Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakuru b’imirwi basabwa gukoresha impusha z’abakinyi zikozwe mu buhinga bwa (...)
Abakuru b’imirwi basabwa gukoresha impusha z’abakinyi zikozwe mu buhinga bwa none
jeudi 2 Ntwarante 2017
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB risaba imirwi yose ikina mu cicaro ca mbere gukoresha ku bakinyi impapuro zitanga uruhusha rwo gukina rukozwe mu buhinga bwa none(Licence biometrique).
Nkuko biri mw’ikete ry’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryandikiwe abarongoye imirwi yose ikina mu cicaro ca mbere ,riterwako umukono n’umunyamabanga mukuru MANIRAKIZA Jeremie, impapuro abakinyi bahora bakoresha zifise utunenge aho usanga amasanamu(photos) ataboneka neza, kandi izo mpusha zishobora kworoha gukoresha mu buryo butari bwo.
Muri iryo kete ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rimenyesha ko nimba hari abakinyi bataratangura gukoresha impusha zikozwe mu buhinga bwa none biva ko imirwi idashaka gukoresha impusha z’abakinyi zo gukina zikozwe mu buhinga bwa none.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi risaba imirwi kuvugana n’abakora mu gisata c’ubuhinga bwa none kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante, umwaka wa 2017 kugira babafashe gutunganya izo mpusha, kuko ku mirwi igikoresha impusha zikozwe mu mpapuro ico gikorwa kizotangura kw’igenekerezo ya 8 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rimenyesha ko abarondera impusha zo gukina zikozwe mu buhinga bwa none boza bibangikanije karangamuntu, ifoto imwe ntoya hamwe n’urupapuro rwo kwa muganga rwerekana uko amagara y’umukinyi yifashe.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rirangiza rimenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 19 Ntwarante, wa 2017 ata mukinyi n’umwe azokwemererwa gukina mu gihe azoba adafise uruhusha rwo gukina rukozwe mu buhinga bwa none.
IGIHE