Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu 60 bishwe mu bumanuko bwa Libiya
Abantu 60 bishwe mu bumanuko bwa Libiya
vendredi 19 Rusama 2017, par
Nk’uko tubikesha i Radio y’Abongereza BBC, umuvugizi w’igisirikare ca Reta Khalifa Haftar amenyesha ko ikibuga c’indege ci Brak ali- Shati catewe n’abagwanyi bo mu mugwi wiyita Third Force, uwo murwi ukaba ariwo wagirizwa ko wakoze ico gitero.
Ako karere gaherereye mu bumanuko bwa Libiya niko gahanzwe amaso na benshi bitumwe n’ukutumvikana hagati y’abashigikiye Reta y’i Tripoli yemewe n’amakungu hamwe n’abatemera iyo Reta.
- Umuvugizi w’igisirikare ca Reta Libiya, Khalifa Haftar
Muri uku kwezi kwa Rusama, umukuru w’ingabo za Libiya, Khalifa Haftar, yaragiranye umubonana n’umuyobozi mukuru wa Reta y’i Tripoli mu nzira yo gutorere umuti iyo mishamirano ituruka mu bumanuko bw’ico gihugu.
Igihugu ca Libiya cinjiye mu ndyane z’intamabara , inyuma y’aho intwaro y’umuhisi Colonel Muammar Kaddaffi isenyuwe kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2011.
Messages
20 Rusama 2017, 17:58, par samuel
njye ndabona igihugu cya lybia cyo bera abany’afrika isomo. bakima amatwi abashaka kubavutsa umutekano wabo!