Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bagera kuri 50 bishwe n’indege y’igisirikare ca Nigeria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abantu bagera kuri 50 bishwe n’indege y’igisirikare ca Nigeria

Abantu bagera kuri 50 bishwe n’indege y’igisirikare ca Nigeria

mercredi 18 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Indege ya gisirikare yishe abanyagihugu bashika kuri mirongo itanu kuri uwu wa kabiri mu gihugu ca Nigeria, aho akaba ari mu gihe yari igamije gukora igitero ku bagwanyi ba Boko Haram, ibisasu vyayo bikaba vyahavuye bitumbera ahari impunzi.

Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari wa Nigeria yamenyesheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko ababajwe n’ico gitero cakozwe ku banyagihugu bo mu gisagara ca Rann, muri Reta ya Borno. Umukuru w’igihugu Buhari amenyesha ko abacitse kw’icumu bazoshumbushwa.

Ishirahamwe ry’Abaganga batagira imbibe, MSF mu mpfunyapfunyo, rimenyesha ko ico gitero cahitanye abantu bashika kuri mirongo itanu na babiri, nayo abashika kw’ijana na mirongo ibiri bakaba bakomeretse. Umuryango mpuzamakungu wa Croix Rouge watangaje ko nawo wabuze abantu batandatu mu banywanyi bawo.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko ico gitero kibaye mu gihe igisirikare ca Nigeria cari catangaje mu minsi iheze ko gisa n’icigaruriye akarere ka Borno, gacumbitswemwo n’abagwanyi ba Boko Haram. Imyaka umunani iraheze ako karere karangwamwo intambara yahitanye abantu bashika ku bihumbi amajana abiri, n’abaharugwa mu miriyoni zibiri bataye izabo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.