IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abaheruka gufatanwa ubutare basomewe urubanza

Abaheruka gufatanwa ubutare basomewe urubanza

lundi 27 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Sentare nkuru yo mu ntara ya Kirundo yaciriye abantu babiri ( Mugisha Thierry na Ingabire Acquerine) baheruka gufatwa bajanye ubutare mu gihugu c’Urwanda, umunyororo w’ugupfungwa imyaka icumi hamwe n’ukuriha ihadabu ry’amafaranga imiriyoni 15 z’amarundi.

Abari bafashwe bari batatu, bakaba bafatiwe i Gisenyi, muri komine Busoni, intara ya Kirundo, ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda. Bafatanwe ikiro kimwe n’ibice 19 c’ubutare bwo mu bwoko bwa "Cassitérites", hamwe n’ibiro 156.5 vy’ubutare bwo mu bwoko bwa "Coltans". Uwugira gatatu, Citegetse Désiré, yari yungurujwe muri iyo modoka yambitswe izera, kuko babiri biyemereye icaha, banemeza ko uwo agira gatatu atari muri uwo mugambi w’ugutwara ubwo butare mu Rwanda.

Ubwo butare bwariko bwunguruzwa mu modoka yo mu bwoko bwa Noah, Sentare ikaba yaciye ifata ingingo ko iyo modoka yokwegukira Reta y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Abo iyo ziba Imbonerakure bari kuba bambitswe izera! Ko badacira urubanza izo mbonerakure zirirwa ziriba, zica, zifata abakenyezi n’abakobwa kunguvu! Ntabutungane buhari ariko umusi bwabonetse intahe izozokera be naba Sebuja bazituma! God damn DD

  • Ubuzima buragoye knd bararenganije kk muburund ntaho bohingurira ubutar knd iyo modok yarikwiy gusubizwa nyirayo.

  • NUKURI UBUTUNGANE BWISUBIREKO!KANDI NDATUYE KURABO BACAMANZA BAMBITSE INTEBO ISHUSHE ABO BASORE BARIKO BIRONDERERA AKUNYU KO IJURU RIZOKOMA INDURU RIBONYE ABO BACAMANZA!KANDI NTIBAJE BAGIRE AMAHORO MU MISI BASIGAJE KW’ISI

  • Ubwo butungane bwomukirundo bwaracuramye ntabutungane bukiriho!, mbega bamenyinzu yande? ubutare babwivye mwisi, nayisi ni y’Imana. ninaco gituma ngaha muburundi umuntu mutomuto azopfa adateyimbere, abirirwa bakora forode beshi kwarabo murireta, komutabakomakoma noneho basigaye bageze kurwego rwohejuru rwogukora forode yogushora abagore nabigeme!, kuko abafatwa babafise pasiporo zitarwa nareta. Abonabo bafashwe bari bakirabana, ivyashara nkivyo ntibisafirishwa kumutwe gusa, utegerezwa kwitegurira inzira ahatanakayabu muzoshobora guhurira munzira.

  • Ndashimiye ubutungane bwu Burundi, canecane ko muburundi bakora ubutungane hadakora urusasu nkarumwe baba sirikare burwanda babonye abarundi bashoye itomate murwanda bakaca babarasa, bobona abarovyi bihenze mukuroba bakarengamazi yuburundi bakacabarasa!
    Ndababwiza ukuri murwanda mumisi hagiye kuzokwicwa abantubeshi nisunze ibintuvyimirije kubayo kubera bagumabaribwaribwa kukwica abantu akabayekose nukuraba, umunyororo agerageje gutoroka nurusasu rwomutima, umurundi yihenze urubibe rwu Burundi nurwanda nurusasu rwomumutima, uwutwaye imodoka agahagarikwa agatebaguhagarara nurusasu rwomumutima, murirusangi kwica birabaryohera ubonako nabamwetwita amakungu yaratereranije gose abanyarwanda nukuri barasubiriye nkakumwe kwomuri 1994!!!!!!!!!!!!

  • Urubanza Noshima Bukebuk Ico Ngay Nivuy Inyuma Nako Kamodoka Musahuy Kuko Ngaho Nimiryango Yabo Igiyemwo Kand Kobafashije Mugih Bazoba Bari Muri Gereza

  • Nimurabe Mubagirire Ikigongwe Ntibazongera Kandi Turabibasavye%

  • Abobantu Mwabaciriye Umunyororo Muto Dukurikije Icaha Bakoze Bwogusahura Igihugu Banasanzwe Baziko Igihugu Curwanda Ko Arico Gicumbikiye Abansi Buburundi!!!

  • Ico Nicaha Gikomeye Cane None Mwabaciye Imiriyoni Cuminazitanu Kumuntu?

  • ariko mwumva urwanda rubakeneye? umuntu ufatanwa ikintu cyijya mu rda mukamucira ibihano bitari mumategeko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.