IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibihugu vya EAC basabwe gufata ingingo ziboneka

Abakuru b’ibihugu vya EAC basabwe gufata ingingo ziboneka

jeudi 8 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta risaba abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bari mu nama i Dar Es Salaam ko bofata ingingo ziboneka zotuma Uburundi buva mu ndyane za poritike n’ubutunzi bumazemwo umwaka urenga.

Mu gihe mu biza kwigwa muri iyo nama harimwo ikibazo c’Uburundi, ishirahamwe OLUCOME rirashima ingene umuryango wa Afrika y’ubuseruko utahengeshanije gukora ibishoboka vyose kugira Uburundi buve mu ntureka za poritike burimwo. Iryo shirahamwe risaba abakuru b’ibihugu ba Afrika y’ubuseruko bari muri iyo nama ko bofata ingingo ziboneka z’uguhagarika ubugizi bwa nabi mu Burundi, hamwe n’ukugondoza abegwa n’ibibaz vya poritike ko bokwemera kuja mu biganiro, abatavyemeye bafatirwe ibihano.

OLUCOME isaba abo bakuru b’ibihugu ko hofatwa ingingo zose zishoboka kugira imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda isubire kuba myiza, hamwe n’ukwiyamiriza icegeranyo c’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (CNDI), kuko kubwa OLUCOME, ico cegeranyo kitubahiriza ibwirizwa shingiro.

Abo bakuru b’ibihugu basabwe ko bobwiriza ubutegetsi bw’Uburundi ko bwokwugurura insamirizi zigenga zugawe, n’abanyororo bapfunzwe bagirizwa poritike bakarekurwa.

N’amashirahamwe FORSC hamwe na FOCODE yasavye abo bakuru b’ibihugu ko mu gihe ivyasabwe bitoshirwa mu ngiro, ko ibihano vyofatirwa Uburundi.


IGIHE

Messages

  • EREGA MWEBWE UMENGA NTIMUBONA KO IVYO BIHANO MWIPFUZA VYOBA BIFATIWE ABANYAGIHUGU ATACO BAZIRA?

  • Délegation y’aba DD isabwa gusubiza ikibazo c’iyicwa rya Hafsa Mossi,inkono ishushe ndaq

  • Ntabwo Dupfa Amasamirizi Mbona Nizindi Zibandany Zugurura!

  • inkuba iyo irabij ntuvug twara imwas numukunz irajaniranya .imvura iragwa ikagwira umusenz n’umupagan .ahubw sab ucoduha amahorotw nahand umw aguwe nez uwuguw nab ntazobimuryan

  • OLUCOME? NIBARABE NEZA UWURIRONGOYE KWATARI MURI BABANDI BAGIHEMBERA UGUTEMBAGAZA UBUTEGETSI.

  • Kowewe Numuryango Wawe Mwamaze Kugwiza Urabura Kusaba Ibihano. Ejo Naho Ngubuzima Burazimbve Ahubwo Niwewe Ukwiye Kufatirwa Ibihano

  • Serg. Ndvyirabona 69101375 vyobavyiza,abegwan,ikibazo,bagiyehamwe bakulvikana

  • Ivyomusavye nivyukuri pe! eka nabari hanze y’igihugu bokwubahirizwa bakicara hamwe na reta y’uburundi kko amatati ahagaze ku migwi ibiri.

  • Icombona Inda Niyo Ituma Dupfa Ubus

  • emwe mutama iciyuro ciwe nagishigikiye yavuze at: bakwiye gutahurana kugira iryane zigabanuke bose bazo kwicara hamwe bose hama bomyene babiheze murakoze gutanga ivyiyunviro si ugutwoza

  • None komuvuga ngo hafatigwe ibihano uburundi bwabundi ntaco mumaze mbe hafashwe ibihano uwugira ingorane cane ninde uzubwenge ntiwosabira ibihano igihugu cawe. Mwaravumwe ntawankiwabo nyoko ukwari kose aguma ari nyoko mukwiye gusengerwa mwarapfuye

  • Mwavumwe ntawankiwabo kandi ntantu asabira ihano abavuga ko ariko abaronderera ineza ntacomumaze

  • Hariho abantu bagumabarwanya ivyoyumviro vya Rwagasore barinzebasanza bakinirwanya kandinunomusi haracariho ababirwanya ariko UPRONA ntikibuza kwibaho kuko iracafise abafise agatima nkaka Rwagasore dukereye kurinyakwubahwa Concillie Nibigira.
    Abarwanya Uburundi nabarundi bazokwamaho nimibareke bakomeze bigogotere.

  • Ivyasabwe na OLUCOME ni vyukuri, ibihano nibishirweho kurabo biyita ngonabategetsi bintumva, banezerwa nukubona inganda ziriko ziratikira. bishobotse namatungo yabo, atungiwe mumakungu afatwe yose, kutarengana imipaka ngo bagiye mubindi bihugu,ninbindi nibindi.

  • izosamirizi zirigwa ziraryanisha abarundi abazirangoye bataye umuco wikirundi ntazodukeneye twebwe abarundi iconosaba nuko dukwiyekumenyako twebwe abarundi abarihanze yigiihugu nabarimugihugu imvugozimwezimwe zikundagukoreshwa nayomasamirizi sizokwubaka ahubwo nizo gusenya canecane nkazimwe muzikorera hanze yigihugu

  • uwomuntu yasavye ivyo aransekeje aratege amatwi eripeya nakiramvu uwotumako erip. .yohagera n’ivyo ivuga?nibisonere uwatanze iritangazo ari mubakoze kudeta2015 raba neza ntakunda ubur n’abarundi

  • uwomuntu yasavye ivyo aransekeje aratege amatwi eripeya nakiramvu uwotumako erip. .yohagera n’ivyo ivuga?nibisonere uwatanze iritangazo ari mubakoze kudeta2015 raba neza ntakunda ubur n’abarundi

  • indanimbi,mwesemuvuguko kuberinda.nimwikebuke ubwamibwimana burihafi!!!!!!!!!!!!?

  • ivyuzoronka bafatiye ibihano.uburundi wobirya ukumvamahoro? mubisanzwe muburundi turafis ibimazi bidakwiy nuko vyokwitwa ibirundi dusabimana ibigaragaze nouions yabikuyeko agashambara murivyinshi bateguye imanihezagire abakunduburundi batifuza amaraso

  • kuvyotwipfuriza uburundi nitubanze dushire lmana imber yavyose kuko kurondera imigenderanire myiza hagati ,yuburundi n,ugwanda kurijewe mbonabikomeye cane.Mais lmana imbere%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.