Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bose batumweko mu murwi nserukiragihugu baramaze gushika
Abakinyi bose batumweko mu murwi nserukiragihugu baramaze gushika
mercredi 7 Ruheshi 2017
Abatumiwe bose bakina hanze y’igihugu ni umunani : Yamin Selemani NDIKUMANA, Laudit MAVUGO, NAHIMANA Chassir, Kalim NIZIGIYIMANA, KWIZERA Pierrot, Amissi Cedrick, NSABIYUMVA Frederic hamwe na Fiston ABDULLAZAK.
Mu myimenyerezo yo ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruheshi 2017, abakinyi bose bari bitavye imyimenyerezo, naho umukinyi KWIZERA Pierre atagize imyimenyerezo kuko yasa n’uwufise akagora k’amagara atari yifashe neza.
Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO ati : ’’Turiko turitegura kandi imyimenyerezo igenda neza, twizeye ko tuzotahukana intsinzi mu rukino ruzoduhuza n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko.’’
Ku ruhanze rw’abakinyi, nabo barizeye ko bazotahana intsinzi ariko bakemeza ko basabwa gukora n’inguvu n’ugushaka kuko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko bafise igihagararo.
Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017, isaha icenda z’umuhingamo, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.
MUGISHA Van Naris
Messages
7 Ruheshi 2017, 15:58, par Sinzoyiheba joseph
Ndizey neeza ko intamba zizotsina kandi najewe ndabipfurije intsinzi.
7 Ruheshi 2017, 16:54, par BURACA Godefroid
Ndipfurije amahirwe umugwi wacu "INTAMBA MU RUGAMBA" (2-0)
Umumenyereza akomere kw’ibanga. Natwe abakunzi b’umugwi nserukiragihugu turiteguye kuja ku kibuga (Statde) kubashigikira.