IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu babiri bishwe nibo bavugwa mu cegeranyo ca SOS-Torture

Abantu babiri bishwe nibo bavugwa mu cegeranyo ca SOS-Torture

lundi 28 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko mu ndwi yo kuva kuwa 19 gushika kuwa 26 Munyonyo 2016 abantu babiri aribo bishwe, abo nabo akaba ari umusirikare w’igihugu yarasiwe mu Ngagara n’abantu bataramenyekana, hamwe n’umwana yishwe na gerenade yariko arakinisha i Bubanza, iyo gerenade ikaba yari iya se, asanzwe ari mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Icegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture kivuga ko abandi bagera kuri 35 aribo bahagaritswe, muribo iryo shirahamwe rikavuga intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi (Colonel Dieudonné Dushimagize) apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Iryo shirahamwe ririyamiriza imyiyerekano iherutse kugirwa n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD mu gihugu cose, aho urwo rwaruka rwari rwitwaje ibirwanisho bibajwe mu biti. Kubw’iryo shirahamwe ivyo vyerekana ko urwo rwaruka rukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare igamije gutera ubwoba abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.


IGIHE

Messages

  • UKO NUKUTAGIRUBWENGE RABA IVYANYU CNDD EFDD IZOKWAMAHO KANDI IZOGUMAHO REBA RERE IBANDI MUVUGA MUZOTINDA MUNUME

  • Ariko Abanyamakuru Bivyobinyamakuru Murantwenza Ese Mubamwabuzivyo Mwandika Nkiyonkuru Kubwanje Ntacimaze Muzemurebibintu Bifisakamaro Arivyomwandika Cankemwandika Ibibanezereyegusa? Komutatubwiye Ivyumukuru Wa Cndd Fdd Yavugiye Murumonge? Nkekayavuze Ibitabaryohera Niyompamvu Mutarabivuga?

  • Ivyo birwanisho nibabirunde bibaza ngo namateke barunze mumazu, umusi vyabasambukanye bizoho bisiga iminzerere gusa. Burya rwigikoba cikwegera umuriro, aboba CDD FDD babirunda ngo nivyo kwicisha abatutsi, araho bizohera kubomunzuyiwabooooo.

  • Turaremesha Uburundi Na,abarundi Kumigumuko Nubwicanyi Vyarenzurugero,ariko Ntamvura Idahita. Mbuga Uwomugabo yaratunze Grenade Vzari Vyemewe Namategeko?Mbega ubutungane Bwakoze iki?Abobiyomigumuko Bitwaziterabwoba Nibahagarike Igihe Caraheze Kandi Ubuvngane Bukore.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.