Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi 301 bari bahungiye muri Tanzaniya bashitse mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abarundi 301 bari bahungiye muri Tanzaniya bashitse mu Burundi

Abarundi 301 bari bahungiye muri Tanzaniya bashitse mu Burundi

jeudi 7 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo barundi baherekejwe n’intumwa z’igihugu ca Tanzaniya, bakaba bakiriwe na Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c’Uburundi, akaba ari nawe yaserukiye Reta y’Uburundi.

Abo bari bahungiye muri Tanzaniya binjiye mu Burundi baciye muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi.

Nk’uko biri ku kirangaminsi c’uko abo barundi bazotahukanwa, ikigo co mu Kajaga muri Bujumbura rural kizokwakira abashika 432 harimwo 59 bava mu ntara ya Bubanza, 129 bo mu gisagara ca Bujumbura, 169 bo mu ntara ya Bujumbura Rural, 53 mu ntara ya Cibitoke hamwe na 22 bo mu ntara ya Mwaro bazoshika ku magenekerezo ya 7,12 na 21 z’uku kwezi kwa Nyakanga.

Ikigo co mu Gitara kiri mu ntara ya Makamba kizokwakira abashika 1690, bagizwe na 934 bava i Makamba, 572 bo mu ntara ya Rutana, 152 bo mu ntara ya Rumonge hamwe na 32 bo mu ntara ya Bururi bazoshikanwa ku magenekerezo ya 14,19,26 na 28 Nyakanga 2017.

Ibigo vya Nyabitare na Ruyigi vyo mu ntara ya Ruyigi bikazokwakira abantu 2062, harimwo 1453 bava mu ntara ya Ruyigi, 557 bo mu ntara ya Cankuzo hamwe n’abashika 52 bo mu ntara ya Gitega bakazoshikanwa ku magenekerezo ya 7,12 Nyakanga hamwe no ku magenekerezo ya 24,26 na 31 Gitugutu 2017.

Ikigo ca Songore kiri mu ntara ya Muyinga kikazokwakira abashika 1281 bava mu ntara ya Muyinga, 928 bo mu ntara ya Kirundo, 65 bo mu ntara ya Kayanza hamwe n’abashika 257 baturuka mu ntara ya Karusi.

Igice ca kabiri co gutahukana abo barundi kikazotangura kw’igenekerezo rya mbere Munyonyo gushika 31 Kigarama 2017, aho hakazotahukanwa abarenga ibihumbi 5.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.