Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagabo cumi bafatiwe ku Mutakura bashitse mw’ibohero rya Mpimba
Abagabo cumi bafatiwe ku Mutakura bashitse mw’ibohero rya Mpimba
mardi 18 Gitugutu 2016, par
Abagabo cumi barimwo Salvator NAHIMANA umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi bari bafatiwe ku Mutakura kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2016 bashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri.
Abo bagabo bose bari bumvirijwe na Parake ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, ingingo y’ukubungururiza mw’ibohero rya Mpimba bakaba bayimenyeshejwe nk’igihe c’isaha icumi.
Ababanyi b’aho abo bantu bafatiwe bamenyesha ko bafashwe mu gihe bari mu nama y’ibikorwa vyo kw’isengero ryabo. Babonye umwe mu bajejwe intwaro, ari kumwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi, binjira mu nzu barimwo, baca bajanwa bose gupfungirwa muri zone Kamenge, aho baraye ijoro rimwe, mu nyuma bungururizwa mu gasho k’igendereza i Bujumbura.
Bagifatwa, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko abo bagabo bagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu, bakagirizwa kandi ko bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.
IGIHE
Messages
19 Gitugutu 2016, 08:51, par bano
uburundi burahanzwe,birashoboka,benshi barihisha inyuma yImana mugukora amabwa,musenyeri we ntiyatanguje sidumuja.nihatari
19 Gitugutu 2016, 22:52, par MELANCE
ABO BAGABO NTACO BAZIRA NAMBA BABAFASHE BARI MUNAMA NTAVYEMEZA BIHARIKO BARI MUYOGUHUNGABANYA UMUTEKANO.NIBAREKURWE
20 Gitugutu 2016, 05:41, par bacemwo
Jana muterereyo ngo amanama! izomba bibazako badahevye ivyo bari bagamije bas ha bose ninkifu yimijirano
20 Gitugutu 2016, 06:58, par Mavoko
Ntakundi
21 Gitugutu 2016, 07:56, par mzoyihera intagoheka
Haniwacu ntabacamanza bakirihe hasigaye irweri rweri, abashingantahe bukuri bazoboneka ryari ? burya uburundi bwacu bwagiye buhura nivyago kuko bwabuze abashingantahe bukuri. Abobantu bazize ubusa kuko ntakirwanisho bafatanwe, ntabifungurwa bagirizwa bafatanwe, ivyari vyiza bari kwerekana amakontinere bari bapakiye bashiriye abobarwanyi. Burya babwenke buke bariho, bibaza kotwese tutabona ukuri ahokuri? ,umurwanyi afise uburenganzira bwokuja gutora ivyokurya ahabibonye hose, nimba biri abisangayo, iryo nirementanya barementanirijwe.
22 Gitugutu 2016, 13:49, par Kwizera Vianney
None Bagirizwa Iki?
24 Gitugutu 2016, 14:56, par Barutwanayo mathias
Babafashe bakoze ikosa nyabaki?
11 Munyonyo 2016, 18:20, par Tuyishimire Samuel
Abobantu Bagirizwa Iki?Kugira Bajanwe Mumpimba Nkuru?