Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakorera mu bibanza vyatewe n’umuriro ntibarinjira kuraba ivyononekaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abakorera mu bibanza vyatewe n’umuriro ntibarinjira kuraba ivyononekaye

Abakorera mu bibanza vyatewe n’umuriro ntibarinjira kuraba ivyononekaye

mardi 13 Ruheshi 2017

Bamwe muri abo badandaza bamenyesha ko kuva hadutse umuriro wahitanye ikibanza gikoreramwo ababarira impuzu, batararonka uburenganzira bwo kuja kuraba ivyabo vyoba vyarasigaye.

Bavuga ko muri iki gihe bafise intuntu n’agahinda, kuko ushika kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017, batazi namba hari ivyasigaye canke ko vyahiye vyose.

Abo bahishije ibidandazwa bavuga ko vyoba vyiza bamenye igiciro c’ivyo bahishije, kugira bamenye uko bifata nico bakora na cane cane ku bijanye no gusaba ingurane yobafasha gusubira kwiyungunganya.

Bamwe muri abo bari bafise amadeni basavye mu mabanki, basaba ayo mabanki yari yabahaye ingurane ko yotahura ingorane bagize, bishobotse mbere babongere ingurane n’ikiringo co kuriha.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.