoho ku bagize umurwi ujejwe gutegura amatora yafashwe inyuma y’aho habereye imyiyerekano ikomeye y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bakaba basaba ko abagize uwo murwi utegura amatora batanga imihoho.

Umuyobozi mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya, Joseph Kinyua, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yakiriye amakete 10 y’ugutanga imihoho.

Abantu bagera kuri batanu nibo baguye mu myiyerekano yabaye mu kwezi kwa gatanu, mu gihe igiporisi cariko gishwiragiza abari mu myiyerekano y’ugusaba ko uwo murwi wotanga imihoho, kuko bawagiriza uguhengama hamwe na ruswa.

Mu gihugu ca Kenya hari ubwoba bwinshi bw’uko amatora y’Umukuru w’igihugu ashobora kuzovukamwo intureka nk’izabaye mu mwaka w’2007, ahasize ubuzima abarenga igihumbi, abagera ku 600 nabo bateshwa izabo.

Amatora y’umukuru w’Igihugu azosubirira Uhuru Kenyatta ategekanijwe kuba kuwa 8 Myandagaro 2017.


IGIHE

Messages

  • ewe afrika waragowe, bakirigwa barakomera induru abazungu ngo nibo baba buza amahoro mubihugu vyabo kubera iki ga mwa preszidant bo muri afrika mutera ingorane mu bihugu mutwara kubera iki mudaheza neza ?????

  • nibarabeneza ntihabuz ibindibintuvyinyegej inyuma.

  • Basha biragoye kweli kwunva ko imbonerakure ziriko ziriyandikisha kugira zije gufasha abanyagihugu bashigikiye leta ya KENYA kuja gutemagura abatavuga rumwe na UHURU KENYATA.Gikurikirane namwe neza dutabarize abanya afurika yubuseruko bacyu bagamba kurengerwa nubwicanyi.imbonerakure ziciye ahantu zisa nigihuhusi mubigori bihetse.muragaba muragaba mwaba kenyane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.