IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bagiye guhabwa amakarata amwe y’akazi

Abamenyeshamakuru bagiye guhabwa amakarata amwe y’akazi

mercredi 15 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Urwego rw’igihugu CNC (Conseil National de Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rumenyesha ko hagoye gutangwa muri uwu mwaka w’2017, amakarata ku bamenyeshamakuru. Muri urwo rwego bavuga ko abazoba bahawe ayo makarata aribo bazofatwa nk’abarangura umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi.

Urwego CNC ruvuga ko ayo makarata azotangwa inyuma y’ihinyanyurwa ry’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, kuko muri urwo rwego bamenyesha ko ririmwo utunenge. Inama nshikiringanji niyo izobanza kwiga iryo tegeko, mu nyuma rirungikwe mu nama nshingamateka.

Tubibutse ko habanje gutunganwa iyandikwa ry’abamenyeshamakuru bakorera mu Burundi, muri urwo rwego bakamenyesha ko iryo yandikwa hamwe n’itangwa ry’amakarata, bigamije gukingira abamenyeshamakuru ku mutekano wabo, bakavuga kandi ko muri CNC batari bazi ingene abamenyeshamakuru bangana mu Burundi, bikaba vyabagora kubafasha iyo bahuye n’ikibazo mw’irangurwa ry’akazi kabo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.