Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 132 bafatiwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph KABILA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abantu 132 bafatiwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph KABILA

Abantu 132 bafatiwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph KABILA

jeudi 13 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo rijejwe agateka ka zina muntu, ryatangaje ko ryaharuye abantu 132 batawe muri yompi kubera imyiyerekano y’ukwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila yabaye kuri uwu wa mbere.

Umugambwe UDPS wa Étienne Tshisekedi aheruka kwitaba Imana, wahamagariye muri iyi ndwi abayoboke bawo mu gihugu cose kuja mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Kabila yagirizwa ko yanse kwubahiriza amasezerano avuga ibijanye n’ugusabikanya ubutegetsi.

Umuyobozi mw’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yamenyesheje ko muri abo bafashwe, i Kinshasa baharuye abantu 44 bafashwe n’igiporisi, harimwo abana bane hamwe n’abadashikana imyaka 18 bagera kuri cumi n’umwe.

Amasezerano avuga ivy’ugusabikanya ubutegetsi ategekanya ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila yotora umushikiranganji wa mbere avuye mu batavuga rumwe nawe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.