Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahora badandariza muri ’’Le Grenier du Burundi’’ basavye kwugururirwa batore (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abahora badandariza muri ’’Le Grenier du Burundi’’ basavye kwugururirwa batore (...)

Abahora badandariza muri ’’Le Grenier du Burundi’’ basavye kwugururirwa batore ibidandazwa

mercredi 5 Mukakaro 2017

Bamwe mu bavuganye n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2017, bazindutse baje gusohora ibidandazwa nk’uko babisabwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA, ariko basanga ico kibanza gikikujwe n’abaporisi.

Abo bahora badandariza mu kibanza "Le Grenier du Burundi" bagizwe ahanini n’abakenyezi, bavuga ko bafise amakenga ko naho bosohora ibidandazwa vyabo batabona iyo baca baja kuko ata bibanza bafise mu yandi masoko.

Bavuga ko bagize ikibazo kuko, mu gihe isoko igenzurwa n’umuntu yigenga, uwo muntu yari kuba yavuganye n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kugira bitegure, gutyo n’amafaranga batanze y’ibibanza babanze bayakoreshe ahere.

«Nyene isoko ntaco yigeze atubwira, ntiyaduteguje. Ikibanza kimwe twakirihira ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku kwezi, abafise amezi atatu barishe bari kuba bategujwe kugira amafaranga barishe ntahereyo

Abajejwe umutekano twasanze muri ico kibanza, batumenyesheje ko ata tegeko bafise ryo kwugurura kugira abadandaza batore ibidandazwa, bagasaba abadandaza bafise ico babaza ko boshikira abayobozi b’igisagara ca Bujumbura.

Ntiturashobora kuronka ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kugira bugire ico bushikirije kuri ivyo vyasabwe n’abadandaza.

Kuva ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Mukakaro 2017, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yahaye abadandariza mu kibanza "Le Grenier du Burundi’’ amasaha 48 kugira babe bakuye ibidandazwa muri ico kibanza, bimukire mw’isoko ya Ngagara ya kabiri benshi bazi kw’izina ry’Isoko ya COTEBU.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.