Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’Umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahawe imyimenyerezo ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahawe imyimenyerezo ya (...)

Abakinyi b’Umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahawe imyimenyerezo ya gisirikare

mardi 6 Ruheshi 2017

Iyo myimenyerezo y’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza "Three Lions" yabereye mw’ikambi y’abasirikare barwanira mu mazi, aho basabwa gukora ibikorwa bikomeye harimwo kwiruka bafise imizigo ipima ibiro 21.

Umumenyereza Gareth Southgate, yateguye iyi myimenyerezo mw’ibanga, ikaba yabereye i Devon mu bumanuko bushira Uburengero bw’Ubwongereza, nawe yibijwe mu mazi hamwe n’abakinyi bari batswe amaterefone ngendanwa.

Umumenyereza Gareth Southgate yamenyesheje ko iyo myimenyerezo ari uburyo bwo gufasha abakinyi gutahura agaciro ko guserukira umwamikazi n’igihugu bakagihesha iteka.

Bitegekanijwe ko abo bakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahurira mu myimenyerezo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruheshi 2017 ku kibuga ca St George’s Park.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.