Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abajejwe intwaro basabwa guhamagarira abanyagihugu kwiyandikisha ata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abajejwe intwaro basabwa guhamagarira abanyagihugu kwiyandikisha ata (...)

Abajejwe intwaro basabwa guhamagarira abanyagihugu kwiyandikisha ata gikenye kigiyemwo

vendredi 16 février 2018

Mu gihe haheze iminsi hari amakuru avuga ko hari abantu bihaye igikorwa co guhagarika abantu bakabasaba kwerekana udupapuro twemeza ko biyandikishije ngo bazokwitabe amatora,umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko kwiyandikisha ari ku gushaka, ariko kandi ko ukutiyandikisha ari ukwiyaka ubenegihugu.

Therence NTAHIRAJA avuga ko kuba umuntu adafise agapapuro kerekana ko yiyandikishije kugira azokwitabe amatora itoba inyanduruko yo kwima umunyagihugu ivyo afitiye uburenganzira, agasaba abajejwe intwaro ku nzego zose ko umunyagihugu asaba ivyo afitiye uburenganzira bobimuha.

Umwunganirizi w’umushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko uwofatwa asubiye kwaka umuntu ako gapapuro kerekana ko yiyandikishije azohanwa m’amategeko, agahamagarira abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo.

Igikorwa co kwiyandikisha ngo abarundi bazokwitabe amatora yo kweneza canke guhakana ibwirizwa nshingiro catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kikazohera kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.