Accueil > Amakuru > Poritike > Abashaka gusubirira abakomiseri 3 bavuye mu murwi CVR batumweko
Abashaka gusubirira abakomiseri 3 bavuye mu murwi CVR batumweko
jeudi 9 novembre 2017
Umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis NDAYIHIMBAZE yagiriyeko amenyesha ibiranga abazoja muri ivyo bibanza, bikaba aribi bikurikira :
Kuba uri umurundi ;
Kuba ushikana imyaka 35 n’iyirenga ;
Kuba ufise amateka y’ubwenge na politike yose yemerewe umwenegihugu
Kurangura amabanga ujejwe ataho uhengamiye kuvyerekeye imigambwe ;
Kuba utagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu no kurenga amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu
Kuba ufise inyifato ibereye no kuba ushoboye guharanira ukuri be n’ukunywanisha abarundi ;
Harasabwa kandi kumenya kuvuga n’ukwandika neza indimi z’ikirundi n’igifaransa, n’ukumenya icongereza bikaba akarusho.
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE arongera akamenyesha ibisabwa kwuzuza dosiye navyo akaba ari ibi bikurikira :
Ikete ryandikwa n’iminwe rigenewe umukuru w’umurwi washizweho n’inama nshingamateka
Urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye
Ifotokopi y’ikarata ndangamuntu ;
Urupapuro rw’umwidondoro ;
Urupapuro rw’erekana inyifato n’imico ;
Urupapuro rw’amavuka ;
Urupapuro rwemeza ko adakurikiranwa n’ubutungane ;
Urupapuro canke impapuro zerekana aho umuntu yaranguriye akazi ;
Abantu 3 bakuzi neza (Amazina,akazi barangura, telefone, na email)
Urupapuro rwemeza ko amagara yiwe ameze neza, rutangwa n’umuganga yemewe na Leta.
Gutanga amadosiye bikazorangira igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017
Pacifique BUKURU